Imyaka 40 iraheze: Mbega AMB yarashoboye gufasha abaririmvyi b'Uburundi?

Ngabo Leonce afise igitari

Ahavuye isanamu, Ngabo Leonce

Insiguro y'isanamu, Umucuraranzi Ngabo Leonce afise igitari
    • Umwanditsi, Chancard abimana
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Mu gihe umuziki w'Uburundi ubandanya guhinduka uko imyaka ihera, ikibazo c'uruhara rw'amashirahamwe akingira abaririmvyi kirabandanya kwibazwa.

Ishirahamwe ry'abaririmvyi b'abarundi "Amicale des Musiciens du Burundi (AMB)" ryashinzwe mu 1986 n'umwe mu nararibonye z'umuziki w'Uburundi, Ngabo Léonce, rifise intumbero yo gukingira abaririmvyi no kubafasha gutera imbere mu mwuga wabo.

Ico gihe, umuziki w'Uburundi wari utanguye gukura, kandi hari icizere ko iryo shirahamwe rizoba inkingi ikomeye y'iterambere ry'abaririmvyi.

Ariko inyuma y'imyaka mirongo ine, abaririmvyi benshi baracibaza bati: mbega ivyo AMB yasezeranye vyoba vyarashitse ku rugero rwitezwe?

Aganira na BBC Gahuzamiryango, umukuru wa AMB Olivier Ndayishimiye, benshi bazi ku izina rya Bright, avuga ko ishirahamwe arongoye ryaranguye ibikorwa bitari bike mu gutunganya umwuga w'abaririmvyi no kubavugira.

Avuga ko AMB yagize uruhara mu gutuma umuziki w'Uburundi uguma uboneka mu Burundi no mu mahanaga mu kubungabunga inyungu z'abaririmvyi.

Abandanya avuga ko iryo shirahamwe ryafashije abatari bake kumenyekana aho atanga uburorero butari buke nk'abaririmvyi ba Rflow, the cousins n'abandi.

Ariko n'aho biri ukwo, hari abatabona neza ico iryo shirahamwe ryakoze canke ico ryabagejejeko ku giti cabo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umwe mu baririmvyi b'urunganwe rushasha, Armel Chabel Marial Ngendakumana, azwi nka Masterland, avuga ko "banezerejwe gusa n'uko ribaho" ariko ko "ataco ryabafashije" kubera "abagiye barakuranwa mu kuritwara ata gishasha bazanye"kandi ko "batakoreye ku bibazo vy'ukuri abaririmvyi bafise".

Abandanya ko kubera ico, abaririmvyi benshi bataragera aho usanga babeshejweho n'umuziki gusa.

N'aho anegura iryo shirahamwe, abandanya avuga ko hari n'ikibazo mu babririmvyi ubwabo aho benshi baza muri uwo mwuga atabumenyi bafise.

Aragiza avuga ko mu bindi bibazo bafise harimwo n'ukutagira uburyo bukomeye bukingira ibikorwa mvabwenge, mu gihe itegeko rijanye n'ukubakingira ritarashirwa mu ngiro neza.

Inzobere mu vy'umuziki zivuga ko umuziki ku rwego mpuzamakungu uriko urahinduka cane, cane cane kubera ubuhinga bwa none, imbuga ngurukanabumenyi n'uburyo bushasha bwo gukwiragiza indirimbo.

Bright na we aremera ko ibi bihe bishasha bisaba ko AMB ihindura ingene ikora, kandi avuga ko hari ingingo ziriko zirafatwa kugira ishirahamwe rishobore gufasha neza abaririmvyi muri ibi bihe bishasha.

Kuva kuri Sagamba ya Ngabo Léonce gushika kuri Sinzohinduka ya Masterland, canke kuva kubaririmvyi ba kera nka Mariya Rosa Twagirayezu gushika kuri bashasha nka Vania Ice, biraboneka ko umuziki w'Uburundi wagize urugendo rurerure kandi uguma uhinduka.

Ariko ikibazo nyamukuru gisigaye ni iki: amashirahamwe y'abaririmvyi azoshobora kwihutira guhindura ibintu kugira abaririmvyi bumve koko ko hari ico abamariye?

Ku baririmvyi benshi, kazoza k'umuziki w'Uburundi ntikazotezwa imbere n'impano gusa, ahubwo kazotezwa imbere n'ingene inzego zibaserukira zizoshobora gutorera inyinshu ibibazo vyabo vy'ukuri.