DR Congo: Abasirikare bakuru bagirizwa 'gushaka kugirira nabi umukuru w'igihugu' batwawe mu ibohero

Jenerali Christian Chiwewe Songesha (iburyo) wahoze ari umugaba w'ingabo ari mu bagirizwa ivyo vyaha birimwo umugambi wo kugirira nabi Prezida Tshisekedi

Ahavuye isanamu, Presidence RDC

Insiguro y'isanamu, Jenerali Christian Chiwewe Songesha (iburyo) wahoze ari umugaba w'ingabo ari mu bagirizwa ivyo vyaha birimwo umugambi wo kugirira nabi Prezida Tshisekedi

Bamwe mu basirikare bakuru bakuru bo mu gisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo bagirijwe ivyaha bitari bike barungitswe mw'ibohero rya gisirikare rya Ndolo i Kinshasa, umurwa mukuru w'ico gihugu, nk'uko vyatangajwe n'iradiyo RFI.

Uwo murwi, urimwo abajenerali bakuru bakuru bafashwe mu mezi aheze, ubu bariko barashikirizwa ubutungane ku vyaha bikomeye harimwo:

  • Umugambi wo gushaka kugirira nabi umukuru w'igihugu
  • Kugerageza kumwica
  • Guhemuka no kugerageza ubundi bukozi bwikibi

Ababagiriza ivyaha bavuga ko bamwe muri abo basirikare bari bafitanye imigenderanire n'ikindi gihugu kibanyi.

Abategetsi bavuga ko amatohoza yakozwe kuri aba basirikare ari intambwe yo gukingira umutekano w'igihugu, ariko abahinga bavuga ko kwagiriza abantu bari hafi ya Perezida Tshisekedi vyerekana ko iyo ntwaro yacitsemwo ibice.

Mu bagirizwa bashikanwe mu ibohero ry'igisirikare rya Ndolo harimwo General Franck Ntumba, yahoze arongoye urwego rwa gisirikare rushinzwe umutekano wa Perezida, rukaba ari urwego rukomeye kandi rugenzurwa n'umukuguru w'igihugu, Félix Tshisekedi. Uyu yahora afatwa nk'umwe mu bantu bafise ijambo rikomeye cane mu nzego z'umutekano z'igihugu.

Uwundi yagirizwa ni General Christian Tshiwewe, yahora atwara igisirikare, kandi igihe yapfungwa yari umuhanuzi wa Perezida Tshisekedi mu vya gisirikare.

General Christian Ndaywel Okura, yigeze kurongora iperereza rya gisirikare, hanyuma akaba yaheruka gutwara ingabo zigwanira hasi, nawe ari mu bajanywe mu ibohero.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

RFI ivuga ko abajenerali 11 n'abandi basirikare bakuru bakuru 14 ari bo bafashwe bagirizwa ibi vyaha.

Ku wa 22 z'ukwezi kwa 11 mu mwaka wa 2025 , uwahoze ari umuvugizi wa gisirikare, Major-General Sylvain Ekenge, yaratanganje yemeza ko bafashwe. Ico gihe yaranse gutanga amazina canke insiguro ikwiye, avuga ko urwo rubanza ari urwo kwitondera kandi ko ivyaha bagirizwa bijanye "n'umutekano w'igihugu" .

Mu nyuma, RFI yaramenye ko abatari bake, batari bafungiwe mu mabohero ahubwo ko bari bafunzwe icamaso.

Bivugwa ko kubaramutsa vyari vyarahagaritswe inyuma yuko vyamenyekanye ko bashobora kubononera umutekano.

Paul Nsapu, arongoye umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNDH), yari mu bantu bakeyi bemerewe kubagendera. Ico gihe CNDH yari yabwiye RFI ko abo basirikare bameze neza kandi ko uwo murwiuzorabira hafi ibijanye n'urubanza.

RFI ivuga ko ikiringo c'amatohoza ca mbere caheze, ubu imanza zikaba ziriko zitera zija imbere. Abenshi mu bagirizwa barungitswe mw'ibohero rya gisirikare rya Ndolo mu ndwi iheze, bakaba bafunzwe vy'agateganyo.

Umwe mu bacamanza yavuze ati: "Ubutungane bwa gisirikare buriko burihutishwa cane. Bamwe muri bo bazoshikanwa mu butungane vuba."

Abacamanza bavuga ko bariko bararangiza ikirangaminsi c'imanza mu gihe iperereza ririko rirasozera.

Uru rubanza rwarerekanye ko hari amatati akomeye ari mu nzego z'umutekano za Congo.

Abakurikirana agateka ka zina muntu bariko basaba ko habaho umuco mu manza zizokorwa.

Umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu wo wamenyesheje ko urungika umurwi uzoba ujejwe gukurikirana imanza zose nizatangura.