Amato, indege, na gari ya moshi itamenwa n'amasasu: Raba ingene Kim Jong Un afata ingendo zo hanze

Kim Jong Un aramutsa imbere yo kwinjira muri gari ya moshi mu rugendo rwiwe ruheruka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kim Jong Un aramutsa imbere yo kwinjira muri gari ya moshi mu rugendo rwiwe ruheruka

Indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong Un agiye mu gisagara ca Vladivostok kiri ku kivuko akoresheje gari ya moshi idatoborwa n’amasasu aho agiye kubonana na Perezida Vladimir Putin.

Nk’uko biri mu mugenzo w’igihe kirekire mu ndongozi za Korea ya Ruguru, Kim ashobora kumara amasaha arenga 20 mu rugendo rwiwe rw’ibirometero 1180 muri iyi gari ya moshi igenda bukebuke – ivugwa ko irimwo n’uburiro butanga imivinyu myiza y’abafaransa n’imfungurwa ziteye igomwe.

Iyi gari ya moshi igenda ku muvuduko wa kilometero 59 kw’isaha (59km/h) kubera ubwirinzi bwayo ntamenwa buremereye cane.

Igereranijwe n’izindi, gari ya moshi inyaruka ya Londres ifise umuvuduko w’ibirometero 200 kw’isaha, mu gihe iy’Ubuyapani nayo y’umuvuduko munini cane Shinkansen ishobora gushika ku birometero 320 kw’isaha.

Uru rugendo rurerure kandi rutumwa n’uko rimwe na rimwe amabarabara y’indarayi ya Korea ya Ruguru asanzwe ashaje.

Iyi gari ya moshi yahawe izina rya Taeyangho, ijambo ry’ururimi rw’Igikoreya risigura izuba, kandi rikaba ari ikimenyetso fatiro c’uwatanguje Korea ya Ruguru, ari we Kim Il Sung.

Gari ya moshi si ikintu gishasha

Umugirwa wo gufata ingendo ndende na gari ya moshi watangujwe na Kim Il Sung – sekuru wa Kim Jong Un – yafata gari ya moshi yiwe bwite mu ngendo yakora muri Vietnam n’Ubulaya bw’Ubuseruko.

Izi gari ya moshi nziza cane ngo ziracungerewe bikomeye n’abajejwe umutekano babanza gutata amayira hamwe n’ibituro biba biri imbere kugira ngo barabe ko ata mabombe yoba yahatezwe canke ibindi bishobora guhungabanya umutekano.

Se wa Kim Jong Un, Kim Jong Il, yarongoye Korea ya Ruguru kuva mu 1994 gushika apfuye mu 2011, avugwa ko yafata ingendo na gari ya moshi kubera yatinya kugendera mu ndege.

Kim Jong Il yaravuzwe cane igihe afata urugendo rw’imisi cumi kugira ashike i Moscou mu 2001 mu mubonano na Perezida Putin.

Gari ya moshi ntamenwa ya Kim Jong Il yinjira i Moscou mu 2001

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gari ya moshi ntamenwa ya Kim Jong Il yinjira i Moscou mu 2001
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukuru w’igisirikare c’Uburusiya Konstantin Pulikovsky yaherekeje uyo yahoze ari indongozi ya Korea ya Ruguru muri uru rugendo rwo mu 2001, aravuga ingene vyari biryoshe mu gitabo ciwe yise Orient Express.

"Warashobora gusaba indya izo ari zo zose zo mu Burusiya, mu Bushinwa, muri Korea, mu Buyapani no mu Bufaransa”.

Aribuka ingene imfungurwa zo mu mazi bagenda bazitekeye kugira ngo bumve ubu buryohe bw’izi mfungurwa zo mu mazi zikiri mbisi, mu gihe amakarato y’umuvinyu avuye i Bordeaux na Bourgogne yatumweko avuye i Paris.

Eka na gari ya moshi ya Putin bwite "ntiyari ifise uburyohe nk’uburi mu ya Kim Jong Il", nk’uko abivuga.

Uwundi Murusiya yahoze akora mu gisata c’imigenderanire, Georgy Toloraya, yanditse mu 2019 ku vyo yabonye igihe agendera muri iyo gari ya moshi nyene mu 2001. Aribuka imfungurwa zafatwa ko ari iz’iteka, nk’inyama z’indogobwe na abalone – ubwoko bw’inyamaswa zo mu mazi – zatekewe zivanywe i Pyongyang. Ikinyobwa gikunzwe cane kunyobwa mu Burusiya, vodka, naco nyene carimwo.

Aba Barusiya bompi baravuga ingene abanyatugenegene n’abaririmvyi bateramisha ingenzi zari muri iyi gari ya moshi.

Ibinyamakuru vya reta ya Korea ya Ruguru vyavuze ko Kim Jong Il yishwe n’umutima mu gihe yari mu rugendo na gari ya moshi mu 2011.

Muri Munyonyo (11) 2009, ikinyamakuru co muri Korea y’Epfo cegamiye ku ruhande rw’abagendera ku mico ya kera, Chosun Ilbo, gisohoka buri musi, canditse ko iyi gari ya moshi ntamenwa iba ifise amabehewa yababa 90.

Iyi gari ya moshi isa n’urwatsi ikaba ifise n’umurongo usa n’umuhondo ifise kandi n’ivyumba vy’amanama, ivyumba vyo kwakiriramwo abantu, ivyumba vy’uburyamo, hamwe n’amaterefone akorana n’ibigendajuru (telephones satelitaires), be n’amateleviziyo yo gutangiramwo amanama.

Ayandi masanamu yerekana amabehewa yuzuye intebe z’inyegamo zitukura.

Kim Jong Un ashobora kuba adafise ubwoba bwo kwurira indege nk’ubwo se yari afise, kuko amaze gufata ingendo zitari nke n’indege yiwe bwite yakorewe mu Burusiya.

Kim Jong-un n'umugore wiwe Ri Sol-ju bari mu mubonano n'abategetsi bari mu rugendo muri gari ya moshi y'ino ndongozi ya Korea ya Ruguru

Ahavuye isanamu, KCNA

Insiguro y'isanamu, Kim Jong-un n'umugore wiwe Ri Sol-ju bari mu mubonano n'abategetsi bari mu rugendo muri gari ya moshi y'ino ndongozi ya Korea ya Ruguru

Ariko igihe yaherukira kubonana na Putin i Vladivostok mu buseruko bw’Uburusiya mu 2019 – mu caboneka ko ari rwo rugendo rwa nyuma Kim agize mu mahanga – na ho nyene yahashitse na gari ya moshi. Yakiriwe n’abategetsi bamwakiranye umukate n’umunyu bigize umuco.

Indege ziwe bwite

Hampande ya za gari ya moshi, Kim akunze kandi kuboneka afashe ingendo akoresheje uburyo bwo kwiyunguruza buteye igomwe bwerekana ishusho itandukanye n’iy’ubuzima bubi abanyagihugu ba Korea ya Ruguru babayemwo.

Nk’uwize kw’ishure ry’uburaro mu Buswisi, Kim Jong Un aramenyereye ingendo z’indege.

Muri Rusama (5), 2018, yakoze urugendo rwiwe rwa mbere hanze y’igihugu n’indege kuva ashikiriye ubutegetsi, mu gisagara ca Dalian mu Bushinwa, aho yari agiye kubonana n’umukuru w’iki gihugu Xi Jinping.

Ibinyamakuru bivuga ko imbere y’aha amaze gukoresha indege yiwe bwite mu ngendo zo hagati muri Korea ya Ruguru.

Iyi ndege yamutwaye mu Bushinwa yari indege yo ku gihe c’intwaro y’Abasoviyeti, Ilyushin-62 (Il-62) yafata ingendo ndende.

Abanya-Korea ya Ruguru bakunze gusoma urubuga ngurukanabumenyi NK News bavuga ko abanyagihugu bayita "Chammae-1", ikaba yitiriwe palombe/goshawk, inyoni y’indangagaciro y’ico gihugu yo mu bwoko bw’inuma.

Indege IL-62 yakoreshejwe mu kurerura intumwa za Korea ya Ruguru mu nama ya Olemkipe mu 2018 muri Korea y’Epfo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Indege IL-62 yakoreshejwe mu kurerura intumwa za Korea ya Ruguru mu nama ya Olemkipe mu 2018 muri Korea y’Epfo

Uruhande rwo hanze rw’iyi ndege rwanditseko izina ry’iki gihugu mu rurimi rw’igikoreya ku mpande zompi, imbere y’iri zina hakaba hari ibendera ry’igihugu. Umurizo wayo ucapuyeko inyenyeri itukura iri mu mizingi y’ibara ritukura n’iry’ubururu.

Imbere muri iyi ndege hubatswe mu buhinga bwa none, mbere Kim rimwe na rimwe arifotorezamwo ari mu rugendo ari ku bikorwa, arongoye n’amanama.

Chammae-1 yaravuzwe cane igihe irerura intumwa za Pyongyang zo ku rwego rwo hejuru, harimwo na mushiki wa Kim, Kim Yo Jong, izitwara muri Korea y’Epfo mu nama ya Olemkipe mu 2018.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Korea y’Epfo, Yonhap, ryavuze ko iyi ndege yakoresha inomero ndangandege "PRK-615", ishobora kuba yari ikimenyetso c’itangazo rusangi ryo ku wa 15 Ruheshi (6) hagati ya Korea ya Ruguru na Korea y’Epfo ryateweko igikumu n’ibi bihugu vyompi mu 2000.

Kim amaze kuboneka kandi agendera mu ndege yo mu bwoko bwa Antonov-148 (AN-148) yakorewe muri Ukraine, iriko ikimenyetso c’ikompanyi y’indege Air Koryo, mw’ireresi yacishijwe ku mboneshakure ya reta Korean Central Television, mu 2014.

Mu 2015, ibinyamakuru vya reta ya Korea ya Ruguru vyanerekanye amashusho ya Kim Jong Un ariko anyonga indege iremurutse “yakorewe mu gihugu”, yongera kandi agendesha indege ya gisirikare AN-2 ifise amababa abir’abiri agerekeranye ku mpande zompi.

Amamodoka y’akaroruhore

Muri Ntwarante (3) 2018, Kim yafashe urugendo rwamushikanye ku mugwa mukuru w’Ubushinwa Pekin/Beijing ari muri gari ya moshi, ariko akaba yazungurutse hagati mu gisagara akoresheje imodoka yiwe bwite yo mu bwoko bwa Mercedes-Benz S-Class.

Nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru co muri Korea y’Epfo, JoongAng Ilbo, gisohoka buri musi, iyo modoka yagiye itwawe n’iyi gari ya moshi.

Iyi modoka yari yakozwe mu 2010 yaguzwe ku mafaranga yababa imiriyaridi zibiri z’ama-won (amafaranga ya Korea), ni ukuvuga imiriyoni 1.8 z’amadorari y’abanyamerika, nk’uko vyandikwa n’iki kinyamakuru.

Kim Jong Un arakorsha kandi n'amamodoka y'akaroruhore akaba akunda cane Mercedes-Benz S-Class

Ahavuye isanamu, KOREA SUMMIT PRESS POOL

Insiguro y'isanamu, Kim Jong Un arakoresha kandi n'amamodoka y'akaroruhore akaba akunda cane Mercedes-Benz S-Class

Iyi modoka S-Class ikunzwe cane na Kim yaramamaye cane mu gihe c’ihuriro rya 2018 ryahuje ibi bihugu bibiri vya Korea ahitwa Panmunjom, igihe ayinyonga mu kujabuka urubibe abajejwe gucungera umutekano wiwe biruka bayihagatiye.

Urugendo rwiwe aja muri uno mubonano ruvugwa kandi ko rwarimwo imodoka yiwe bwite y’akazu ka surumwe, akoresha mu kwihagarika iyo ari ku rugendo.

Ibi kandi vyaravuzwe mu nkuru yo mu 2015 y’ikinyamakuru ca Seoul, DailyNK, gicishwa ku rubuga ngurukanabumenyi, cavuze ko muri imwe mu modoka zirinda amasasu (blindés/armoured) ntamenwa za Kim harimwo iyagenewe ubwiherero.

Ubwato bw’igitagaza

Ibinyamakuru vyo muri Korea ya Ruguru vyerekana iyi ndongozi ariko agendera mu mato, mu bwato bugendera musi y’amazi, mu mabisi (bus/buses) eka no mu ngendeshwa yunguruza abakina umukino wa ski, izwi nka remontée mécanique/ski lift.

Igihe ibinyamakuru vya reta vyashira ahabona amasanamu y’urugendo rwiwe ku gituro c’uburovyi ca gisirikare muri Rusama (5) 2013, NK News, yabonyemwo ubwato.

Nta cemezo nyaco cerekana ko ubu bwato bugereranywa ko bufise agaciro k’imiriyoni indwi z’amadorari y’abanyamerika bwari ubwa Kim, canke ingene bwinjijwe mu gihugu mu gihe igihugu ciwe kiri mu bihano vyo kutinjiza ibintu vy’agaciro.

Ariko uravye igiciro, ibimenyeshamakuru mpuzamakungu bitari bike vyerekanye ko ubu bwato ari ubw’iyi ndongozi y’iki gihugu.

Muri Ruheshi (6) 2015, iradiyo Radio Free Asia ifise icicaro i Washington yavuze ko umushakashatsi yabonye ikibuga gishasha c’indege za kajugujugu ku nyubakwa ya Kim iri ku nkombe y’ikiyaga mu ntara ya Pyongan y’Epfo.

Uyu mushakashatsi asanzwe akora ku kigo US-Korea Institute of the Johns Hopkins School of Advanced International Studies, avuga ko iki kibuga c’indege zo mu bwoko bwa kajugujugu gishobora kuba gikoreshwa n’umuryango wa Kim canke abashitsi.