Intambara ya Ukraine: menya indege Su-57 Uburusiya buriko bukoresha mu bwitonzi ntangere

Ahavuye isanamu, AFP
Igendereza ry’Ubwongereza rivuga ko Uburusiya buriko burakoresha indege z’intambara zabwo za mbere rutura zo mu bwoko bwa Su-57 mu ntambara yabwo na Ukraine, ariko ko zishobora kuba zitarenga ikirere c’Uburusiya.
Ibi bishobora kuba biva ku bwoba bw’uko amabanga yabwo ku buhinga bwo guhingura iyo ndege yohava amenyekana mu gihe igisirikare ca Ukraine coshobora gukorora imwe gusa.
None iyi ndege y’akataraboneka ni nyabaki?
Nk’uko igendereza ry’Ubwongereza ribivuga, Su-57 ishobora kuba ikoreshwa mu ntambara kuva igice c’umwaka.
Ni yo ndege y’Uburusiya ya mbere igezweho y’urugero rugira gatanu mu ndege z’intambara zinyaruka gusumba ijwi, irimwo ubuhinga bwagizwe ikinyegezwa kandi bugezweho mu bijanye no guhingura indege.
Ihingurwa n’uruganda rwa Sukhoi Experimental Design Bureau.
Ivy’ihingurwa ry’izi ndege z’intambara z’Uburusiya za none vyatanguye kuvugwa mu myaka ya 2000, ariko indege ya mbere ya Su-57 yatanguye kuguruka mu kwa mbere 2010 ahitwa Komsomolsk-on-Amur.
Muri Kigarama (12) 2017, iyi ndege yagurutse ikoresheje izindi moteri nshasha, hanyuma mu mpera z’ukwa mbere 2018, niho vyatanguye kumenyekana ko iyo ndege yatanguye kuguruka irimwo ibirwanisho.
Ikinyamakuru Interfax co mu Burusiya kivuga ko iyi ndege igamije gusambura ubwoko bwose bw’indege mu kirere, zaba iziri kure cane canke iziri hafi, gusambura ibirwanisho vyose biri ku butaka, no gusambura ubuhinga bwose bwo gucungera ibirere, ikongera ikagenzura ikirere ca kure cane.
Mu 2018, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya Sergei Shoigu yavuze ko ubu bwoko bw’izi ndege za none za Su-57 zarangije neza ibikorwa vy’igeragezwa muri Syria.
Haciye amezi makeya, Shoigu yamenyesheje ko ibikorwa vyo kugerageza izi ndege vyabaye mu kwa kabiri kandi ko, muri vyo, izi ndege zarashe ibisasu vya misire zigezweho.
Inyuma y’umwaka, Perezida Vladimir Putin yatangaje ko vuba hari gushirwa igikumu ku masezerano nyayo yo gutanga mu buryo bwuzuye indege z’intambara 76 za Su-57.
Igitigiri c’izi ndege Uburusiya bufise gushika ubu ntikiramenyekana. Igendereza ry’Ubwongereza rishira ahabona zitanu gusa ku kigo c’igisata ca gisirikare kirwanira mu kirere kiri ahitwa Akhtubinsk.
Igisirikare c’Ubwongereza cemeza ko izi ndege zoba ziriko zirakoreshwa mu ntambara y’Uburusiya muri Ukraine.
Nk’uko bivugwa n’igendereza ry’Ubwongereza, Uburusiya bukoresha izi ndege bwinengesereye cane mu ntambara na Ukraine.
Nk’uko ribivuga, izi ndege Su-57 zishobora kuba zitarenga ikirere c’Uburusiya mu bitero zikora kuri Ukraine, zikarasa ibisasu vya misire biraswa kure, haka ku butaka canke mu kirere.

Ahavuye isanamu, Anadolu Agency
Ku wa 21 Myandagaro (8), 2022 niho umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya Sergei Shoigu yatangaza ko bwatanguye gukoresha izi ndege z’intambara za Su-57 mu ntambara yabwo na Ukraine.
Ubu igendereza rya gisirikare ry’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Ubwongereza ryandika ko zatanguye gukoreshwa mu kwa gatandatu nibura.
Nk’uko ribivuga, igisata c’igisirikare kirwanira mu kirere c’Uburusiya gikoresha Su-57 mu bwitonzi ntangere – izi ndege zikorera mu kirere c’Uburusiya zikarasa ibisasu biraswa kure mu ntumbero yo kwirinda ko zisekana n’indege z’intambara za Ukraine canke zikamanurwa n’ibisasu bijejwe gukingira ikirere vya Ukraine.
Ikirere ca Ukraine, hamwe kumbure n’igice c’Uburusiya kiri ku mugabane wa Bulaya, gicungerewe n’ama-radar y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe OTAN/NATO ryo kwivunira umwansi hamwe. Rero ari nka hamwe iyo ndege yorinda iboneka muri ico kirere, n’aho ubuhinga ihinguwemwo buyituma itabonwa cane n’ama-radar, ibihugu vy’Uburengero vyoharonkera amakuru akomeye atari make.
Ni vyo ko Uburengero bumaze kuronka akaryo ko kwiga iyi ndege mu kirere – mu 2018 Uburusiya bwararungitse Su-57 muri Syria. Ariko nta makuru menshi kuri zino ndege Uburengero bufise.










