Mbega nivyo umukobwa wa Kim yoba agiye kuba umukuru wa Korea ya Ruguru?

N/A

Ahavuye isanamu, KCNA VIA KNS via AFP

Insiguro y'isanamu, Kim Jong Un n'umukobwa wiwe Ju Ae mu karere ka Hwasong mu gisagara ca Pyongyang
Igihe co gusoma: iminota 4

N'aho uwutwara Korea ya Ruguru Kim Jong Un yatera ubwoba Koreya y'Epfo kandi arahira ko azoguma yagura imigambi yiwe y'ibirwanisho ruhonyanganda mu nama y'umugambwe, ivyiyumviro vy'abantu vyo vyari ku kindi kibazo: nimba umukobwa wiwe w'imyaka 13, Kim Ju Ae, ariko arategurwa ngo abe uwuzomukurikira.

Nta vyemezo vy'ubutegetsi vyasohotse, ariko iyo mpari irabandanya gukomera cane.

Igisata c'iperereza ca Koreya y'Epfo giherutse kubwira abashingamateka ko cizera neza ko Kim yatoye umukobwa wiwe ngo abe samuragwa kandi ko amaze kuboneka atanga ivyiyumviro ku bibazo vy'ubutegetsi.

Nimba ari ukuri, vyoba ari igihe gihambaye kuri ico gihugu c'ibanga c'abantu imiliyoni 25, kimaze gutwarwa n'abagize umuryango waba Kim gusa.

Ukuboneka cane kwa Ju Ae mu bantu benshi muri iki gihe vyatumye abantu bavyiyumvira.

Naho Koreya ya Ruguru itigeze itangaza izina ryiwe canke imyaka yiwe, abahinga mu vy'ubuhinga bwa none bavuga ko afise nk'imyaka 13.

Yabonetse ubwa mbere ku mugaragaro mu 2022, afashe ukuboko kwa se wiwe igihe yariko arasuzuma igisasu.

Kuva ico gihe, ibinyamakuru vya Leta vyagiye biramushira ahantu heza iruhande ya Kim, rimwe na rimwe bikamuvuga mu majambo meza asanzwe agenwe umurongozi mukuru w'ikirenga.

Ifoto ya Ju Ae ariko ararasa inkoho

Ahavuye isanamu, KCNA

Insiguro y'isanamu, Ifoto ya Kim Ju Ae ariko ararasa inkoho
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umuhinga akurikirana ivya Korea ya ruguru, Cheong Seong-chang, avuga ko ivyo bimenyetso ari ibigirankana.

Avuga ko uyu mukobwa akunda kuboneka mu bikorwa vya gisirikare, aho abajenerali bakuru babonetse bapfukamye kugira bavugane na we.

Kubera ko ububasha bwa Kim Jong Un bushingiye ahanini ku kugenzura igisirikare, Cheong yemera ko ivyo bintu bifise intumbero yo kwubaka icizere c'uyu mwigeme nk'umukuru w'igihugu wa kazoza.

Avuga kandi ko Kim ashobora kumushikiriza hakiri kare kugira ngo yirinde ugusubirira bukwi na bukwi nk'ukwaranze ukwinjira kwiwe ku butegetsi mu 2011.

Ariko amakenga aracari menshi.

Uwahoze ari umudipolomate wa Korea ya Ruguru, Ryu Hyun-woo, yavuye mu gihugu mu 2019, akekeranya ko ico gihugu cokwemera umukuru w'igihugu w'umugore.

Naho Ju Ae ari uwo mu muryango w'aba Paektu uri ku butegetsi, Ryu avuga ko imico ya Korea ya Ruguru igabanya ububasha bw'abagore mu butegetsi.

Abategetsi b'abagore n'abakuru b'igisirikare baracari imbonekarimwe, kandi inyifato mu kibano akenshi yerekana ivangura rikomeye ry'ibitsina.

Ryu yemera ko Kim ashobora kuba ahubwo ariko yerekana umukobwa wiwe kugira yorohereze ishusho yiwe no gushimangira iciyumviro c'ubutegetsi busigaranwa mu muryango, aho kuba ariko aramutegurira ubutegetsi.

Araburira kandi ko kugira umusubirizi w'umugore bishobora mbere no guhungabanya abakuru bakuru b'igisirikare.

Prezida Kim ariko arashisha inkoho umukobwa wiwe ari iruhande arebesha jumelles/binoculars

Ahavuye isanamu, KCNA

Insiguro y'isanamu, Prezida Kim ariko arashisha inkoho umukobwa wiwe ari iruhande arebesha jumelles/binoculars

Abandi bahinga ntibemera ivyo.

Umushakashatsi yitwa Song Hyun-jin, yabajije ibibazo abantu barenga 120 bahunze, avuga ko uruhara rw'abagore muri Korea ya Ruguru rwahindutse cane kuva inzara y'agahomerabunwa yo mu myaka ya 1990.

Uko ubutunzi bwa reta bwagenda burahungabana, abagore bararushiriza kuba abatunga umuryango biciye mu masoko no mu bucuruzi buto buto.

Muri iki gihe, abagore barashobora gusangwa bayobora amahinguriro kandi bafise ibibanza mu migambwe mu gihugu.

Song avuga ko Kim Jong Un niyagena Ju Ae ngo abe umusubirizi wiwe, uruvyaro rwiwe rw'abanyacubahiro n'ishusho yiwe y'abantu benshi yoshobora gusumba intambamyi z'uburinganire.

Avuga ko mu muco wa politike wo muri Korea ya Ruguru umeze nk'ubwami, ukwizera no kugamburukira umuryango uri ku butegetsi kenshi biruta ibindi vyose.

N/A

Ahavuye isanamu, KCNA VIA KNS via AFP

Insiguro y'isanamu, Ju Ae ariko arasuzuma ibisasu ari kumwe na se wiwe .

Impinduka za politike ziherutse kuba zarahinduye ibintu.

Mushiki wa Kim, Kim Yo Jong, yaradugijwe mu kibanza c'umushikiranganji ajejwe gukwiragiza amakuru, intambwe Cheong avuga ko ari yo imufasha gukingira kazoza ka Ju Ae.

Gushika ubu, nta kimenyetso ntabanduka cerekana uwo mugambi wo kumusubirira kiraboneka.

Ariko abasesanguzi bemeranya ku kintu kimwe: nimba Ju Ae azoba umukuru w'igihugu canke atazoba umukuru w'igihugu, ico kiganiro ubwaco kirafasha inyungu za Kim Jong Un mu gushimangira uruhara ruhambaye rw'uwo muryango muri kazoza ka politike ya Korea ya ruguru.