IKIBIRIRAHO, Umushingamateka w’umwirabure yiyamiriza ivangura yasohowe igihe Perezida Trump wa Amerika yariko ashikiriza ijambo

Mw’iryo jambo ryiwe Perezida Donald Trump yifatie mu gahanga Abademokarate abagiriza ko basambuye igihugu, “ariko dufise amahirwe ko twabatesheje”.

Incamake

Umushingamateka w'umwirabure yiyamiriza ivangura yasohowe igihe Trump yariko ashikiriza ijambo

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Samba Cyuzuzo

  1. Ramaphosa yashimiye Putin ku gucyura Abanyafurika y’Epfo barwanaga muri Ukraine

    Ikiganiro kuri telephone cya Cyril Ramaphosa na Vladimir Putin mu ntangiriro z'uku kwezi cyafashije gutuma abo barwanyi batangira gucyurwa iwabo

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ikiganiro kuri telephone cya Cyril Ramaphosa na Vladimir Putin mu ntangiriro z'uku kwezi cyafashije gutuma abo barwanyi batangira gucyurwa iwabo

    Perezida Cyril Ramaphosa wa Afurika y’Epfo yashimiye mugenzi we w’Uburusiya Vladimir Putin gufasha gucyura Abanyafurika y’Epfo 17 avuga ko bashutswe bakinjizwa mu ntarambara muri Ukraine.

    Abo bagabo bari hagati y’imyaka 20 na 39 umwaka ushize bagiye mu Burusiya bazi ko bagiye gutozwa no guhabwa akazi nk’abarinzi bwite (bodyguard) ariko boherezwa ku rugamba muri Ukraine.

    Ibiro bya Ramaphosa byemeza ko bane(4) muri abo bagaruwe iwabo ku wa gatanu ushize, abandi 11 “bari mu nzira bataha” naho abandi babiri bazataha nyuma. Bivuga ko iperereza ku buryo bajyanywe ririmo gukorwa.

    Benewabo n’aba bagabo babwiye BBC ko bageze mu Burusiya bahawe amasezerano yo gusinya ariko kuko batari bazi Ikirusiya batamenye ko bemeye kuba abarwanyi b’abacanshuro.

    Itangazo rya Vincent Magwenya umuvugizi wa Ramaphosa rivuga ko mu bategereje gutaha “babiri bari mu bitaro i Moscow”.

    Magwenya avuga ko tariki 10 z’uku kwezi Ramaphosa yavuganye na Putin kuri iki kibazo “akamushimira cyane ubufasha mu gucyura” bari bagabo. Afurika y’Epfo n’Uburusiya bisanganywe umubano mwiza.

    Hagati aho, Duduzile Zuma-Sambudla, umukobwa wa Jacob Zuma waho ari perezida w’iki gihugu, yavuzwe mu bantu bafasha mu kujyana urubyiruko rw’iki gihugu kurwanira Uburusiya muri Ukraine.

    Duduzile yahakanye ibi birego - mu babimureze harimo umuvandimwe we bavukana kuri se Nkosazana Zuma-Mncube - ibirego byatumye ahatirwa kwegura nk’umudepite mu nteko ishingamategeko.

    Gushuka urubyiruko rw’Abanyafurika y’Epfo kujya kurwana muri Ukraine byatumye mu Ukuboza(12) gushize abantu batanu – barimo umunyamakuru w’ikinyamakuru cya leta – bafungwa na polisi.

    Izindi nkuru bijyanye wasoma:

  2. Umushingamateka w’umwirabure yiyamiriza ivangura yasohowe igihe Trump yariko ashikiriza ijambo

    Trump

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Mw’ijambo ahejeje gushikiriza igihugu, Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika arashimagiza intambwe igihugu ciwe kigezeko, aho avuga ko “cisubije agateka”.

    Yuguruye ijambo ryiwe agira ati: “Igihugu cacu cisubije agateka”, kandi kimeze neza, kiratunze kandi kirakomeye kuruta uko cari kimeze imbere y’aha.

    Ashikirije iri jambo rya mbere rirerire mu gihe icuka atari ciza hagati y’abo mu migambwe ibiri yiganziye poritike y’ico gihugu, Abarepubulikani hamwe n’Abademokarate.

    Mw’iryo jambo ryiwe Trump yagiriza Abademokarate ko basambuye igihugu, “ariko dufise amahirwe ko twabatesheje”.

    Hari abo mu mugambwe w’Abademokarate bashika 50 batitavye ijambo ryiwe, aho mu ngoro y’amakoraniro hagaragaye ibibanza bigaragara.

    Umushingamateka w’umudemokarate, Al Green, wo mu ntara ya Texas yari yitabiriye iri jambo wewe yasohowe inyuma yo kwerekana icapa cari canditseko ngo “Abirabure si inguge”.

    Kuva Trump yinjira mu ngoro y'amakoraniro, umushingamateka Green yagumye akirije icapa canditseko ngo "Abirabure si inguge".

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Kuva Trump yinjira mu ngoro y'amakoraniro, umushingamateka Green yagumye akirije icapa canditseko ngo "Abirabure si inguge".

    Uno mushingamateka w’umwirabure yashaka kwiyamiriza ubutumwa bw’ivangura buherutse gushirwa ku mbuga hwaniro na Perezida Trump bwerekanye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure Barack Obama n’umugore wiwe nk’inguge.

    Ubwo butumwa bwariyamirijwe bikomeye n’impande zompi nubwo mu nyuma bwahavuye bufutwa.

    Umushingamateka Green si bwo bwa mbere asohowe, kuko no mu mwaka uheze yarasohowe kugira ngo ntahave atoba ijambo rya Trump nyene.

    Igihe Trump yavuga ibijanye na magendo hamwe n’uruhigi ku Banyamerika bafise amamuko muri Somalia mu ntara ya Minnesota, umwe mu bashingamateka b’Abademokarate yaciye ahaguruka arisohokera.

    Ilhan Omar,

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ilhan Omar, umushingamateka w’umudemokarate wo mu ntara ya Minnesota yagirije Trump ko ari umubeshi

    Ilhan Omar, umushingamateka w’umudemokarate wo mu ntara ya Minnesota, ari na we Munyamerika wa mbere yamuka muri Somalia yatowe nk’umushingamateka, yatereye ijwi hejuru avuga ko Trump ari umubeshi.

    Insiguro ya video, Raba ingene Ilhan Omar yatuka Trump igihe yavuga ibijanye n'abimukira

    Trump ashikirije iri jambo kandi mu gihe yuzuye uburakari inyuma y’imisi mike sentare nkuru y’igihugu ifashe icemezo co gufuta amakori y’umurengera yari yafatiye ibihugu bitari bike kuva ashitse ku butegetsi.

    Mw’iri jambo, yamiriye kure iki cemezo, avuga ko ari ari akamaramaza ku gihugu ciwe.

    Insiguro ya video, Raba igihe Al Green yasohorwa inyuma yo kwerekana icapa ciwe ciyamiriza ivangura
  3. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.