Mu rugendo rwa Trump mu Bushinwa, ikibazo ca Iran naco caravuzwe mu biganiro na Xi
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo
Reba mu mafoto umunsi wa nyuma w’urugendo rwa Trump kwa mugenzi we Xi
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Trump na Xi uyu munsi mu gitondo babonetse batemberana mu busitani buri mu kigo kibamo abategetsi bakuru b'Ubushinwa
Uyu munsi ni wo wa nyuma w’uruzinduko rwa Trump mu Bushinwa. Urugendo
Trump yavuze ko “rwakemuye byinshi” mu byo Ubushinwa na Amerika
bitumvikanagaho.
Xi na Trump uyu munsi bagaragaye basanirira mu busitani bwa Zhongnanhai
mu kigo bizwi ko kibamo abategetsi bakuru b’Ubushinwa, mbere y’ibiganiro byabo
mu gitondo ari na byo bya nyuma.
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Trump na Xi barimo kuganira mu gitondo kuri uyu wa gatanu mu Bushinwa
Abataliyano batanu bapfuye igihe bariko baribira munsi y’amazi mu gihugu ca Maldives, nk’uko ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubutaliyano bwabitangaje i Rome.
Ubwo bushikiranganji bwavuze ko abo bibira “bikekwa ko bapfuye igihe bariko bagerageza kwinjira mw’isenga ripima imetero 50 uja munsi y’amazi,” bukaba bwongeye ko ivyo vyabereye muri Vaavu Atoll.
Igisirikare ca Maldives cavuze ko ikiziga kimwe cabonetse mu mwenge uri ku metero 60 umanuka hasi, kandi ko abandi bane bikekwa ko na bo bari muri uwo mwenge.
Cavuze kandi ko abatabazi bafise ibikoresho vyihariye barungitswe muri ako karere, kikaba casiguye ko igikorwa co kurondera abo bantu gifise ingorane zikomeye cane.
Iyi mpanuka bikekwa ko ari yo mbi cane yabaye ku bantu bariko baribira mu gihugu ca Maldives, igihugu kiri mu nyanja indiana kizwi cane nk’ahantu h’ingenzi h’akaruhuko kubera amazinga yaco meza.
Ibinyamakuru vyo muri ako karere vyatangaje ko abo Bataliyano batanu binjiye mu mazi ku wa kane mu gitondo.
Abari mu bwato bwabatwaye bavuze ko babuze abo bibiye igihe barindira barabura ko bagaruka hejuru y’amazi nk’uko vyari vyitezwe.
Abapolisi bavuze ko ikirere cari kibi muri ako karere kari nko ku bilometero 100 mu bumanuko bw’umurwa mukuru Malé. Hari hatanzwe imburi y’umuhondo ku bwato butwara abantu hamwe n’abarovyi.
Kaminuza ya Genoa yaje gutangaza ko mu bapfuye harimwo umwigisha wa kaminuza mu vy’ibinyabuzima vyo mu mazi, umukobwa wiwe hamwe n’abashakashatsi babiri bakiri bato.
Mu butumwa yashize ku rubuga X, iyo kaminuza “yahojeje cane” imiryango y’ababuze ababo.
Impanuka z’ikorwa no kwibira no kwitegereza ibinyabuzima vyo munsi y’amazi muri Maldives ntizikunze kuba nyinshi, naho mu myaka iheze hatangajwe abantu benshi bahasize ubuzima.
Mu kwezi kwa Kigarama(12) guheze, umugore w’Umwongereza yari afise uburambe mu kwibira munsi y’amazi yarapfuye mu mpanuka yabereye hafi y’izinga rya Ellaidhoo. Umugabo wiwe yapfuye inyuma y’iminsi itanu amaze arwaye.
Mu mwaka wa 2024, umwe mu bagize inama nshingamateka y’Ubuyapani yapfuye igihe yariko aritegereza ibinyabuzima vyo munsi y’amazi muri Lhaviyani Atoll.
Ibiciro vy’Ibitoro vyaduze cane muri Kenya
Ahavuye isanamu, Reuters
Abanyagihugu muri Kenya bafise amakenga inyuma y’aho reta itangarije iduga rikomeye ry’ibiciro vy’ibitoro, mu gihe ubuzima busanzwe buguma burushiriza kuzimba.
Mu biciro bishasha vyashizwe ahabona n’Ikigo kijejwe kugenzura inguvu n’ibitoro, EPRA, mazutu caduze amafaranga 46 y’amashilingi ya Kenya kuri litiro, mu gihe essence yaduze amafaranga 16 kuri litiro.
Muri ibi biciro bishasha, litiro imwe ya essence izoba igurwa amashilingi 214 ya Kenya, nayo mazutu igurwe amashilingi 242.
Ibi nivyo biciro vya mbere vyo hejuru cane vy'igitoro bibayeho muri Kenya, nk'uko abahinga mu vy'ubukungu babivuga.
EPRA ivuga ko iri duga ryatewe n’ukuduga kw’ibiciro vy’ibitoro kw’isoko mpuzamakungu hamwe n’igiciro kinini co kuvyinjiza mu gihugu, cane cane kubera intureka ziri mu Buseruko bwo Hagati harimwo n’intambara ya Iran.
Abahinga mu vy’ubutunzi bavuga ko iri duga rishobora gutuma amafaranga yo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ayo guhingura ibidandazwa aduga, ivyo navyo bikazoca bituma ibiciro vy’ibintu ku masoko biduga.
Umukuru wa CIA yasuye Cuba ajyanye “ubutumwa bwite” bwa Trump
Ahavuye isanamu, CIA
Insiguro y'isanamu, Umukuru wa CIA John Ratcliffe (ibumoso) mu nama i Havana, Cuba
Umukuru w’ikigo cy’ubutasi bwo hanze cya
Amerika CIA yasuye Cuba abonana n’ushinzwe ubutasi muri icyo gihugu ku murwa
mukuru Havana ajyanyeyo “ubutumwa bwite bwa Perezida Donald Trump”.
John Ratcliffe yagiye Havana nyuma y’uko
Washington yemereye Cuba inkunga ya miliyoni 100$ yo kuyifasha
koroherwa n’ingaruka z’ibihano Washington nyine yabafatiye.
Perezida Miguel Diaz-Canel wa Cuba we yatangaje
ko aho kubaha impano Amerika ikwiye gukuraho gufungira Cuba kugezwaho ibitoro.
Umwe mu bategetsi muri CIA yabwiye CBS
News ko Amerika yiteguye gukorana na Cuba mu by’umutekano n’ubukungu “mu gihe
gusa Cuba yakwemera gukora impinduka zikomeye”.
Mu bakoranye inama n’uyu mukuru wa CIA
harimo Raúl Rodríguez Castro umwuzukuru w’uwahoze ari perezida Raúl Castro, misitiri
Lázaro Álvarez Casas w’ubutegetsi bw’igihugu, n’umukuru w’inzego z’ubutasi za
Cuba.
Kubura kw’ibitoro kubera ibihano byo gufungirwa na
Amerika kwasize ibitaro mu gihugu bidakora mu buryo busanzwe naho amashuri n’ibiro
byinshi bya leta birafunga.
Mbere, ikirwa cya Cuba cyari kibeshejweho
n’ibitoro biva muri Venezuela na Mexique, ariko ibi bihugu byombi byategetswe
na Amerika guhagarika guha Cuba ibitoro cyangwa bigafatirwa ibihano.
Mu rugendo rwa Trump mu Bushinwa, ikibazo ca Iran naco caravuzwe mu biganiro na Xi
Ahavuye isanamu, POOL / AFP via Getty Images
Mu gihe Donald Trump akibandanya urugendo rwiwe mu Bushinwa kuri uyu wa gatanu, ku munsi wa kane, ikibazo c’intambara ya Iran naco caragarutse mu biganiro yagiranye n’umukuru w’Ubushinwa Xi Jinping, iruhande y'ibindi biganiro bijanye hamwe n’ubudandaji, Taiwan hamwe n’umutekano wo mu karere.
Trump yavuze ko we na Xi baganiriye ku bijanye n’umugambi wa Iran wo kugira ibirwanisho ruhonyanganda vya nukleyeri hamwe n’ingorane zo mu Buseruko bwo Hagati, avuga kandi ko Tehran yari “yegereje cane” kuronka ibirwanisho vya ruhonyanganda imbere y’uko Amerika igaba ibitero ku bibanza vya Iran bikekwa ko vyari bifitaniye isano n’uwo mugambi .
Umukuru w’igihugu wa Amerika yongeye gusaba Iran kwemera amasezerano na Amerika, avuga ko ukwihangana kwa Washington kuriko kurarangira.
Trump kandi yavuze ko Xi yamwemereye ko Ubushinwa butazotanga ibikoresho vya gisirikare kuri Iran, naho yavuze ko Beijing izobandanya kugura igitoro ca Iran. Yongeye avuga ko abo bategetsi bompi bashimangiye akamaro ko kwugurura umuhora wa Hormuz, umuhora ufise uruhara runini mu gutwara ibitoro kw’isi.
Mu gihe c’ivyo biganiro, ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Ubushinwa nabwo bwahamagariye impande zose kurondera umuti biciye mu biganiro, buvuga ko iyo ntambara “itari ikwiye kuba” kandi ko hakenewe inyishu yihuta biciye muri dipolomasi.
Naho urugendo rwa Trump rwari rwibanze cane ku migenderanire hagati ya Amerika n’Ubushinwa hamwe n’ubutunzi, ikibazo ca Iran naco carabaye kimwe mu vyagarutsweko hagati y’abo bategetsi babiri.