IKIBIRIRAHO, Burundi: Ndayishimiye ati : “(Bunyoni) Nta nguvu na zimwe agifise”

Mu myaka itandatu iheze Bunyoni - yari umushikiranganji wa mbere - yafatwa nk'umuntu wa kabiri akomeye agira kabiri mu Burundi inyuma ya Ndayishimiye.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Netanyahu avuga ko Israel ikwiye guhagarika imfashanyo ya gisirikare iva muri Amerika

    Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ariko aravuga mu birori vyo kwibuka abasirikare ba Israel baguye ku rugamba, bizwi nka *Yom HaZikaron*, vyabereye mw'itongo ryabapfuye rya gisirikare kiri ku musozi wa Herzl i Yeruzalemu, kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2026

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ariko aravuga mu birori vyo kwibuka abasirikare ba Israel baguye ku rugamba, bizwi nka *Yom HaZikaron*, vyabereye mw'itongo ryabapfuye rya gisirikare kiri ku musozi wa Herzl i Yeruzalemu, kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2026

    Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yavuze ko ashaka ko Israel igabanya buhoro buhoro ukwizigira imfashanyo ya gisirikare ivuye muri Amerika mu gihe c’imyaka cumi iri imbere.

    Mu kiganiro yahaye ikigo c’amakuru CBS mu kiganiro 60 Minutes, Netanyahu yavuze ko ubu Israel ironka hafi imiliyaridi 3.8 z’amadolari buri mwaka nk’imfashanyo ya gisirikare iva muri Amerika, hakurikijwe amasezerano bafitaniye y’imiliyaridi 38 azorangira mu 2028.

    Netanyahu yavuze ati: “Ndashaka kugabanya gushika ku busa imfashanyo y’amafaranga iva muri Amerika,” yongerako ko ashaka ko iyo ngingo itangura gushirwa mu ngiro ubu nyene aho kurindira inama nshingamateka ya Amerika yo muri kazoza.

    Ayo majambo yiwe yaje mu gihe ugushigikira Israel muri Amerika kwagabanutse kuva intambara yo muri Gaza itanguye mu kwezi kwa Gitugutu 2023. Netanyahu yagiriza can ashinja imbuga ngurukanabumenyi kuba zaragize ico zikoze muri ukwo kugabanuka, avuga ko hari ibihugu vyakoresheje izo mbuga mu kwonona ishusho ya Israel.

    Muri ico kiganiro nyene, Netanyahu yanse kuvuga ku bijanye n’ingene ibikorwa vya gisirikare vya Israel muri Irani bitegekanijwe, ariko yavuze ko reta ya Irani iyo igoyagoye canke ihiritswe vyoshobora gutera ingorane zikomeye imigwi nka Hezbollah, Hamas na Houthis.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Umuririmvyi Dua Lipa yitwariye ishirahamwe Samsung aryagiriza gukoresha isanamu yiwe ata ruhusha

    Ifoto ya Dua lipa

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Dua Lipa yitwariye Samsung, ayagiriza gukoresha isanamu yiwe ku makarato y’amatereviziyo yayo ata ruhusha yatanze.

    Umuririmvyi rurangiranwa Dua Lipa yitwariye ishirahamwe Samsung, arisaba amafaranga angana n’imiliyoni 15 z’amadolari y’Amerika , aryagiriza gukoresha isanamu yiwe ku makarato y’amatereviziyo yaryo ata ruhusha ryamusavye

    Dua Lipa yavuze ko Samsung yakoresheje cane ifoto yo mu maso hiwe ku makarato y’amatereviziyo atandukanye yagurishijwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’uko biri mu rubanza rwatanzwe ku wa gatanu muri Sentare Nkuru ya Amerika yo muri California.

    Mu kirego havuga ko ivyo bikarato vya Samsung “vyateguwe mu guca ku ruhande amategeko hagamijwe kwungukira ku ntsinzi Lipa yaronse ku bw’ibikorwa vyiwe, kugira iteze imbere yongere igurishe ibicuruzwa vya Samsung”.

    BBC yaragerageje guhamagara Samsung ngo igire ico ivuze kuri aya makuru.

    Urwo rubanza rurimwo ibirego bijanye no kwica uburenganzira ku mafoto, gukoresha izina ry’umuntu mu buryo bunyuranye n’amategeko , hamwe no gukoresha isanamu ya Dua Lipa ata burenganzira.

    Ifoto y'igikarato ca makarato ca televiziyo yerekana isanamu ya Dua Lipa

    Ahavuye isanamu, US District Court for the Central District of California

    Insiguro y'isanamu, Amakarato y’amatereviziyo ya Samsung agaragaza isanamu ya Dua Lipa (nk’uko biri mu kirego Dua Lipa yatanze).

    Nk’uko biri muri dosiye y’urubanza, iyo foto yafatiwe mu gitaramo Dua Lipa yakoreye mu birori vya Austin City Limits Festival mu mwaka wa 2024, kandi uburenganzira kuri iyo foto ni ubwa Dua Lipa.

    Ikirego kivuga ko Lipa yatanguye kumenya ko ishusho yiwe iri kuri ivyo bikarato vya Samsung muri Ruheshi 2025. Abafana na bo batanguye kubivugako ku mbuga ngurukanabumenyi, bamwe bakita ayo makarato “Dua Lipa TV Box”.

    Urubanza rwashize ahabona ivyiyumviro bibiri vyanditswe kuri Instagram, aho umwe yavuze ati: “Nogura iyo televiziyo kubera gusa Dua ari kuri yo”, uwundi na we ati: “Nimba ushaka kugurisha ikintu cose, shiramwo gusa ifoto ya Dua Lipa”.

    Abashingwamanza ba Dua Lipa bavuga ko Samsung yirengagije “ivyifuzo vyinshi” vy’uko ihagarika no kureka kurenga ku burenganzira bwiwe.

  3. Umukunzi wa Ashlee Jenae wapfiriye mu biruhuko muri Tanzania yasubiye muri Amerika

    Amafoto n'amashusho "y'urugendo rw'inzozi" yatangajwe na Ashlee mbere y'uko apfa mu buryo butavugwaho rumwe

    Ahavuye isanamu, Social media

    Insiguro y'isanamu, Amafoto n'amashusho "y'urugendo rw'inzozi" yatangajwe na Ashlee mbere y'uko apfa mu buryo butavugwaho rumwe

    Umwunganizi mu mategeko wa Joe McCann yemeje ko umukiriya we yasubiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kandi akomeje kubabazwa n’urupfu rwa Ashley Robinson wari icyamamare ku mbuga nkoranyambaga wapfiriye muri Zanzibar mu gihe yari mu biruhuko byo kwizihiza isabukuru ye y’amavuko n'uwo mukunzi we.

    Mu itangazo yasohoye, uwo munyamategeko yavuze ko McCann yishimiye kuba yasubiye iwabo aho ari guhabwa umwanya wo kubabazwa no kubura Ashley, uwo yavuze ko yari urukundo rw’ubuzima bwe.

    Yanashimiye abategetsi ba Zanzibar ndetse n'aba Amerika ku bufatanye bagaragaje muri icyo kibazo.

    Ashlee Jenae, amazina ye nyakuri akaba Ashley Robinson, yari muri Zanzibar yizihiza isabukuru ye hamwe na McCann, ndetse muri urwo rugendo yise "urugendo rw'inzozi" aho banasezeranye kubana, mbere y'uko apfa mu buryo butavugwaho rumwe.

    Abayobozi muri Tanzania babanje kuvuga ko urupfu rwe rushobora kuba rwatewe no kwiyahura, nyuma baza gutangaza ko iperereza ryimbitse ririmo gukorwa kugira ngo hamenyekane icyateye urwo rupfu mu ntngiriro z'ukwezi gushize.

    Bombi bari bemeranyije kuzabana mu muhango wo kwambikana impeta bakoreze bari inyuma y'intare y'umweru muri Zanzibar

    Ahavuye isanamu, Social media

    Insiguro y'isanamu, Bombi bari bemeranyije kuzabana mu muhango wo kwambikana impeta bakoreze bari inyuma y'intare y'umweru muri Zanzibar

    Pasiporo ya McCann yabanje gufatirwa abuzwa gutaha ngo abanze abazwe "nk'umutangabuhamya" nk'uko polisi yabitangaje.

    Kugeza ubu, raporo yuzuye y’iryo perereza ntirashyirwa ahagaragara, ibintu byasize umuryango wa Ashley mu gihirahiro.

    Umuryango we wagaragaje kutishimira kuba utarahabwa amakuru asobanutse n’abayobozi mu gihe ukeka ko umwana wabo wari ugize imyaka 31 yishwe.

    Ashley Robinson yashyinguwe iwabo mu cyumweru gishize muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Burundi: Ndayishimiye ati : “(Bunyoni) Nta nguvu na zimwe agifise”

    Mu myaka itandatu iheze Bunyoni - wari umushikiranganji wa mbere - yafatwa nk'umuntu wa kabiri akomeye agira kabiri mu Burundi inyuma ya Ndayishimiye

    Ahavuye isanamu, @nshingamateka/Burundi

    Insiguro y'isanamu, Mu myaka itandatu iheze Bunyoni - yari umushikiranganji wa mbere - yafatwa nk'umuntu wa kabiri akomeye agira kabiri mu Burundi inyuma ya Ndayishimiye

    Umukuru w’igihugu c’uburundi Évariste Ndayishimiye yavuze ko Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere “atagifise inguvu na zimwe ”, inyuma y’irekurwa ryiwe ry’agateganyo mu gihe yaramaze hafi imyaka itatu apfunzwe.

    Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Jeune Afrique, Ndayishimiye yahakanye ivyavuzwe ko irekurwa rya Bunyoni ryatewe n’imvo za politike, avuga ko Bunyoni “yaciriwe urubanza kandi agahanwa” kubera inyifato yiwe yo “kwibona nk’uwuri hejuru y’amategeko.”

    Bunyoni yaburanye ahakana ivyaha yagirijwe.

    Yarekuwe kubera amagara yiwe atameze neza, nk’uko vyashikirijwe n’abajejwe umutekano n’abo mu muryango wiwe baganiriye na BBC.

    Abategetsi bavuze ko yari amaze amezi arenga atatu ari mu bitaro kandi ko atagifatwa nk’ikibazo k’umutekano.

    Mu 2023, Bunyoni yakatiwe umunyororo w’ubuzima bwose ku vyaha birimwo guhungabanya umutekano w’igihugu, guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, gutunga ibigwanisho mu buryo bunyuranye n’amategeko, ibiturire, hamwe no kugerageza kwica umukuru w’igihugu — ivyaha we yahakanye.

    Ndayishimiye yagize ati : “Kubera iki wobandanya upfunga umuntu amagara yiwe atakimwemerera kugira ico abangamira? Nta nguvu na zimwe agifise.”

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Ibiciro vy’igitoro vyaduze inyuma y’uko Trump yanse ivyashikirijwe na Iran ku guhagarika intambara

    Ifoto y'umuntu ariko aranywesha igitoro kwipompo araba n'ibiciro

    Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

    Ibiciro vy’igitoro vyaduze mu masaha yo mu gitondo ku masoko yo muri Aziya kuri uyu wa mbere, inyuma y’uko Perezida Donald Trump yavuze ko inyishu ya Iran ku migambi y’Amerika yo guhagarika intambara “itemewe na gato”.

    Tehran yarungitse inyishu yayo biciye muri Pakistan, igihugu cariko kiragerageza guhuza impande zompi, isaba ko intambara ihagarara ubwo nyene hamwe no guhabwa ivyizigiro vy’uko ata bindi bitero vya Amerika na Israyeli bizosubira kugabwa kuri Iran, nk’uko vyatangajwe n’ikinyamakuru Tasnim gishigikiwe na Leta ya Iran.

    Igiciro c’igitoro mpuzamakungu ca “Brent” caduze ku rugero rwa 4.1% gishika ku madorari ya amerika 105.50 ku kagunguru, mu gihe igitoro ca Amerika na co caduze ku rugero rwa 4.4% gishika ku madorari ya amarika 99.80 ku kagunguru.

    Umuhora wa Hormuz, ufise akamaro kanini mu gutwara igitoro kw’isi yose, warugawe inyuma gatoyi y’aho intambara itanguriye ku wa 28 Ruhuhuma, bituma ugutanga igitoro na gaz ku rwego rw’isi bihungabana cane.

    Mu kwishura ivyo Iran yasavye, Trump yanditse ku mbuga nkoranyambaga ati: “Ndangije gusoma inyishu yavuye kubitwa ‘Abaserukira’ Iran. Sinayikunze na gato – NTIYOKWEMERWA NA GATO”

    Nk’uko ikinyamakuru Axios co muri Amerika cabitangaje, ivyo Washington yasaba harimwo gusubira kurekura ubwato bugaca mu muhora wa Hormuz hamwe no guhagarika ibikorwa vya Iran vyo gutunganya uranium ikoreshwa mu vya nukleyeri.

    Izindi nkuru wosoma :

  6. Umufaransa yerekanye ibimenyetso vy'indwara ya hantavirus inyuma yo kuva mu bwato bwatowemo iyo ndwara

    Ifoto yerekana Rusehabaniha (ambulance) ziriko ziratwara Abafaransa bavuye mu bwato MV Hondius zibajana ku bitaro biri i Paris

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Rusehabaniha (ambulances) zatwaye abo Bafaransa batanu zibajana ku bitaro biri i Paris

    Umwe mu ngenzi zari mu bwato butwara abantu bwatowemwo indwara ya hantavirus yerekanye ibimenyetso vy’iyo ndwara igihe yariko arasubizwa mu Bufaransa, nk’uko vyatangajwe n’umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu.

    Umushikiranganji wa mbere Sébastien Lecornu yavuze ko uwo Mufaransa yatanguye kugira ibimenyetso vy’indwara igihe yari mu ndege yakodesherejwe urwo rugendo yamuvana kw'izinga rya Tenerife (rimwe mu mazinga ya Canary) muri Espagne imujana ku murwa mukuru Paris w'Ubufaransa, bituma abantu batanu bose bari bakuwe mu bwato bwa MV Hondius "baca bashirwa mu kibanza ca bonyene gushika hashikirijwe ayandi makuru”.

    Abo Bafaransa bari mu bakerarugendo barenga 90 ku musi w’Imana bariko basubizwa iwabo bavuye muri ubwo bwato bwo mu Buholandi, inyuma y’uko bwari bwahagaze hafi y’amazinga ya Canary mu gitondo ca kare co kuri uwo musi.

    Abantu batatu bari muri ubwo bwato bamaze gupfa inyuma yo kubugendamwo, kandi babiri muri bo vyaremejwe ko bishwe n'iyo ndwara.

    Inyuma y’uko iyo ndege ishitse ku kibuga c’indege ca Le Bourget, hafi ya Paris, abategetsi bambaye impuzu zidasanzwe zo kwikingira indwara babonetse baje kubakira. Haciye haza na rusehabaniha (ambulances) zabajanye ku bitaro vya Bichat biri ku murwa mukuru w’Ubufaransa.

    Aho ni ho bazoguma mu kibanza ca bonyene mu kiringo c’amasaha 72 kandi bakorerwe isuzuma ku buzima bwabo, hanyuma barungikwe mu mihana yabo bagume batandukanye n'abandi bantu mu kiringo c’iminsi 45, nk’uko vyatangajwe mu rwandiko rwasohowe n’ubushikiranganji bw’Ubufaransa bujejwe Uburaya n’'migenderanire n'amakungu.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. M23 ‘yavuye’ mu duce turi mu majyaruguru ya Uvira 'berekeza' Kamanyola

    Ifoto yo mu gihe gishize y'abarwanyi ba M23 bari mu modoka mu mujyi wa Goma

    Ahavuye isanamu, AFP

    Insiguro y'isanamu, Ifoto yo mu gihe gishize y'abarwanyi ba M23 bari mu modoka mu mujyi wa Goma

    Amasoko atandukanye y’amakuru aremeza ko abarwanyi b’umutwe wa AFC/M23 mu mpera z’icyumweru bakuye ibirindiro byabo mu duce twa Sange, Bwegera, Luberizi, Luvungi, Kabunambo n’inkengero zaho bakerekeza mu mujyi wa Kamanyola muri iyo ntara ya Kivu y’Epfo.

    Umunyamakuru wigenga ukorera muri Kivu y’Epfo hamwe n’umwe mu bakuriye sosiyete sivile muri teritwari ya Walungu babwiye BBC ko M23 n’abategetsi bayo batangiye kuva muri utwo duce ku wa gatandatu.

    BBC yabajije M23 ibivugwa ariko ntabwo irasubiza kandi nta makuru iratangaza ku kuva muri utwo duce turi mu kibaya cya Rusizi/Ruzizi.

    Utwo duce tuvugwa twabereyemo imirwano ikomeye cyane mu Ukuboza(12) umwaka ushize mbere y’uko M23 ifata umujyi wa Uvira ikawuvamo nyuma y’iminsi micye ku gitutu cya Washington, igasubira muri utwo duce turi ku ntera isaga 40Km mu majyaruguru ya Uvira.

    Leta ya Kinshasa na Washington bagiye basaba M23 gusubira inyuma ikagera i Kamanyola aho uwo mutwe wafashe kuva mu kwezi kwa Gashyantare(2) umwaka ushize, mbere y’amasezerano ya Washington yasinywe muri Nyakanga(7) uwo mwaka.

    Uwo muri sosiyete sivile ya Walungu ukorera i Kamanyola utifuje gutangazwa yabwiye BBC Gahuzamiryango mu butumwa bwanditse ko ibikoresho by’intambara n’imodoka bya M23 byageze i Kamanyola guhera ku wa gatandatu nijoro.

    Uduce M23 bivugwa ko yavuyemo n'aho yerekeje, kugeza ubu uyu mutwe wo ntabwo uragira icyo ubitangazaho

    Ahavuye isanamu, Google

    Insiguro y'isanamu, Uduce M23 bivugwa ko yavuyemo n'aho yerekeje, kugeza ubu uyu mutwe wo ntabwo uragira icyo ubitangazaho

    Kamanayola iri ku ntera ya 75km mu majyaruguru ya Uvira na hafi 50Km mu majyepfo y’umujyi wa Bukavu. Ni umujyi muto w’amateka maremare uri ku nkengero z’umupaka aho hakurya urebana n’umujyi wa Bugarama w’akarere ka Rusizi mu Rwanda.

    Kinshasa na Washington bashinja leta y’u Rwanda gufasha umutwe wa M23, ibyo yo uhakana uvuga ko wafashe “ingamba zo kwirinda”, Kigali na Washington na bo bashinja Kinshasa gukorana n’umutwe wa FDLR urwanya leta y’u Rwanda, Kinshasa irabihakana, ikavuga ko igiye kwambura intwaro FDLR.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Kuri 'El Clasico' Barcelona yekuganye igikombe ca La Liga hasigaye inkino zitatu

    Abakinyi ba Barcelona bishimira igikombe ca La Liga, umwe azamuye hejuru igikombe kinini, abandi benshi bazamuye ibikombe bito

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Marcus Rashford yatsinze igitsindo ciza cane ca “coup franc”, maze FC Barcelona itsinda mukeba wayo Real Madrid yegukana igikombe ca 29 ca La Liga hasigaye inkino zitatu ngo shampiyona y'uyu mwaka irangire muri Espagne.

    Uwo mukinyi w’imbere w'ikipe y'igihugu y'Ubwongereza ni we yatsinze igitsindo ca mbere ca Barcelona yari yakiriye uru rukino, imbere y’uko Ferran Torres atsinda ica kabiri, bituma uyu mugwi umenyerezwa n'Umudage Hansi Flick utsinda neza “El Clasico” yabereye ku kibuga ca Nou Camp.

    Marcus Rashford asimbutse ari kumwe n'abandi bakinyi benshi ba Barcelona bishimye

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Igitsindo ca Marcus Rashford cari ica 14 atsindiye Barcelona muri uyu mwaka

    Abo bakinyi bompi bamaze gutsinda baciye biruka baja guhoberana n’umumenyereza wabo Hansi Flick, inyuma y’aho se wiwe apfuye mu mpera z’indwi iheze.

    Barcelona ubu isigaje ibikombe indwi kugira ishikire Real Madrid ifise ibikombe vyinshi muri iyi shampiyona ya La Liga, inyuma yo gutsindira shampiyona ya Espagne imyaka ibiri ikurikirana.

    Barcelona imaze gutsinda inkino 11 zikurikirana muri La Liga, bituma yegukana igikombe hakiri kare, kandi ubu irusha umukeba wayo amanota 14 adashobora gukuramo ngo abe yayishikira.

    Ukuntu Barcelona yitwaye neza ku kibuga cayo ni vyo vyayifashije cane gutwara iki gikombe, kuko iyi yari intsinzi yayo ya 18 mu nkino 18 yakiniye imbere y’abakunzi bayo.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Trump yavuze ko igisubizo cya Iran ku cyifuzo cy'Amerika cyo kurangiza intambara 'nticyakwemerwa na gato'

    Perezida w'Amerika Donald Trump yambaye ikositimu y'umukara, ishati y'umweru na karuvati yiganjemo ibara ry'umuhondo.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Perezida w’Amerika Donald Trump yapfobeje igisubizo cya Iran ku byifuzo by’Amerika by’uburyo intambara yarangira, avuga ko “nticyakwemerwa na gato”.

    Ibiro ntaramakuru Tasnim bya leta ya Iran mu buryo bw’igice byavuze ko icyifuzo cya Tehran, cyohererejwe Amerika binyuze kuri Pakistan, ikora nk’umuhuza hagati y’impande zombi, kirimo irangizwa ry’intambara aka kanya mu bice byose, ihagarikwa ry’izibira ry’Amerika ryo mu nyanja hamwe no kwizeza ko nta bindi bitero bizagabwa kuri Iran.

    Agahenge kari kitezwe korohereza ibiganiro byo kurangiza intambara yatangijwe n’Amerika na Israel ubwo byagabaga ibitero kuri Iran muri Gashyantare (2) uyu mwaka, ahanini karubahirijwe, nubwo rimwe na rimwe hanyuzamo hakabaho kurasana.

    Mu cyumweru gishize, Trump yasubiyemo ko intambara yo muri Iran izarangira “byihuse”.

    Ariko Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko ububiko bwa Iran bwa uranium itunganyije bugomba “gukurwaho” mbere yuko intambara na Iran ishobora gufatwa ko irangiye.

    Avugira mu kiganiro cyitwa 60 Minutes cy’igitangazamakuru CBS cyo muri Amerika, Netanyahu yagize ati: “Haracyari ibigo cyo gutunganyirizamo [uranium] bigomba gusenywa.”

    Ku cyumweru, Perezida wa Iran Masoud Pezeshkian ntiyakomoje mu buryo butaziguye ku cyifuzo cya Tehran ariko yagize ati: “Ntituzigera na rimwe twunamisha imitwe yacu imbere y’umwanzi, kandi niba ingingo y’ibiganiro ibayeho, [ibyo] ntibisobanuye kumanika amaboko cyangwa gusubira inyuma.”

    Trump yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa Truth Social ati: “Nasomye igisubizo cy’ingirwa ‘Abahagarariye’ Iran. Singikunze - NTICYAKWEMERWA NA GATO.”

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.