Ukraine Vs Russia: Ibihugu vy’Uburengero bigiye kurungikira Kyiv ibimodoka vy’intambara

Ubudagi bwari bwagumye bwanka kurungika imodoka zabwo z'intambara zo mu bwoko bwa Marder

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ubudagi bwari bwagumye bwanka kurungika imodoka zabwo z'intambara zo mu bwoko bwa Marder

Ubudagi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyemeye kwifatanya n’Ubufaransa mu kurungikira Ukraine ibimodoka ntamenwa vy’intambara – ingingo igiye kwongerereza igisirikare cayo inguvu ku rubuga rw’intambara.

Ukraine imaze amezi atari make isaba incuti zayo z’Uburengero kuyiha vya bimodoka ntamenwa, rero naho bidafise inguvu nyinshi cane, iyi ni ingingo itari bwabeho kuri kino gihugu gihanganye n’Uburusiya kuva ku wa 24 Ruhuhuma umwaka uheze.

Ukraine ivuga ko ari “intsinzi ikomeye”.

Ubudagi bwari bumaze igihe butinya kwongerereza inguvu Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) mu kuyirungikira ibirwanisho.

Inyuma y’aho ku wa gatatu Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa atangarije ko “ibimodoka ntamenwa vy’intambara bitaremereye” vya AMX-10 RC bigiye kurungikwa muri Ukraine, umukuru wa Reta y’Ubudagi Olaf Scholz na Perezida Joe Biden wa Amerika bavuze mu nyuma ko nabo nyene bagiye kurungika ibimodoka vy’intambara.

Ejo ku wa gatanu, Amerika yavuze ko ibi bikoresho biri mu mfashanyo y’imiriyaridi zitatu z’amadorari igihe guhabwa Ukraine.

Uyu mutegetsi w’Ubudagi yamye ashimangira ko Berlin (umugwa mukuru w’Ubudagi) idashobora gukora yoyene, n’aho hoba ari ku vyerekeye ibi bimodoka ntamenwa vy’intambara.

Reta ya Berlin irahakana amakuru avuga ko Perezida Macron yamuhatiye gufata ingingo, ariko abanyamakuru bamwe bamwe b’i Berlin bavuga ko umuziro warenzwe.

Gushika ubu, ibihugu vy’uburengero vyari vyaririnze kurungika ibikoresho vy’ubu bwoko, ariko Ubudagi bwari bufise uruhara mu masezerano yo guhanahana ibikoresho.

Muri ano masezerano, Ukraine ihabwa ibimodoka ntamenwa vy’igihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti biva mu bihugu vya Slovakia, République Tchèque , Slovenia n’Ubugiriki, hanyuma ibi navyo bigaca bihabwa ibikoresho vya none vy’Ubudagi.

Kurungikira Kyiv ibi bimodoka ntamenwa vyo ku gihe c’Abasoviyeti bisigura ko ata zindi nyigisho zikenewe kuko ni ivyo basanzwe bamenyereye.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine arashima cane, nayo icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire Andriy Melnyk akavuga ko ari umuziro wa mbere urenzwe mu gihe Kyiv ikeneye indege z’intambara, amato y’intambara n’ibindi bikoresho.

AMX
Insiguro y'isanamu, AMX ni imodoka y'amapine yoroshe cane gutwara, ikoreshwa cane cane mu gusuma urusaku no mu kwumguruza ingabo ku rubuga
Bradley
Insiguro y'isanamu, Bradley ni ikimodoka ntamenwa kigendera ku binyororo gikoreshwa mu kwunguruza ingabo no kumena ibimodoka vy'intambara vy'umwansi
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyi mfashanyo ya Amerika y’imiriyaridi zitatu z’madorari y’Abanyamerika ivugwa ko irimwo ibimodoka vy’intambara 50 vyo mu bwoko bwa Bradley.

Pentagon ivuga ko Bradley atari ikimodoka ntamenwa gusa, ako ahubwo ari ico “gutikiza ibindi bimodoka ntamenwa”.

Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) ivuga ko bizofata igihe kugira bishike muri Ukraine.

Iyi mfashanyo kandi yitezwe kuba irimwo za nkoho za muzinga zo mu bwoko bwa howitzer, ibimodoka birinda amamine, hamwe na vya muzinga vyo mu bwoko bwa GMLRS, mu gihe imiriyoni 682 z’amadorari nazo zizorungikirwa ibihugu vya OTAN/NATO biri ku ruhande rw’ubuseruko.

Ubudagi bugiye kurungika ibimodoka vy’intambara vyo mu bwoko bwa Marder bishika 40 gushika mu mpera z’ukwa gatatu, co kimwe na za misire zo mu bwoko bwa Patriot zikorora indege.

Umuvugizi wa reta y’Ubudagi avuga ko inyigisho zizotangirwa mu Budagi mu kiringo c’amayinga umunani.

Ubu bwoko bw’ibi bikoresho vy’intambara, biri hamwe, bizoha Ukraine inguvu zo kurwana, kwikingira no gushikana ingabo ku rwasiro ku muvuduko munini kandi zikingiwe.

Umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe imigenderanire Annalena Baerbock aratomora neza ko Ukraine itegerezwa guhabwa ibirwanisho “kugira ngo ibohore ubutaka bwigaruriwe n’abanyagihugu bari mu kangaratete gaturutse kw’iterabwoba ry’Uburusiya”.