Igitero ca Venezuela: Amayobera aracari menshi ku gitero catumye Maduro afatwa
- Umwanditsi, Gordon Corera
- Igikorwa, Security analyst
Inyuma y'indwi imwe habaye igitero gikomeye catumye umukuru w'igihugu ca Venezuela Nicolás Maduro n'umugore wiwe bafatwa bakajanwa muri Amerika, bimwe bimwe mu bijanye n'ingene vyagenze mu nteguro zaco bitanguye kuja ahabona, ariko hari vyinshi bikiri amayobera.
Igendereza
Iki gitero camaze amezi atari make gitegurwa hongera hegeranywa amakuru ya ba maneko. Muri Myandagaro (8), ikigo CIA kijejwe igendereza ryo hanze bivugwa ko carungitse muri Venezuela umurwi wa ba maneko baco biyoberanije.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika nta biro vy'ubuserukizi zifise muri ico gihugu, vyumvikana rero ko abari muri uno murwi batari kujayo nk'abakozi bo mu buserukizi, kandi bakorera mu karere katabaha nirwere. Bari barungitswe ku rubuga gutata hamwe no kurondera abantu bashobora gufasha.
Abategetsi ba Amerika bavuga ko bari bafise umuntu umwe yashoboye kubaha amakuru yose y'aho Maduro yashobora kuba ari, ibi bikaba vyagize uruhara rudasanzwe muri ico gitero.
Umwidondoro w'uno muntu mu bisanzwe ni ibanga ariko ntivyatevye kumenyekana ko yari "umuntu wo muri reta" ategerezwa kuba yari hafi cane ya Maduro mbere mu karwi k'abantu bakeya bamwegereye, vyatumye hamenyekana aho yategerezwa kuba ari buri gihe.
Ibi vyatumye abantu baguma bibaza uyo muntu uwo ari we hamwe n'amaherezo yiwe. Ariko umwidondoro wiwe gushika ubu uracari ikinyegezwa.
Ba maneko bari ku butaka baratanga amakuru begeranije, ubuhinga bwa none, nk'amakuru yegeranywa n'ibigendajuru, na bwo bukegeranya ayandi, vyose bishirwa hamwe maze bikoreshwa mu gutegura iki gitero ntahusha.

Ahavuye isanamu, @realDonaldTrump
Igikorwa nyezina
Urugero, umuvuduko, n'ukungene cagenze ni ibintu bitari bwigere biboneka.
David Fitzgerald yahoze ahagarariye ibikorwa vya CIA muri Amerika y'ubumanuko, kandi akaba yarakoze no mu gisata c'igisirikare ca Amerika gitegura imigambi, agira ati: "Iki kintu cagenze uko categuwe, intambwe ku yindi. Ibi ni ibintu bidakunze kuba.
"Si umukenyuro wa gisirikare ukora mu gikorwa nk'iki, ni igendereza".
Indege zababa 150 ni zo zakoze muri iki gitero, aho za kajugujugu zagendera hafi cane, nko ku metero 30 hejuru y'ubutaka mu gushika ku rupangu rwa Maduro.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ariko nubwo biri uku, haracari ibinyegezwa. Kimwe muri vyo ni ukumenya neza na neza ukungene Amerika yashoboye kuzimya amatara i Caracas kugira ngo ingabo zidasanzwe zishobore kwinjira.
Perezida Donald Trump yagize ati: "Amatara ya Caracas yarazimijwe hafi yose kubera ubuhinga bwacu kanaka dufise – wari umwiza kandi warakoze ibara".
Kubona igisata c'igisirikare ca Amerika kijejwe intambara zo ku buhinga bwa none, US Cyber Command, gishimirwa ku mugaragaro ku ruhara rwaco muri ico gitero vyatumye abantu bibaza ko aba-"hackers" mu gisirikare ca Amerika bacengetereye mu buhinga bw'imashini nyabwonko za Venezuela imbere y'igihe kugira ngo bashobore kuzimya ayo matara mu gihe nyaco – ariko amakuru aramvuye ntaramenyekana.
Hanyuma kandi, kubona ubuhinga bw'Uburusiya n'ubw'Ubushinwa bujejwe kuzibira ibitero vyo mu kirere bunanirwa no gutabara, na vyo vyatumye abantu bibaza vyinshi ku buhinga bwo kuyovya itumatumanako canke ubuhinga bwa none bukoreshwa mu ntambara vyakoreshejwe na Amerika muri iki gitero.
Igisata c'igisirikare kijejwe ibikorwa vyo mu kirere, US Space Command¸iki kikaba ari na co gikoresha ibigendajuru, na co carashimiwe cane mu "gucira inzira" ingabo zidasanzwe maze zirashobora kwinjira ata wuziciye n'ikanda.
Za ndege zitajamwo abadereva zifise ubuhinga bwo kudashobora kubonwa n'ivyuma vyo gukingira ibirerere na zo nyene zivugwa ko zarungitswe. Amakuru nyayo y'uburyo Amerika yakoresheje ashobora kuzobandanya ari ikinyegezwa, ariko ntikizobuza ko abakeba ba Amerika bakora uko bazoshobora kwose kugira ngo bagerageze bongere batahure ivyabaye.
Urugamba
Abamenyereye gutegura ibitero bigoye bavuga ko bitangaje kubona vyose vyagenze nk'uko vyateguwe, ikintu kidakunze kuba. Kajugujugu imwe yararashwe ariko yarabandanije igenda, kandi nta musirikare n'umwe wa Amerika yishwe.
Gushika ubu nta makuru aramvuye araboneka ku ntambara yabereye ku rupangu rwa Maduro, Fuerte Tiuna.
Reta ya Cuba ivuga ko abantu bayo 32 bishwe n'ingabo za Amerika. Aba bari mu ngabo zatanzwe n'ico gihugu c'incuti ya Maduro, Cuba, zari zicungereye ubuzima bwa Maduro. Iki gihugu co mu karere ka Karayibe, hampande y'ingabo zicungera ubuzima bw'umukuru w'gihugu, zigira uruhara mu gucungera umutekano w'ibindi bisata vya reta.
Fitzgerald agira ati: "Mu ngabo zari zegereye Maduro, birashoboka ko ata ngabo ya Venezuela yarimwo, abandi nabo ba kure na kure yiwe bakaba bavanze".
Kubona kandi aba bari bamucungereye ubuzima ata kintu na kimwe bashoboye gukora kugira ngo bamukingire biratuma abantu bibaza ko bamwe mu bari mu ntwaro yiwe bagize uruhara kanaka muri iki gitero.
Ingabo za Amerika kandi zarashoboye gushikira Maduro ariko agerageza kwiyugaranira mu cumba ntamenwa, ariko akaba atari bwashobore kwugara urugi.
Hagati aho, bari bafise ibikoresho karuhariwe hamwe n'ibibombe bidasanzwe, vyose vyari gukoreshwa mu kumena uru rugi bibaye ngombwa, ariko uravye umuvuduko bariko mu kumufata warerekana ko bari bazi buri kantu ako ari ko kose ku kungene uru rupangu rumeze.

Ahavuye isanamu, CBS
Integuro
CIA yakoze isuzuma mw'ibanga imbere y'uko iki gitero gitangura, yihweza ivyari gushobora gushika mu gihe Maduro yaba akuwe.
Abahinga barasuzumye uburyo butandukanye, kandi nk'uko amakuru abivuga, bashitse ku ciyumviro c'uko gukorana na bamwe mu bari mu butegetsi buriho vyotanga amahirwe menshi y'ituze kuruta kugerageza gushira ku butegetsi abakeba biwe bari mu buhungiro. Ivyo vyatumye hakomezwa iciyumviro c'uko Amerika ikwiye gukorana na Delcy Rodríguez, icegera c'umukuru w'igihugu.
Biravugwa ko hoba harabaye imibonano yo mw'ibanga na bamwe mu bari mu butegetsi bwa Maduro imbere y'ico gitero kugira kugira ngo baganire ukuntu abantu bohagarara bafatiye ku ngaruka zitandukanye zishoboka.
Amakuru aramvuye kuri ibi vyabaye aracari amayobera, ariko birashobora gusigura vyinshi ku mpamvu ico gitero cabaye, igituma cagenze neza akaburungu ku kandi, hamwe n'ibitegekanijwe muri kazoza.













