Iran yuguruye ikambi yo kwigisha abakenyezi gukoresha inkoho

Ahavuye isanamu, EPA
Iran yuguruye i Tehran ikambi idasanzwe yo kwigisha abakenyezi gukoresha inkoho no gutabara abakomeretse imbere yo kubashikana kwa muganga.
Ku wa mungu, ikibuga citiriwe Imam Hussein mu murwa mukuru Tehran cakiriye abakenyezi amajana bitavye izo nyigisho za mbere.
Abitavye izo nyigisho bari bambaye chador, umwambaro usanzwe wambarwa n’abakenyezi muri Iran, upfuka umubiri wose ugasiga mu maso gusa.
Abategetsi ba Irani babandanya guhamagarira abanyagihugu kwitegurira kurwanira igihugu no kwemera kucitangira.
Bavuga ko izo nyigisho zigenewe gutegura abanyagihugu guhangana n’ibihe bidasanzwe no gukomeza ubushobozi bw’abanyagihugu bwo kwikingira igihe umutekano w’igihugu woba ubangamiwe.
Izo nyigisho zitanguye mu gihe umutekano urushiriza guhungabana mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati, ibiciro vy’ibitoro na vyo bikabandanya kuduga ku masoko mpuzamakungu.
Iran yararahiye ko izobandanya kwugara umuhora wa Hormuz gushika Amerika ishikije ivyo iyisaba.
Bamwe babona iyo ngingo yo kwigisha abakenyezi gukoresha ibirwanisho nk’ikimenyetso c’uko Iran iriko yitegurira guhangana n’intambara ishobora kurushiriza gukara muri ako karere.
Izindi nkuru wosoma:

