Ukraine - Russia: Kyiv ivuga ko ingabo zayo zateye intambwe ku rwasiro

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Jaroslav Lukiv i Londres & James Waterhouse i Kyiv
- Igikorwa, BBC News
Ingabo za Ukraine zivuga ko zateye intambwe mu micungararo ya Bakhmut, nk’uko bivugwa n’icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi, Hanna Maliar, akavuga ko iki gisagara ari co “gitsimbatayemwo intambara”.
Ntavuga nimba igitero co kwivuna kimaze igihe kirindiriwe coba catanguye.
Ku rundi ruhande, igisirikare c’Uburusiya kivuga ko casubije inyuma igitero gishasha ejo ku wa mbere mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko.
Bakhmut imaze amezi atari make irangwamwo intambara z’urutavanako. Nta kintu kinini imaze - ariko ni kirumara ku mpande zompi.
Ivyaraye bivuzwe ejo ku wa mbere na Ukraine hamwe n’Uburusiya ntibirahinyuzwa n’uruhande ataho rwegamiye.
Mu gaturuturu ko kuri uno wa kabiri, inzamba zo kugabisha ibitero vy’indege zasiranye mu masaha atari make muri Ukraine yose. Ku mugwa mukuru Kyiv, ibisasu vya misire vyose – birenga 20 – vyakorowe, nk’uko bivugwa n’abategetsi b’iki gisagara.
Mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro ejo ku wa mbere, umupfasoni Maliar yavuze ko "n’aho umwansi arwana yita arondera kugumana ibirindiro vyiwe, ingabo zacu zateye intambwe mu duce tutari duke muri iyo ntambara”.
Avuga ko muri Orikhovo-Vasulivka na Paraskoviivka, ingabo za Ukraine zateye intambwe kuva mu metero 200 gushika ku metero 1.600, mu gihe muri Ivanivske na Klishchiivka zateye intambwe kuva ku metero 100 gushika kuri 700.
Ibi bigwati vyose bine biri ku birometero bitari bike uvuye i Bakhmut.
Intambara yo kurwanira iki gisagara co mu ntara ya Donetsk niyo imaze igihe kirekire kandi imaze gutikiriramwo abatari bake.
Mu butumwa bwa videwo yasohoye mu masaha yitereye ya nijoro ku wa mbere, Perezida Volodymyr Zelensky yashimiye abarwanyi ba Ukraine batanze "ino nkuru twari twiteze" kuri Bakhmut.
Ati: "Umwansi arazi ko Ukraine izotsinda”.
Umurwi w’abacangero b’Abarusiya Wagner yari yavuze ko yigaruriye iki gisagara mu mpera z’ukwa gatanu.
Mu ndwi ziheze, bamwe mu bihweza ibintu n’ibindi bavuze ko ingabo za Kyiv ziriko ziragerageza kugota Bakhmut no guta mu mutego ingabo z’Uburusiya.
Igitero gikomeye ca Ukraine co kwivuna kimaze igihe kinini kirindiriwe ariko Kyiv ivuga ko itazorinda kugabisha mu gutangura.
Ibikorwa vya gisirikare vyariyongereye cane, aho Ukraine ivuga ko yateye intambwe ntoya ku zindi mpande z’urwasiro.
Aya makuru ya nyuma ariko afatwa nk’ikindi kimeyetso ko igitero ca Ukraine co kwivuna umwansi gishobora kuba catanguye.
Mw’itangazo ryasubiwemwo n’ibinyamakuru vya reta, bwavuze ko uruhande rwateye rwatakaje abatari bake, hamwe n’ibimodoka vy’intambara 28 - harimwo umunani zo mu bwoko bwa Leopards zahinguwe n’Ubudagi – vyasambuwe. BBC ntiyashoboye guhinyuza aya makuru.
Umukuru wa Wagner Yevgeniy Prigozhin yarasuzuguye ku mugaragaro ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi, aho mw’itangazo yavuze ko ari “amaruru gusa”.
Ibi bibaye haciye umusi umwe Moscou ivuze ko “igitero rurangiza” ca Ukraine mu ntara ya Donetsk cari catanguye ku wa Mungu – ariko kikaba kitagenze neza. Igisirikare ca Ukraine kivuga ko ata makuru gifise c’iki gitero gikomeye muri ako karere.
Videwo Uburusiya buvuga ko ari iy’intambara yo muri Donetsk yerekana ibimodokari vya gisirikare biriko birasha. Uburusiya buvuga ko bwishe ingabo 300 busambura n’ama-chars 16.
Umuvugizi wa gisirikare wa Ukraine yabwiye Reuters ati: "Iyo nkuru ntayo dufise kandi ntaco dushobora kuvuga ku makuru ayo ari yo yose y’ibinyoma”.
Hari vyinshi bimaze kuvugwa ku bijanye n’igihe hamwe n’ingene igitero ca Ukraine co kwivuna umwansi kizotangura.
Ukraine imaze amezi atari make itegura iki gitero. Ariko yasavye umwanya ukwiye ushoboka kugira ngo ibanze yigishe ingabo yongere ironke n’ibikoresho vya gisirikare bitangwa n’incuti zayo z’Uburengero.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire Dmytro Kuleba yavuze ko ubu igihugu ciwe gifise ibirwanisho bikwiye vyo gutangura igitero rutura ariko ntiyavuze nimba coba camaze gutangura, nk’uko vyandikwa na Reuters.
Abategetsi ba Kyiv bagabisha abanyagihugu kutavuga menshi kuri iki gitero, bakabona ko vyohava bifasha umwansi.
Mu butumwa bwa videwo buheruka gucisha ku mbuga ngurukanabumenyi, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga buti: "Integuro zikunda agacerere. Nta tangazo rizohaba ry’uko ibikorwa vyatanguye”.
Bizofata umwanya kugira ngo Ukraine ishike ku ntego yayo yo kubohoza ubutaka bwayo bwigaruriwe n’Uburusiya kuva mu myaka icenda iheze.
Kandi Moscou yararonse umwanya wo kwitegura. Ibi bisigura ko nimba Ukraine ishobora gukora igitero co kwivuna umwansi, kizofata igihe.
Ibintu ntivyoroshe kuko reta ya Kyiv ikeneye kwereka abanyagihugu ba Ukraine hamwe n’incuti zayo z’Uburengero, ko ishoboye kumenera mu birindiro vy’ingabo z’Uburusiya, ikisubiza tumwe mu turere twayo.
Hagati aho, Perezida Zelensky yabonanye n’umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire James Cleverly i Kyiv ejo ku wa mbere.
Perezida Zelensky yavuze ko baganiriye ku vyitezwe mu nama ya OTAN itegekanijwe i Vilnius mu kw’indwi hamwe n’ivyo Ukraine isaba ku mugambi w’amahoro.










