Korea ya Ruguru: Ni igiki twokwitega kuri Kim Jong-un mu 2023?

Kim

Ahavuye isanamu, KCNA

Umwaka urangiye wa 2022 wabayemwo ibintu bitari bwigere bibaho muri Korea ya Ruguru.

Yarekuye igitigiri kitari bwigere kibaho c’ibisasu vya misire mu mwaka umwe rudende.

Ni nawo mwaka Kim Jong-un yatangarijemwo ko Korea ya Ruguru ari igihugu gitunze ibirwanisho vya nikleyeri kandi ko ari ntasubir’inyuma.

Ibi vyatumye icuka mu kigwa ca Korea ciyongera ku rwego rwo hejuru kuva mu 2017, aho uwari umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ico gihe Donald Trump yagabishije Korea ya Ruguru ko ashobora guhura "n’umuriro n’uburakari ".

None ni igiki kigiye gukurikira?

Kubandanya umugambi wo guhingura ibirwanisho vy’ubumara

Mu 2022, Korea ya Ruguru yarateye intambwe mu guhingura ibirwanisho. Yatanguye umwaka mu kugerageza misire ziraswa ku ntera ngufi zifise intumbero yo gutera Korea y’Epfo, zikurikirwa z’izindi zo ku ntera igereranye zifise intego yo kurasa Ubuyapani.

Gushika mu mpera z’umwaka, yarashoboye kugerageza misire yayo ya mbere irasa kure - Hwasong 17, izwi ko ishobora gushika aho ari ho hose ku butaka bwa Amerika.

Kim kandi yasubiyemwo intego ziwe mu bijanye n’ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’ubumara. Inyuma y’aho atangarije ko Korea ya Ruguru ari igihugu gitunze ibirwanisho, mu kw’icenda, yamenyesheje ko ibi birwanisho atari gusa ivyo gukoresha mu kubuza ntambara, yavuze ko bishobora no gukoreshwa mu kwivuna no gutera, mu ntumbero yo gutsinda intambara.

Uko umwaka wagenda wegereza ku mpera, yakoranije abajejwe uburongozi bw’umugambwe wiwe, umugambwe w’abakozi, aho yashize ahabona intumbero ziwe mu 2023.

Hejuru y’ibi vyose ni “ukwongereza ku rugero runini cane” ibirwanisho vy’ubumara. Muri ibi nk’uko abivuga, harimwo guhingura ibirwanisho vy’ubumara bito bito n’ivyo gukoresha mu ntambara, ibi bigashobora gukoreshwa mu ntambara na Korea y’Epfo.

Iki nico kintu gikomeye cane, nk’uko bivugwa na Ankit Panda, umuhinga mu bijanye n’ibirwanisho vy’ubumara mu kigo Carnegie Endowment for International Peace.

Korea ya Ruguru yarekuye igisasu cayo ca mbere gikomeye ca ICBM gushika ubu mu mpera za 2022

Ahavuye isanamu, KCNA

Insiguro y'isanamu, Korea ya Ruguru yarekuye igisasu cayo ca mbere gikomeye ca ICBM gushika ubu mu mpera za 2022
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu guhingura ibirwanisho vy’ubumara bishobora gukoreshwa mu ntambara, Korea ya Ruguru itegerezwa ubwa mbere na mbere guhingura akabombe gato gashobora gutekerwa na misire ntoya. Amakungu ntararonka icemeza nimba Pyongyang yoba yarashoboye gukora iki kintu. Abajejwe igendereza bamaze umwaka wose wa 2022 barindiriye kubona nimba ishobora kugerageza iki kirwanisho co muri ubu bwoko ariko ntivyigeze biba – 2023 ushobora kuba umwaka nyawo wo gushika kuri ino ntambwe.

Ibindi biri ku rutonde rw’ibitegekanywa na Kim, ni ikigendajuru maneko, avuga ko kizorungikwa mu kirere mu mpera z’igihe c’ubukonje, hamwe n’ikindi gisasu rutura co mu bwoko bwa ICBM gishobora guterwa kuri Amerika gisumba igisanzwe kihari ubu.

Aha rero turashobora kwitega 2023 itandukanye na 2022, ayo Pyongyang izobandanya igerageza, itorosa yongera yagura n’ububiko bwayo bwa nikleyeri, yirengagije ibihano yafatiwe na ONU.

N’ikimenyamenya, amasaha adashika atatu gusa yinjiye mu mwaka mushasha, yari yamaze kugerageza igisasu cayo ca mbere ca misire.

Ariko, Panda avuga ko "misire hafi zose zoraswa mu mwaka uza zishobora kuba atari izo kugerageza, ahubwo zikaraswa mu rwego rw’imyimenyerezo, mu gihe Korea ya Ruguru ubu iriko yitegura gukoresha misire zayo mu ntambara yokwaduka”.

Hari ibiganiro bishoboka?

Hamwe n’uru rutonde runini rw’intego ziwe afise, nta mahirwe ahari ko iyi ndongozi ya Korea ya Ruguru ishobora guhitamwo gusubira mu biganiro na Amerika uno mwaka.

Ibiganiro vya nyuma vyo kurondera ingene umugambi wa Korea ya Ruguru wo guhingura ibirwanisho vy’ubumara wohagarara vyahagaze mu 2019, kandi kuva ico gihe Kim ntarigera yerekana ishaka ryo kuganira.

Kimwe mu vyo umuntu yokwiyumvira ni uko arindiriye gushika aronse inguvu nyinshi. Ntashobora gusubira ku meza y’ibiganiro aterekanye ko ashoboye ata nkeka kurimbura Amerika na korea y’Epfo.

Mu mwaka uheze ahubwo, Korea ya Ruguru yiyegereje Uburusiya n’Ubushinwa. Ishobora kuba iri mu nteguro yo guhindura poritike yayo ijanye n’imigenderanire, nk’uko bivugwa na Rachel Minyoung Lee, yigeze gukora nk’umuhinga w’ibibazo vya Korea ya Ruguru mu kiringo c’myaka 20 muri reta ya Amerika, ubu akaba ari mw’ishirahamwe Open Nuclear Network.

Uyu mupfasoni avuga ati: "Niba korea ya Ruguru itakibona ko Amerika ari nkenerwa ku mutekano wayo n’ukubaho kwayo, bizogira ingaruka zikomeye ku kungene ibiganiro bizoba bimeze muri kazoza”.

Icuka kibi ku kigwaca Korea

Hamwe n’ivyo, ibintu bigenda bimera nabi ku kigwa ca Korea.

Igihe cose harinze hikekwa “agasomborotso” kagizwe na Korea ya Ruguru, Korea y’Epfo - rimwe na rimwe na Amerika – ica yihora.

Ibi vyatanguye mu kwa gatanu 2022, aho Korea y’Epfo ironkeye umukuru w’igihugu mushasha, yiyemeje kudashishitira Korea ya Ruguru.

Perezida Yoon Suk-yeol agendera ku ciyumviro c’uko inzira nyayo yo guhagarika Korea ya Ruguru ari ukwishura hakoreshejwe inguvu za gisirikare.

Yarasubiriye gukorana na Amerika imyimenyerezo rusangi, ivyo Korea ya Ruguru yiyamirije maze ica itangura gutera ibindi bisasu vya misire.

Mw'ijambo ry'umwaka mushasha Kim yiyemeje kwongereza ibirwanisho vy'ubumara

Ahavuye isanamu, KCNA

Insiguro y'isanamu, Mw'ijambo ry'umwaka mushasha Kim yiyemeje kwongereza ibirwanisho vy'ubumara

Ibi vyatumye haba urukurikirane rw’ibikorwa vya gisirikare vyo kwihorana, aho buri ruhande rwaciye rugurura indege ku rubibe rw’urundi, no kurungika ibisasu mu Nyanja.

Mu ndwi iheze, ibintu vyarunyutse, igihe Korea ya Ruguru igururira giturumbuka indege zitanu zitagira abadereva (drone) mu kirere ca Korea y’Epfo. Korea y’Epfo yarananiwe no kuzikorora, ivyerekana ko hari agahaze mu gisata kijejwe gukingira ikirere, bituma kandi abanyagihugu basanzwe ba Korea y’Epfo bagira amakenga, mu gihe bari basanzwe batarajwe ishinga n’ibikorwa vya Korea ya Ruguru.

Umukuru w’igihugu yariyemeje ko Korea y’Epfo izokwihora kandi ko izohana Korea ya Ruguru ku gasomborotso ako ari ko kose.

Chad O'Carroll, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe Korea Risk Group, ikigo gikurikiranira hagufi Korea ya Ruguru, abona ko mu 2023 izi Korea zompi zishobora gutana mu mitwe, hagashobora kuba abapfa.

Agakosa kamwe gusa gashobora gutuma ibintu biyangara.

Ukuri ni uko Korea ya Ruguru igoye kumenya, kandi 2023 iboneka ko uzoba umwaka udatomoye kandi udatekanye nk’uwuheze.