Monna Walda - Umurundikazi wa kabiri agize ibiteramo i Buraya inyuma ya Khadja Nin

Insiguro ya video, Monna Walda - Umurundikazi wa kabiri agize ibiteramo i Buraya inyuma ya Khadja Nin

Monna Walda Kaneza, abakunzi b'umuziki mu Burundi bazi kw'izina rya Mow Kenzie ni umwigeme akunzwe cane n'abakunzi b'umuziki mu Burundi, cane cane abakiri bato.

Hari abigeme b'Abarundikazi basigaye biyita Mow Kenzie.

Mu mpera z'umwaka uheze, Monna Walda Kaneza, umurundikazi w'imyaka 26 yararemesheje ibiteramo mu bihugu vya Buraya guhera mu ntango y'ukwezi kwa Munyonyo(11).

Ni we mwigeme wa mbere w'Umurundikazi muri ino myaka 30 iheze agize ibiteramo azunguruka mu bihugu vya Bulaya, inyuma y'uwundi murundikazi yigeze kuba rurangiranwa mu mpera y'imyaka 80, Jeanine Rema azwi cane kw'izina rya Khadja Nin.

Mo'w Kenzie asanzwe avuka mu muryango usa n'uwifise mu gihe mu Burundi hari ababona umuziki ko ari umwuga w'abantu bava mu makaritiye abayabaye n'imiryango ikenye.

Monna Walda Kaneza

Ahavuye isanamu, MONNA WALDA KANEZA