Tommy Thompson n'amatoni 14 y'inzahabu yatowe mu bwato bwibiye mu kiyaga

Ahavuye isanamu, Getty Images
Tommy Thompson, yariko akora igihano co gupfungwa imyaka cumi mw'ibohero azira ko yanse kuvuga aho yashize ibiceri vy'inzahabu yari yakuye mu bwato bwamamaye bwibiye, yararekuwe. Uwo munyamerika yakora ibikorwa vyo kurondera ubutunzi mu biyaga binini.
Ibiceri vy'inzahabu 500 yari yatwaye muri ubwo bwato ntibiraboneka gushika n'ubu.
Tommy Thompson, ubu afise imyaka 73, yavumbuye mu 1988 ibisigarira vy'ubwato bwa SS Central America, bwibiye ,mu 1857 hafi y'inkombe za Caroline du Sud muri Amerika. Ubwo bwato bwari buzwi kw'izina rya "Ubwato bw'inzahabu".
Yaravumbuye ubutunzi bufise agaciro k'amamiliyoni menshi y'amadolari bwari muri ubwo bwato.
Ariko rero, bamwe bavuga ko Tommy Thompson yahenze abo bakorana kuko atabahaye inyungu yari yarabasezeraniye inyuma y'uko bashoye amafaranga muri ico gikorwa co kurondera ubutunzi.
Yamaze imyaka myinshi yinyegeza, hanyuma arafatwa maze apfungwa mu 2015 azira kutubahiriza ingingo za sentare.
Ubwato bwa SS Central America bwibiye mu 1857 butwaye amatoni ashika 14 y'inzahabu yari yakozwe n'Ikigo c'ugucapura amafaranga ca San Francisco.
Igihe ubwo bwato bwariko burajana iyo nzahabu ku nkengera y'ubuseruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugira ibikwe muri banki, bwibiye mu burebure bwa metero zirenga 2.100 munsi y'amazi.
Abantu 425 barahasize ubuzima muri iyo mpanuka. Ico cago catumye haba ikibazo gikomeye c'ubutunzi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
None vyagenze gute neza na neza?
Tommy Thompson yizera ko umugambi wiwe uzoronka inyungu nyinshi, yararonse hafi imiliyoni 12,7 z'amadolari avuye ku banyamitahe 161.
Ico gihe, Thompson yari umuhinga muvyo gukora ubwato muri kaminuza ya Battelle Memorial Institute, muri Ohio.
Muri ico gikorwa, we n'umurwi wiwe barashoboye gukura mu kuzimu kw'ikiyaga ibihumbi vy'ibiceri vy'inzahabu n'amafaranga mu 1988.
Igice kinini c'ubwo butunzi caragurishijwe mu nzu y'igurishwa ry'ibintu vya kera mu 2000 ku mafaranga angana hafi imiliyoni 50 z'amadolari.

Ahavuye isanamu, Getty Images
None vyagenze gute muri sentare?
Mu 2005, abarwizatunga baritwariye Tommy Thompson mu butungane bavuga ko ata nyungu n'imwe bari bwaronke iva mw'igurishwa ry'ubwo butunzi.
Muri ico kirego, abo barwizatunga bavuze ko agaciro kose k'ubwo butunzi yavumbuye kari kangana hafi imiliyoni 400 z'amadolari.
Thompson yarahunze mu 2012 inyuma yo guhamagarwa na sentare.
Inyuma y'imyaka itatu yinyegeza, we n'uwo bakorana bafashwe n'igipolisi muri hoteli yo muri Florida mu 2015.
Kugira ngo yirinde gufatwa n'igipolisi, Thompson yabaye mu mahoteli akoresheje amazina y'ikinyoma, agenda muri tagisi no muri bisi, kandi akariha ibintu vyose amafaranga mu ntoke.
Nk'uko CBS News yavyanditse, Tommy Thompson yavuze ko ivyo biceri vy'inzahabu vyari vyarashizwe kuri konti yihariye mu gihugu ca Belize, kandi ko amafaranga yavuye mu gice ca mbere c'ubwo butunzi yari ahagije kuriha amafaranga y'imanza n'amadeni ya banki.
Mu kwezi kwa cumi na kabiri 2015, sentare yamukatiye rukiko gupfungwa imyaka cumi y'ibohero kubera ko yanse kuvuga aho ibiceri vy'inzahabu 500 vyari vyarazimiye biri.
Mu bisanzwe, mu manza nk'izo, umuntu aguma apfunzwe gushika ashize mu ngiro ingingo y'urukiko.
Ariko rero, CBS News yavuze ko umucamanza, abonye ko bishoboka cane ko Thompson atokwigera ahishura iyo mabanga uko imyaka y'ugupfungwa yoba ingana kwose, yemeye guhagarika igihano ciwe umwaka uheze.








