Bob Marley n'inkuru ushobora kuba utari uzi kuri we

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Aaron Akinyemi
- Igikorwa, BBC News
One Love ni sinema (film) nshasha ku buzima bw'uwo yabaye rurangiranwa mu muziki wa reggae. Bob Marley.
Iyo sinema yerekana urugendo rw'uwo muririmvyi kuva mu bwana bwiwe mu gihugu hagati gushika aho agera kw'isonga ryo kuba icamamare, ikagaruka kandi kuri bimwe bimwe mu bizwi cane mu buzima bwiwe.
Ariko hari n'ibindi vyinshi bitazwi kuri ico gihangange. Ibi ni ibintu bine mu vyo woba utabonye canke utamenye kuri uwo muririmvyi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyenyeri ya J-Reggae
Wari uzi ko Bob Marley ari we yafashije mu kumenyekanisha no gukundisha reggae mu Buyapani? Mu 1975, Marley yaratembereye mu Buyapani, hanyuma inkuru zikavuga ko yaciye yunga ubugenzi na rurangiranwa mu kuvuza ingoma n'utundi ducurarangaisho two gukokera n'intoki (percussionist) Masahito “Pecker” Hashida, ku bw'ikinyamakuru co mu Buyapani Sabukaru.
Ibi vyatumye hari ivyo bafashanya mu muziki ku nkurikirane zibiri z'indirimbo (album) zagize uruhara rukomeye - Pecker Power mu 1980 (irimwo Bob Marley) na Instant Rasta yo mu 1981, zompi za fatiwe muri studio 'Chanel One Studios' muri Jamaica.
Izo album zompi zarimwo abaririmvyi bo mu Buyapani no muri Jamaica kandi zaragize uruhara runini mu gukwiragiza n'ukumenyekana kwa reggae mu Buyapani. N'ubu reggae irabandanya gukundwa cane muri ico gihugu aho ihimbazwa mu masabukuru ya reggae akomeye nk'iya Yokohama reggae festival na Yokohama Reggae Sai, yama iba mu ci hagati y'amezi ya Mukakaro (7) na Nyakanga (9).

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwatsindiye agashimwe ka ONU
Marley arazwi cane ku majambo yo mu ndirimbo ziwe ku ruhara mu mibano na poritike. Ariko wari uzi ko mu 1978, yaronse umudari w'amahoro wa ONU?
Uwo wavuye ku gikorwa c'uwo muririmvyi mu gushira imbere amahoro n'ubutungane mu gihe Jamaica yari mu ruhagarara rwa poritike. Muri uwo mwaka, Marley yari yaririmvye mu giteramo One Love Peace Concert i Kingston muri Jamaica. Ico giteramo cari kigamije gucuresha intureka y'imigwi ishingiye ku mice y'imibano aho yashoboye guhuza abakeba babiri muri poritike bagakorana mu ntoke (bakaramukanya) imbere y'abaje kurorera igiteramo.
Bob Marley yaciye yambikwa uwo mudari haheze amezi makeya kuri Waldorf Astoria i New York , awushikirizwa n'intumwa za Afrika muri ONU.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuhinga mu gusoma imirongo yo mu kiganza
Imbere yo kuba umunyamuziki, Bob Marley yari umuhinga mu gusoma imirongo yo mu kiganza mu gisagara ciwe c'amavukiro ca St Ann muri Jamaica. Akiri umwana, yarasoma imirongo yo mu kiganza y'abagenzi n'ababanyi kugira ababwire ico bazoba muri kazoza. Ku bw'umwe mu bagenzi biwe ba hafi akaba no mu bazi amabanga yiwe, Allan ''Skill'' Cole, vyinshi mu vyo Bob Marley yavuga ko bizoba muri kazoza vyari bifise urugero rutari ruto rwo kuba vyo ari na ho yavuga ko uwo muririmvyi ari ''amayobera kama''. Ariko Cole yatunganya ibiteramo vya Bob Marley mu myaka ya 1970, anavuga ko ugusoma imirongo yo mu kiganza ico gihe hari abavyinuba muri Jamaica. Umuryango w'aba Rasta Bob Marley yari arimwo waramubujije gusoma imirongo yo mu kiganza. Marley yaremeye, ariko ntiyabikoze imbere y'uko arotora kandi bikaba vyo ko umunsi umwe azokwubaka studio yiwe yo gufata indirimbo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukozi w'ihinguriro Chrysler
Mu gihe yari akigerageza kwinjiza amafaranga avuye mu muziki, Marley yarakoze igihe gito mw'ihinguriro ry'imodoka rya Chrysler muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ryo muri Delware.
Mu 1966, uretse indirimbo nkeya z'umudiho wa Ska muri Jamaica, Marley ntiyari bwamenyekane mu gisata c'umuziki. Ni uko yaciye ava mu gihugu ciwe aja i Wilmington muri Delaware aho nyina, Cedela Booker, yari asanzwe aba kuva se wa Marley apfuye mu 1955. Mu kiringo c'amezi 10 yahamaze, uwo muririmvyi yakoze mu gisata co guterateranya imiduga akaba yakora amasaha y'ijoro mu kunyonga akaduga gaterura imizigo. Ku bw'abagenzi biwe, ako kazi kamuhaye iciyumviro c'indirimbo Night Shift, yasohotse muri album yiwe Rastaman Vibration yo mu 1976.










