Imyaka itatu atwara Uburundi: Amaze gushika kuki? – Ikiganiro cihariye Prezida Ndayishimiye yagiranye na BBC

Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro na BBC
    • Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Gitega

Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi yahaye ikiganiro cihariye BBC mu gihe ku wa mungu itariki 18 Ruheshi (6) azoba akwije imyaka itatu arongoye Uburundi.

Muri ico kiganiro aravuga bikuru bikuru amaze kurangura muri iyo myaka itatu mu guteza imbere igihugu ciwe - atemera ko kiri mu vya mbere bikenye kw’isi - mu kugisubiza mu mashinga (mu makungu) hamwe rero n’igikorwa “kigeze kure” co kugarukana amahoro mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Congo (RDC).

"Umunwa wose uronke ico urya"

Perezida Ndayishimiye avuga ko kuva agishika ku butegetsi icivugo ciwe kwari uko umunwa wose uronka ico urya umufuko wose nawo ukaronka amafaranga.

Ku bijanye no gufungura “twakoze ibishoboka vyose […[ kuko ubu umwimbu wariyongeye kuko isi ndimwa nayo yariyongeye.

"Kera ugiye nko mu misa canke mw’isoko wasanga aho bateruye abana barwaye kwashi, none ubu ntabo mbona bagwaye kwashi."

Mu gihe amashirahamwe atandukanye yerekana ko mu Burundi hari urugero runini rw’abanyagihugu bataronka ivyo barya bikwiye, Prezida Ndayishimiye yagiriza Abarundi “ingeso yo gusaba imfashanyo".

Ati: "Abarundi barafise ingeso mbi yaba yazanywe n’ibihe bigoye twaciyemwo yo gusaba, gusega usaba imfashanyo abagiraneza.

"Ico kintu rero caratumye abantu bumva ko ari ukwama basega.

“Kugira rero ushobore gusaba ubanza gutera ikigongwe uwo usaba, ugaca uvuga ko ugowe, ukenye, naho woba wameshe impuzu ukavuga ko utagira agahuzu…”

Prezida Ndayishimiye yemeza ko kimwe mu bimenyetso vyerekana ko Abarundi badakenye ari ingene batonda imirongo baje gusubiza inoti z’ibihumbi 10 n’iz’ibihumbi bitanu Banki Nkuru y’igihugu iherutse gufata ingingo ko zitazosubira gukoreshwa kuva itariki 18 za Ruheshi (6).

“Nta gitoro dukenye”

Muri iyo myaka itatu Perezida Ndayishimaye amaze ku butegetsi, ikibazo c’ibitoro kiri mu vyabaye ingorabahizi. Kimaze kuduzwa igiciro incuro nyinshi, ariko na cane cane kiboneka nabi nabi, bikagira ingaruka ku bindi bikorwa.

Avuga ko ikibazo c’ibitoro kiri “mu bibazo vy’ubutunzi vyabayemwo ibitero […] aho umudandaza umuha amahera akanka kukizana kugira ubuzima bw’igihugu buhagarare”.

Yemeza ko “nta gitoro dukenye. Genda Dar es Salaam [urabe] mu kigega c’ibitoro vy’igihugu biruzuye”.

Ingorane azishira kuri “ba badandaza nyene badutobera ari bo bafise birya biduga bikizana. None yiyankiye …uca ugira gute?”

Umukuru w’Uburundi avuga ko bariko bariga ingene hashingwa kompanyi ya reta ifise ibiduga vyayo vyo kuzana ico gitoro.

Ivya Bunyoni: ‘Ubu bari mu biharuro’

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Perezida Evariste Ndayishimiye ahimbaje imyaka itatu amaze ku butegetsi atari kumwe n’umushikiranganji wa mbere babutanguranye.

General Alain Guillaume Bunyoni kuva mu kwezi kwa kane ari mu munyororo aho arindiriye gucirirwa urubanza ku vyaha bitandukanye birimwo guhungabanya umutekano n’ubutunzi vy’igihugu.

Perezida Ndayishimye yari yamukuye mu kwezi kw’icenda mu 2022 atavuze ico amuhoye.

Yishura ku kibazo ca Bunyoni n’ivyo yagirizwa, yavuze ati: “Nagumye ndababwira nti 'duce umurongo ntihagire uwubandanya yonona'. Kandi muribuka ko navuze ngo ‘uzobandanya mumenye ko inyama mbisi izovyura iyumye’.

“Iyo rero umuntu abaye intagondwa, uragenda uti ‘rero wewe tugira tuguharure, nta kundi’.”

Nyuma yongeraho ati: “None wibaza ko inzego z’ubutungane zari kuvuga ngo zimufate ata kintu zabonye zimwagiriza? Ubu bari mu biharuro.”

Perezida Ndayishimiye avuga ko arico gituma Bunyoni atarengutswa ngo urubanza rwiwe rutangure mu mizi, “bari mu biharuro baraba ivyo yagirizwa.”

Menya: Ikibazo c’umutekano mu buseruka bwa DR Congo, imigenderanire n’Urwanda n’ishirahamwe rya Buraya, igituma reta y’Uburundi idashaka kureka intumwa ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu ngo ize mu Burundi, n’ibindi vyinshi, biri mu kiganiro c’IMVO N’IMVANO na Perezida Evariste Ndayishimiye muzokwumva kuri uyu wa gatandatu, itariki 17 Ruheshi.