'Ubutungane ntibuhereye aha'-Gen Bunyoni ahejeje gucirirwa uwo guherayo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jenerali Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi yaciriwe guphungwa ubuzima bwose na Sentare Ntahinyuzwa.
Urubanza rw’uwo rwasomewe mw’ibohero rya Gitega aho asanzwe apfungiwe.
Bunyoni yagiriwe n'ivyaha vyose indwi yagirijwe harimwo kugerageza kwica umukuru w'igihugu akoresheje amangetengete, gutembagaza inzego zatowe n'abanyagihugu, guhungabanya ubutunzi bw'igihugu hamwe no kurya ibiturire.
Ivyo vyose -co kimwe na bagenziwe - yabiburanye abihakana avuga ko ata vyemezo umushikirizamanza yerekanye vy'ingene yabikoze.
Mu gusozera imburano bose bari basavye kwambikwa izera bakarekurwa.
Ibindi bihano vyaciwe ni ibihe?
Uretse gupfungwa ubuzima bwose, Alain Guillaume Bunyoni azonyagwa kandi amatongo n’amazu ane, hamwe n’imiduga 14 irimwo uwo mu bwoko bwa Hummer.
Muri iyo dosiye Jenerali Bunyoni ari kumwe n'abandi bantu batandatu. Barimwo abashoferi biwe babiri, umwe mu bamwubakira amazu, uwari intwazangabo mu giporisi, uwari umukozi w'iperereza hamwe n'umukuru w'umutumba Mubone mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura, aho Bunyoni yahungiye imbere y'uko afatwa mu kwezi kwa kane.
Ibihano vyaciriwe abandi:
- Desire Uwamahoro yari intwazangabo mu giporisi: imyaka 15
- Samuel Destin Bapfumukeko yari umukozi w'iperereza: imyaka 15
- Côme Niyonsaba, umwubatsi w'amazu: imyaka 15
- Melchiade Uwimana yari umukuru w'umutumba wa Mubone: imyaka 3
- Isaac Banigwaninzigo, umushoferi: imyaka 3
Didace Igiraneza, uwundi mushoferi wa Bunyoni, ni we wenyene yambitswe izera.
'Ubutungane ntibuhereye aha'- Bunyoni
Umukuru wa Sentare Ntahinyuzwa, Emmanuel Gateretse, ubwiwe niwe yasomye urwaciriwe Alain Guillaume Bunyoni n’abo bagirizwa hamwe batandatu.
Nk’uko vyagenda igihe urubanza rwariko ruraburanishwa, icumba co mw’ibohero rya Gitega aho urubanza rwasomewe cari gicungerewe cane. Abinjira babanza gusakwa bakakwa amakaramu, impapuro n’ibindi vyose vyibazwa ko bishobora gufata amajwi canke amasanamu.
Urubanza ruhejeje gusomwa abarusomewe batari kumwe n’abashingwamanza babo, Bunyoni yari akeye mu maso, yumvikanye abwira bagenziwe abaremesha ati ''Ubutungane ntibuhereye ngaha'' , bisigura ko bashobora kuzokwunguruza.
Gusa bababajwe n’uko ata kopi y’urubanza bagiye bahawe kugira batangure kwitegurira kwunguruza.
Bunyoni yafashwe mu kwezi kwa kane inyuma y’amezi atandatu akuwe mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere muri reta ya perezida Evariste Ndayishimiye.
Igihe urubanza rwaburanishwa , ntahumvikanye neza igihe yakoreye ivyo vyaha yagirijwe mu gihe yakuwe yari amaze imyaka irenga 15 yama ari mu bibanza bikomeye vy’ubutegetsi muri reta y’Uburundi.










