‘Igiturire ni amageragezwa’ no ku ba prezida – Ikiyago ca Ndayishimiye, Ndayizeye na Ntibantunganya

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi
Kubwa Perezida Evariste Ndayishimiye arongoye Uburundi kino gihe, hamwe n’ababurongoye Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye, igiturire ni amageragezwa umukuru w’igihugu yama ahura nayo.
Mu kiganiro catunganijwe na Rushimba Studio Innovation kigatangazwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, aba bagabo berekanye ko mu gihe umukuru w’igihugu agoyagoya, atari umuntu yihagararako, igiturire gishobora kumusamburana igihugu.
Igiturire ni ikibazo gihanze iterambere mu Burundi, igipimo ca 2022 cerekana uko ibihugu bihagaze kuri iki kibazo citwa ‘Corruption Perception Index’ cerekana ko Uburundi buri ku mwanya wa 169 mu bihugu 180 ku isi.
Uburundi ni kimwe mu bihugu bike cane muri kano karere bigifise abahoze barongoye igihugu barenze umwe bakiriho kandi bari mu gihugu, ariko ivyo guhura n’uwabasubiriye vyovyo bikaba ari imbonekarimwe.
Mw’ico kiganiro cari cerekeye ugutsimbataza intwaro ibereye, aba bategetsi barerekana ingene ukurwanya igiturire ari igikorwa kitoroshe kubera rimwe na rimwe usanga hariho n’abakuru b’ibihugu babirya.
Ntibantunganya ati: “Nk’umumenyeshamakuru urabizi, uva hano mu Burundi, ukagenda muri kano karere ukagenda no mw’isi nzima…urashobora kwumva …ngo mu gihugu kinaka, umukuru w’igihugu ngo yahagaritswe kubera iki n’iki n’iki.
“Umukuru w’igihugu ni umuntu nk’abandi, kandi iyo uri umukuru w’igihugu utifata, ibigeragezo ni vyinshi kuko vyose bija kuri wewe, hari n’aho wewe kumbure utabijamwo, mugabo hakagira abaza kuguhendahenda...ugasanga barashobora kubigusukamwo.”
Ntibantunganya, yatwaye Uburundi imyaka ibiri, avuga ko ari ngombwa ko umukuru w’igihugu yihagararako kugira ngo ntagwe muri uno mutego.
Ati: “Burya rero, igihugu kigize Imana, kigatwarwa n’umukuru w’igihugu ashobora guhangana n’ivyo vyose, akavyirinda, kirakira. Mugabo, wihenze ukabireka, igihugu kirapfa.
“Ni ukubivuga mu majambo atomoye, igiturire kirica igihugu, iyo umukuru w’igihugu abigiyemwo hoho, biba kandanda.”
Abajijwe igituma igiturire kiribwa kandi ntigihere, Perezida Ndayizeye yishura n’agatwengo kenshi ati: “Ni ingeso mbi.”
‘Jewe baranyiketse’ - Ndayizeye

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi
Domitien Ndayizeye yashikirije ubutegetsi nyuma y’amatora ya mbere inyuma y’amasezerano y’amahoro y’i Arusha, ico gihe akaba yarongoye igice ca kabiri c’intwaro mfatakibanza.
Avuga ko na we nyene avuye ku butegetsi bamwiketse bafatiye ku matungo afise ariko akavuga ko basanze yera.
Ati: “Nka jewe igihe nari ndahari, ndahava, barankurikiranye hariho abantu banyiketse cane… sinkubesha barankurikiranye, barambaza ndababwira nti genda mucungere, murabe ahantu habuze ikintu… muzombwire.”
Eka na Ndayishimiye aremeza ko amageragezwa nk’aya yo kurya ibiturire ahari, ariko akabona ko bivana n’ukungene nyene kugeragezwa yitwara.
Ati: “Burya n’umuntu kugira akugerageze aba azi ko ugeragereka. Jewe barazi y’uko unzaniye igiturire… emwe uca uba umwansi wanje, kuko ndazi ico ari co igiturire. Igiturire kirica igihugu.”
Ku bw’iwe, abantu ntibaramenya igiturire ikibi caco.
Ati: “Ikiriho ni uko ata muntu n’umwe agomba gutanga igiturire atagomba kwiba, kurenganya. Ni ukuvuga ko wemeye kurya igiturire, uba wemeye ubwo busuma canke wemeye kurenganya.”
Ndayishimiye abona kandi ko gutanga igiturire ari uguhemba kabiri uwo ugihaye mu gihe uba ukimuhaye kugira ngo akore akazi kandi asanzwe ahemberwa. Kubw’iwe, uyo muntu yivye kabiri.
Ndayishimiye abona kandi ko abarondera guha ibiturire umukuru w’igihugu ari abantu usanga bagomba kwiba igihugu, nk’ubutare n’ayandi masoko manini manini, kubera kenshi mwene ayo masoko usanga ari “umukuru w’igihugu ari imbere. Rero utigumya, ni amageragezwa”.
Mu Burundi, inama nshikiranganji zashinzwe inyuma y’amasezerano ya Arusha zarimwo ubushikiranganji bujejwe intwaro ibereye, ari yo yari ijejwe kurwanya igiturire.
Mu nama nshikiranganji y’ubu, ubushikiranganji bw’intwaro ibereye ntaburimwo, Perezida Ndayishimiye akavuga ko yashatse gufata mu minwe ibibazo vyose bijanye n’intwaro ibereye, na rirya kubw’iwe ata “mushikiranganji agenzura uwundi”.










