Intambara yo muri Ukraine: Menya ingene amarobo ariko akoreshwa ku rugamba

Ahavuye isanamu, Tencore
- Umwanditsi, Vitaly Shevchenko
- Igikorwa, Umunyamakuru ku Burusiya, BBC Monitoring
- Igihe co gusoma: iminota 5
Kuva Uburusiya butanguje intambara yeruye kuri Ukraine, iyi ntambara igenda ibamwo ubuhinga bwa none bwo ku rwego rwo hejuru.
Ikirere ca Ukraine cabaye isibaniro rya za ndege zitajamwo abadereva (drone) zaba iza maneko canke iz'intambara, mu gihe mu Kiyaga Cirabura naho amato atajamwo abadereva abangamiye ingabo z'Uburusiya zirwanira mu mazi.
Ubu, Ukraine yahisemwo umugambi ukomeye wo kurungika amarobo yahawe ibirwanisho ku rubuga rw'intambara.
Aya marobo, azwi kw'izina rya UGV (Uncrewed ground vehicles, twogereranya n'ingendeshwa zo hasi zitarimwo abazitwara), amaze kwerekana ko ari kirumara mu buryo budasanzwe.
Hari amakuru avuga ko aya marobo amaze gusubiza inyuma ibitero vy'Uburusiya, eka mbere akanafata mpiri ingabo z'umwansi.
Biravugwa mbere ko aya marobo ruburakigongwe ya Ukraine n'ay'Uburusiya amaze gukubitana ata ngabo ziri hafi.
Majoro Oleksandr Afanasiev wo muri Birigade ya K2 ya Ukraine, atwara ibatayo ikoresha aya marobo abona ko iki ari ikintu ikintu ca mbere kw'isi.
Ati: "Intambara z'amarobo zaramaze gutangura".
Bumwe mu buryo iyi birigade ikoresha aya marobo ni ukuyambikako hejuru inkoho zo mu bwoko bwa Kalashnikov.
Majoro Afanasiev agira ati: "Amarobo ashobora kurwanira mu burere bushobora kutinjirwamwo n'umuntu, kuko ni imashini zidatinya akaga canke ngo zitinye urupfu kuko si umuntu".

Ahavuye isanamu, Devdroid
Ibatayo yiwe isanzwe ikoresha amarobo yo ku butaka yikoreye ibibombe kandi y'ubwiyahuzi (kamikaze) mu gusenya ibirindiro n'ubwihisho bw'umwansi.
Mu gihe amadrone yo mu kirere yoyo atera urwamo, aya marobo yoyo nta jwi na rimwe riburira umwansi ku gitero kigomba kibe.
Icegera ca komanda wa Birigade ya 33 ikoresha ibimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe, azwi kw'izina ry'iritazirano rya "Afghan", avuga ko UGV ya Ukraine yari yambitsweko inkoho rutura yatangiriye imodoka y'Uburusiya yunguruza ingabo, iyindi robo nayo yamaze amayinga akingiye ikirindiro c'ingabo za Ukraine.
Hagati aho, Afghan aremera ko hari inzitizi ku rugamba kuri aya marobo ruburakigongwe mu buryo akora, kandi ko zimwe muri zo ari izo bishyiriraho ubwabo, kubera amategeko mpuzamakungu agenga intambara.
Agira ati: "Ama-UGV ya none ku ruhande rumwe arikoresha. Arashobora kwigendesha yo nyene, arashobora kubona no kumenya umwansi. Ariko nubwo biri uku, ingingo yo kurasa ifatwa n'umuntu, uwuyikoresha.
"Amarobo arashobora kwihenda ku muntu mubi canke agatera inzirakarengane, ni co gituma ingingo ya nyuma itegerezwa gufatwa n'uwuyakoresha".
Ibi bisigura ko ahanini amarobo akoreshwa ku rubuga rw'intambara agenzurirwa kure n'abazikoresha, bifashishije ubuhinga bwa internet, bari ahantu hatekanye.
Aya ma-UGV ya Ukraine ashobora kwambikwako ibikoho birekura amagerenade, co kimwe n'ibikoho rutura, kandi ashobora no kurungikwa mu turere twuzuye ama-mines canke turimwo inzitiro z'intsinga.
Uruhara rw'ama-UGV y'intambara rugiye kwiyongera vuba, nk'uko bivugwa na Valerii Zaluzhnyi, yahoze arongoye igisirikare ca Ukraine, ubu akaba aserukira igihugu mu Bwongereza.
Avugira mu kigo ca Chattam House c'abahinga mu kwihweza ibintu n'ibindi bariko bararaba kazoza k'ibigwanisho, yavuze ko ingendeshwa zitarimwo abazitwara zitazokoreshwa ubwazo zonyene, ahubwo zizoba zigize ikiguri kinini, c'indege zitajamwo abadereva zigenzurwa n'ubwenge bukorano (Intelligence Articificielle/Artificial Inteliigence).
Ati: "Mu gihe kitari kure, tugiye kubona ibitero bizoba bikorwa n'amadrone mirongo canke mbere amajana aca mu mpande zose, haba mu kirere, ku butaka no mu mazi, ica rimwe.

Ahavuye isanamu, Devdroid
Uravye ingene amadrone ashobora guteza akaga ku bantu bari ku rubuga rw'intambara, vyabaye ngombwa ko higwa ubundi buhinga.
Ingabo zirwanira ku butaka ni ntasubirizwa ariko gusa "zikeneye gushigikirwa n'ama- UGV", nk'uko bivugwa na majoro Afanasiev: "Ukraine irashobora kwemera gutakaza amarobo, ariko ukuri ni uko idashobora kwihanganira ugutakaza abasirikare biteguriye urugamba".
Igisirikare ca Ukraine gisanzwe gihanganye n'ikibazo gikomeye co kubura abarwanyi, kandi gusubiriza abagwa ku rugamba ni ikintu kiriko kiragorana.
Uburusiya na bwo nyene busanzwe buriko burahingura ku bwinshi amarobo y'intambara, nka robo zizwi kw'izina rya Kuryer. Nk'uko bivugwa mu binyamakuru vyo mu Burusiya, iyi robo ishobora kwambikwako ibikoho birekura umuriro, ibikoho vya rutura mu bisanzwe vyambikwa kuri vya bimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe, kandi ishobora kwigendesha yo nyene amasaha ashika kuri atanu.
Igisirikare c'Uburusiya gisanzwe kandi gikoresha amarobo y'ubwiyahuzi azwi nka Lyagushka ("Frog ni ukuvuga Igikere") mu kurandura ibirindiro vy'ingabo za Ukraine.
Yuriy Poritsky, umuyobozi nshingwabikorwa wa Devdroid (kompanyi ya Ukraine ikora amarobo yo ku rugamba), avuga ko kubera Ukraine n'Uburusiya vyose biriko bikora amarobo y'intambara kandi akomeye, ari ikibazo c'igihe gusa imbere y'uko aya marobo atangura gutana mu mitwe hagati yayo ku rugamba.

Ahavuye isanamu, Russian Defence Ministry
Ati: "Bitebe bitebuka, tuzokwisanga mu gihe c'aho izi ngendeshwa zitajamwo abashoferi zizokubitana n'izindi ku rubuga rw'intambara. Intambara z'amarobo kumbure abantu bashobora kuba bazumva nk'imigani, ariko nta migani ku rubuga rw'intambara. Ni co gihe tugezemwo".
Ikompanyi yiwe iriko irakora irondera ubuhinga bw'ukungene amadrone yayo yo ku butaka azoshobora gusubira inyuma mu gihe itumatumanako hagati yayo n'abayakoresha rizoba ricitse.
Mu bihe biri imbere, iyi kompanyi ishaka ko amarobo yayo ahabwa ubuhinga bwo gushobora kwigendesha yonyene ahantu, agakora igikorwa cayo - nk'ukuneka aho umwansi ageze bibaye ngombwa akamurasa – hanyuma inyuma y'igihe kanaka agasubira ku kigo.
Iyindi kompanyi ya Ukraine nyene ikora amarobo, Tencore, yahinguye ayarenga 2000 mu mwaka uheze wa 2025 akoreshwa n'igisirikare ca Ukraine.
Umukuru wayo, Maksym Vasylchenko, yiteze ko muri uno mwaka wa 2026 azosabwa guhingura ayababa 40.000, nibura 10-15% akazoba afise n'ibirwanisho.
"Ingendeshwa zo hasi zitarimwo abazitwara zizoba kirumara, aha ntagukekeranya".
Mu gihe biri imbere, Vasylchenko abona ko amarobo azokoreshwa mu ntambara nk'uko umuntu akoreshwa: "Ntibizoba bikiri umugani".













