#5: Inkuru mwasomye cyane na video mwarebye cyane mu 2023 - Pasitori Denise Nkurunziza ku rupfu rwa Prezida Nkurunziza

Ahavuye isanamu, Facebook/Pasteur Denise Nkurunziza
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Greatlakes Nairobi
Umwaka wa 2023 uragana ku musozo, ni umwaka wabayemo byinshi mu makuru, kuva ku makimbirane akomeje mu burasirazuba bwa DR Congo, ibura ry’igitoro mu Burundi, umugabo wemeye ko yishe abagore benshi akabahamba iwe i Kigali, ibiza bivuye ku mvura byahitanye abantu benshi i Kalehe muri DR Congo n’i Rubavu mu Rwanda, kugera magambo ya Perezida Tshisekedi y’intambara ku Rwanda…
Muri iyi minsi isigaye ngo 2023 irangire, turagenda tubagezaho inkuru mwasomye cyane, hamwe na video mwarebye cyane ku rubuga rwacu rwa Facebook.
Tugeze ku mwanya wa 5 tumanuka tugana kuwa mbere w’iyasomwe cyane na video yarebwe cyane (hasi mu nkuru).
'Namaze imisi ibiri nzi ko yapfuye ariko sinari gutanga igihugu kubivuga' -Pasitori Denise Nkurunziza ku rupfu rwa Prezida Nkurunziza
Kuva Pasitori Denise Nkurunziza apfakaye, abandanya igikorwa co kwigisha ijambo ry'Imana nka pasitori w'ishengero ry'Urutare "Eglise du rocher", akanakurikirana irerero ry'impfuvyi yubatse i Buye, muri komine Mwumba, mu buraruko bw'igihugu.
Prezida Pierre Nkurunziza yitavye Imana itariki umunani z'ukwezi kwa gatandatu mu 2020.
Ico gihe na we Denise Nkurunziza na we yari mu bitaro ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi.
Avuga ko amaze kumenya ko umucance wiwe yitavye Imana, yabigize ibanga.
Agira ati:"Nabimenye ari mu gitondo, ariko nagiye kubivuga ku mugoroba w'umusi ukurikira.
"Sinari gutanga igihugu kubivuga, kuko yari uwo igihugu."
Denise Nkurunziza ariko, avuga ko ivyo vyashitse amaze imisi mu masengesho yo gusaba Imana gushima mu bibi no mu vyiza.
Uwo mupfasoni w'abana batanu, ubu akora akazi ko kwigisha ijambo ry'imana agira ati:"Uwabimbwiye yansavye gusenga ngo kuko agiye muri koma. Hari mu gitondo. Ariko jewe nari numvise ijwi rimbwira ko kabaye. Nca ndashimira Imana.
"Naciye nshira amaboko hejuru nshimira Imana ndayibwira nti urakoze, urakoze... sinavuga ico nshima ariko naguma mvuga nti urakoze.
"Uwabimbwiye naramubwiye nti nimubure kwakira ishaka ry'Imana."
Umupfakazi Denise Nkurunziza avuga ko mw'ijoro bari bavuganye n'umugabo wiwe, aramubwira ko yateramye cane ariko araganira n'abagenzi ko arushe, yumva ashaka kuryama baca barasezerana.
Amaze kwitaba Imana abantu bonyene yashoboye kumenyesha iyo nkuru y'umubabaro, ni abana biwe ba mbere, ariko arabihanikiriza kubivuga imbere y'uko igihugu gisohora itangazo.
Agira ati:"Narahamagaye umuhungu wanje mukuru yari i Bujumbura, ndamubwira ko se wiwe aremvye, ko aduga kumuraba mu bitaro i Karusi.
"Ariko naramwihanikirije ko ataza kwinjira mu bitaro atambariye. Inzira yose nagumye ndamuhamagara ndamubaza aho ageze.
"Ageze aho bahagarika imiduga ku bitaro (Parking), naramurindiriye araheza guparika nca ndamumenyesha iyo nkuru ko se wiwe yitave Imana. Ndamubwira ko yogerageza akihangana yifate rugabo. Kandi narabajije abari bahari, yarigumije."
Avuga ko mu nyuma yaciye ahamagara n'uwumukurikira yiga I Londres mu Bwongereza ico gihe, bose abasaba kwigumya.

Ahavuye isanamu, Facebook/Pasteur Denise Nkurunziza
Ikigandaro
Pasitori Denise Nkurunziza avuga ko umucance wiwe yitavye Imana na we yatoye mitende.
Yaciye ataha i Bujumbura aza gufashanya n'abandi ikigandaro.
Muri iyo misi ni we yaremesha abandi.
Agira ati:"Abantu baraza ari benshi, cane cane ku mugoroba. Tugasangira igisabisho, kandi akaba ari jewe nigisha. Vyarabafashije na bo nyene kwihangana. "
Avuga ko no ku maziko hariho abahungabanye, ariko amaze guhaguruka akavuga ijambo, bakabona ntariko ararira, vyafashije benshi.
Denise Nkurunziza avuga ko yashimiye Imana kuba umucance wiwe atapfuye urupfu rw'agashinyaguro, ari na yo mpamvu ataha amatwi abavuga ko yishwe.
Agira ati:"Narababwiye ko batosubira kunzanira amajambo yo kuvuga ngo yishwe n'uyu n'uriya, abamunyegeranirije barakoze.
"Mbe nonavyemera hoho ko ari bo bamwishe, bagakora ibipimo, aca azuka abe muzima?"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Denise Nkurunziza nka Pasitori
Denise Nkurunziza ubu ahanini akora imirimo y'Imana iruhande yo kwitaho impfuvyi.
Ishengero ryiwe, Eglise du Rocher, ryubatswe ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura.
N'inyubakwa nini cane iteye igomwe, avuga ko ari "icicaro mpuzamakungu" ca Eglise du rocher.
Iyo shengero iteye igomwe avuga ko yubatswe n'abakristu.
Agira ati:"Abakristu ni bo baryiyubakiye. Hari uwiyemeza kuzana isima, uwundi amatafari...
"Emwe ryatwaye uburyo bwinshi ari na co gituma ryateveye guheza kwubaka. Ariko iri ryavuye mu nguvu z'abakristu gusa."
Denise Nkurunziza arakoresha ibikorane bitandukanye mu gihugu no mu makungu.
Avuga ko igihe yari ku kirimba, bimwe mu bikorwa yakora yabifatanije no kwiga ijambo ry'Imana kuri kaminuza.
Ubu afise urupapuro rw'umutsindo rwo kuri kaminuza Espoir d'Afrika, rwo kwigisha ijambo ry'imana.
Irerero ry'impfuvyi 'Le bon Samaritain'

Ahavuye isanamu, Facebook/Pasteur Denise Nkurunziza
Ikigo c'impfuvyi 'Le bon Samaritain' (Umusamariya mwiza) ryubatswe i Buye, muri komine Mwumba, mu buraruko bw'Uburundi, ubu ririmwo impfuvyi 58, abandi umunani bari mu miryango yemeye kubarera.
Pasitori Denise Nkurunziza avuga ko abo bana abakura hirya ni hino mu gihugu.
Agira ati: Jewe ntora utwana tukiri duto usanga twabize nyina watwo ari duto. Hanyuma dukuze nca ndadusubiza se batwo.
Ba se wabo bavyemeye, turashobora kubatanga mu yindi miryango kugira babafashe kwiga."
Avuga ko ivyo kubafasha biva mu bantu batandukanye.
Ati:"Jewe ndakunda abarundi cane kuko bafise umutima w'ikigongwe. Ivyo mfashisha abana bizanwa n'abantu batandukanye. Hari abimbura bagaca bagemura, hari abiyemeza ico batanga buri kwezi, mbere hari n'umupfasoni yemeye kuza aratanga ibihumbi 20 buri kwezi."
Denise Nkurunziza avuga ako, abo bana babarera gushika ku myaka itanu gusa, "tubasubiza mu miryango harya tubonye bashobora gufungura ibijumbu, amateke,..."
Avuga ko ari igikorwa c'urukundo gisaba kwitanga cane.
Pasitori Denise Nkurunziza si umunywanyi wa CNDD-FDD
Umuhisi prezida Pierre Nkurunziza yagiye ku butegetsi mu 2005 ashizwe imbere n'umugambwe CNDD-FDD.
Ariko bitandukanye n'abandi bapfasoni b'abakuru b'igihugu Uburundi bumaze kuronka, Denise Nkurunziza wewe si umunywanyi w'uwo mugambwe.
Umubajije ico kibazo, mu gatwengo kenshi avuga "ariko mwebwe murambeshera, ntimuhora mubona ko nitaba ibikorane vy'uwo mugambwe nkabafasha gusenga? Mushaka umuntu abemwo gute?"
Mu bikorane bitandukanye vyo gushimira Imana bitegurwa n'umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD, co kimwe n'ibikorwa n'uwo mugambwe misi yose ku musi wa kane wa nyuma w'ukwezi, kenshi na kenshi Denise Nkurunziza ni ho aba ari ariko nta mwambaro w'umugambwe aba yambaye.
Na vyo nyene arabifitiye insiguro:"Jewe ninjiye muvyo gukorera Imana ata mugambwe ndimwo.
"Ivyabaye mu 1993, vyabaye ndi kw'ishure ata mugambwe ndimwo. Aba bagarutse naratanguye gukorera Imana.
"Kandi ijambo ry'Imana rivuga ngo, uko wari uri mw'ihamagarwa, ubigumanemwo n'Imana."
Avuga ko yumvise ko yoguma uko yari ari, kuko hariho abahamagarwa basanzwe bari mu mugambwe bakabandanya bakorera Imana n'umugambwe, nta co vyica.

Ahavuye isanamu, Facebook/Pasteur Denise Nkurunziza
Ibibazo vya politike Uburundi bwaciyemwo umucance wiwe ari prezida yavyifatamwo gute?
"Narasenga - twarasenga tukabisengera" , iyo ni yo nyishu Denise Nkurunziza atanga.
Igihe haba igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi bwa prezida Nkurunziza mu 2015, uwo mupfasoni yari i Bujumbura.
Agira ati:"Jewe nari muhira n'abana twari mu masengesho kuko twarabona ibihe igihugu kirimwo ko atari vyiza. Kandi numva ndemye.
"Twariko rero turasenga dusengera na rurya rugendo yarimwo muri Tanzania kuko bamwe bamubwira ngo ntagende, abandi ngo genda. Ariko Imana yari yatwemereye ko yogenda aca agendera kuri iryo jambo."
"N'igihe bavuga ngo habaye 'coup d'Etat' naciye mbwira abana nti duza amaboko dushime Imana."
Abavuga ko prezida Nkurunziza yagerageje kugaruka mu Burundi ageze mu kirere aca asubira inyuma kubera ikibuga c'indege c'ugaye, arabihakana.
Agira ati:" Ico n'ikinyoma. Ahubwo barahagurutse n'indege, hanyuma bashitse mu kirere, asanga yibagiye bibiliya yiwe, ni ho baca basubira inyuma kuyitora."
Amabi y'ibiturire no gusinzikaza agateka ka zina muntu vyaragirijwe intwaro ya Nkurunziza
Ku ntwaro y'Umuhisi Nkurunziza, amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike n'imigambwe itavuga rumwe na reta yagiye imwagiriza guhonyanga agateka ka zina muntu hamwe no kurya ibiturire.
Ivyo Denise yaravyumva ariko ntiyashima guca abivugana n'Umucance wiwe.
Agira ati:"Vyinshi vyavugwa na mwebwe abamenyeshamakuru. Burya na mwebwe muragoye. Rimwe rimwe ivyiza ntimubivuga, murondera ibibi gusa. Murashiramwo no kurenza urugero.
Abandanya agira ati:"Atashe navyumvise sinashima kubimushikizako kuko yaba arushe.
"Ntiyova mu bibazo vy'akazi ngo nanje ndamushikize kuri ivyo. Ahubwo naca ndamuha 'care' (kumwitaho". Uramutse unabivuze ukabicisha mu zindi nzira.
"Narashobora no kumubwira nti dusengere ibi bintu imana ibiroranye."
Vyari bibabaje. Narigumya kuko hari aho ushika mu bintu ubwana bukimuka ugakura.
Agira ati:"Sibintu naca mvuga ngo turagowe, nkaja mu vyo kurira, oyaaa. Ahubwo naravuga nti ibi bintu birasaba gusenga Imana.
Nk'umuntu yabaye ku kirimba ahanura abantu bose bashingwa amabanga y'igihugu kwama biteguye ko ejo canke ejo bundi bashobora kuyavamwo.
#5 - Video yarebwe cyane kuri Facebook yacu: 'Baba abahutu barampfunze, baba abatutsi barampfunze' – Prezida Domitien Ndayizeye

Iki ni ikiganiro BBC yagiranye n'uwahoze ari perezida w'u Burundi Domitien Ndayizeye ku byo akora ubu no kuri kahise, wakireba kuri Facebook yacu uciye hano.










