Kim Jong Un yatoye umukobwa wiwe abe ari we azomusubirira ku butegetsi - Niko Koreya y'Epfo ivuga
- Umwanditsi, Jake Kwon
- Igikorwa, Seoul correspondent
- Igihe co gusoma: iminota 3
Kim Jong Un atwara Korea ya Ruguru yahisemwo umukobwa wiwe Kim Ju Ae kugira azomusubirire ku butegetsi nk'uko vyemezwa n'ikigo c'iperereza ca Koreya y'Epfo (NIS).
Ico cemezo kije inyuma y'uko uwo mwana amaze iminsi aboneka cane mu bikorwa bikomeye vya reta, aho akunze kwifadikanya na se mu migirwa ifatwa nk'ifiyise insiguro za politike zikomeye.
Kim Ju Ae, bivugwa ko yoba ubu afise hafi imyaka 13, yabonetse ku mugaragaro mu 2022, igihe yaherekeza se mu kugenzura igisasu kirekire gishobora gushika kure cane.
Kuva ico gihe, yagiye araboneka kenshi mu binyamakuru vya leta, mu birori vya gisirikare, imisi mikuru y'igihugu n'ingendo za reta, harimwo n'urugendo ruheruka i Beijing.
Abasesanguzi bavuga ko ukwo kwibonekeza kwiwe kwerekana ubutumwa bufise insiguro ikomeye muri Koreya ya Ruguru amafoto n'aho umuntu ahagaze mu birori vya leta, igihugu aho kugenzura amafoto y'abategetsi bikorwa ku rugero rwo hejuru cane.

Ahavuye isanamu, EPA
Abashingamateka ba Koreya y'Epfo, bisunze amakuru y'iperereza, bavuga ko Kim Ju Ae atakigarukira ku kwerekanwa ku banyagihugu gusa, ahubwo ashobora kuba ageze ku rwego rwo kwemezwa nk'uwuzosubirira se.
Amakuru yemeza ko yama ashirwa mu kibanza kiboneka mu bikorwa bikomeye, kandi rimwe na rimwe akaba aja iruhande ya se aho kuja inyuma yiwe, ikintu kidakunze kuboneka mu mico y'ubutegetsi bwa Koreya ya Ruguru.
Hari n'abavuga ko amaze gutangura kugira ico avuze ku bijanye n'ingingo zimwe zimwe za leta.
Kim Ju Ae ni we mwana wenyene azwi ku mugaragaro wa Kim Jong Un n'umugore wiwe Ri Sol Ju, naho iperereza rivuga ko ashobora kuba afise umuhungu mukuru atigeze yerekwa abanyagihugu.
Amakuru y'uko Kim Ju Ae abaho yatanguye kumenyekana mu 2013, inyuma y'uko umukinyi w'umukino wa basketball wo muri Amerika Dennis Rodman avuze ko yamubonye akiri uruhinja igihe yari yagendeye Koreya ya Ruguru.
Ivy'uko umukobwa ashobora kuja ku butegetsi biboneka nkibizotera ibibazo mu gihugu gifise imigenzo ishira imbere abagabo mu butegetsi.
Kuva kera, ubutegetsi bwagiye buraherekanwa n'umuryango waba Kim kandi bose ari abagabo.
Ariko mushiki wa Kim Jong Un witwa Kim Yo Jong, afise ikibanza gikomeye mu butegetsi, bikerekana ko n'abagore bashobora kugira ububasha ijambo rikomeye muri iyo reta.
Abakurikiranira hafi ibijanye na Koreya ya Ruguru baribaza kandi igituma itegurwa ryo gusubiriza ubutegetsi ritanguye kare, kandi Kim Jong Un akiri muto kandi asa n'uwufise amagara meza.
Ntibiramenyekana neza ico ubuyobozi bwa Kim Ju Ae bwoshobora kuzana mu gihe kiri imbere. Igihe Kim Jong Un yaja ku butegetsi, benshi bari biteze ko ico igihugu kizokwugururira isi, ariko ivyo ntivyabaye.
Kuva ubu, abasesanguzi bavuga ko ukuboneka cane kwa Kim Ju Ae kwerekana ko ariko arategurirwa neza gufata ubutegetsi mu gihe kirekire, naho ivyo bishobora guhinduka kuko kazoza ka Koreya ya Ruguru kataramenyekana neza.














