Ubwongereza bukwiye kurungika ingabo muri Ukraine atari izo kurwana- Johnson yahoze ari umushikiranganji wa mbere

Boris Johnson avuga ko Uburengero bwagiye bukwega amakuru mu gufasha Ukraine.
Insiguro y'isanamu, Boris Johnson avuga ko Uburengero bwagiye bukwega amakuru mu gufasha ukraine
    • Umwanditsi, Laura Kuenssberg
    • Igikorwa, Aremesha ikiganiro Sunday with Laura Kuenssberg
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson avuga ko Ubwongereza n'incuti zabwo bikwiye kurungika ubu nyene ingabo muri Ukraine ariko atari izo kurwana, kugira ngo Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yumve ko ategerezwa guhindura ivyiyumviro.

Mu kiganiro Sunday with Laura Kuenssberg ca BBC ari kumwe n'uwahoze ari umukuru w'ingabo, Amirali Sir Tony Radakin, Johnson yavuze ko ingabo zikwiye kurungikwa mu turere tutarimwo intambara mu bikorwa atari ivyo kurwana.

Ati: "Nimba dufise intego yo kurungika ingabo inyuma y'intambara, mu gihe Putin azoba yemeye guhagarika intambara, kubera iki bitokorwa ubu"?

Reta y'Ubwongereza iriko irakorana n'incuti zayo mu gushinga "urunani rw'abashaka" ruzotanga ingabo zo kwubahiriza amahoro n'umutekano muri Ukraine, mu gihe hazoba habaye amasezerano yo guhagarika intambara.

Mu gihe hasigaye imisi ibiri ngo hahimbazwe imyaka ine iyi ntambara itanguye, Johnson yari umushikiranganji wa mbere igihe intambara yatangura, avuga kandi ko iyi ntambara itari kuba iyo ibihugu vy'Uburengero bimera magabo ku gasotoro ka Putin kagenda kiyongera n'inyuma y'uko yihagiye akarere ka Crimée mu 2014.

Johnson na Sir Tony bagarutse ku musi Uburusiya bwatera Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022, hamwe n'imisi ya mbere y'iyi ntambara, igihe hafatwa ingingo yo gushigikira Perezida Volodymyr Zelensky.

Nubwo Ubwongereza bwiyemeje kubandanya bushigikira Ukraine, baremera ko ibihugu vy'Uburengero vyagiye bikwega amaguru no kwiyubara birenze urugero mu guha Ukraine ubufasha.

Mu myaka ine iheze, vyagiye bishika kenshi aho incuti za Ukraine zafata amezi n'amezi kugira ngo zumvikane ku kurungikira Perezida Zelensky ibirwanisho yasaba.

Johnson avuga ko uku kwiyubara kwa cane kwatumye abantu bapfa.

Ati: "Twamye dutevya ibintu ata mpamvu".

"Nta mvo n'imwe mbona yotubuza kurungika ingabo z'amahoro ku rubuga mu kwereka Ukraine ko turi kumwe na yo, uburenganzira duhabwa n'ibwirizwashingiro bwo kuyishigikira nk'igihugu cigenga kandi cikukiye.

"Iki ni ikibazo ca poritike. Ni ikintu co kumenya nimba Ukraine yigenga canke itigenga. Nimba ari igihugu kiri mu buja bw'Uburusiya, ari na vyo Putin ashaka, birumvikana ko ari we yofata ingingo y'uwuja mu gihugu ciwe. Ariko nimba atari uko, ingingo ni iy'Abanya-Ukraine".

Umusirikare wa Ukraine ariko aca iruhande y'inzu yabomowe n'ingabo z'Uburusiya i Kharkiv muri Nzero (1) 2025

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Umusirikare wa Ukraine ariko aca iruhande y'inzu yabomowe n'ingabo z'Uburusiya i Kharkiv muri Nzero (1) 2025
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Perezida Putin afata ko ingabo mpuzamakungu muri Ukraine, zaba izo kubungabunga amahoro canke izindi, nk'agasotoro gakomeye.

Muri Nyakanga (9) umwaka uheze, inyuma y'uko hashikirijwe iciyumviro co kurungika "ingabo zo guhumuriza", Putin yavuze ko ingabo zose zorungikwa muri Ukraine zizokorwako ibitero.

Mu kwishura ku bisabwa na Johnson, umushikiranganji wo kwivuna abansi John Healey yavuze ko azorungika ingabo z'Ubwongereza muri Ukraine igihe impande zishamiranye zizoba zishitse ku masezerano y'amahoro.

Yanditse mu kinyamakuru Telegraph ati: "Ndipfuza kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi arungika ingabo muri Ukraine – kubera ibi vyosigura ko iyi ntambara izoba irangiye.

" 2026 itegerezwa kuba umwaka w'iherezo ry'iyi ntambara y'ubugome".

Ntiyemera kurungika ingabo atari izo kurwana nk'uko Johnson abisaba, akishimira ahubwo imfashanyo ya gisirikare Ubwongereza buha Ukraine hamwe n'ibihano Uburusiya bwafatiwe.

Johnson yavuze ko kudatesha Putin igihe yigarurira Crimée mu 2014, igihe David Cameron yari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, cabaye ikintu kibi cane.

Abajijwe nimba Ubwongereza n'incuti zabwo z'Uburengero baratumye Putin atera igihugu mu kwirengagiza ubukana bw'agasotoro kiwe, Johnson yavuze ati: "Ni ko ndabibona. Kubona ata kintu na kimwe cakozwe kuri Crimée cabaye ikintu kibi cane.

"Nibaza ko Putin yatewe intege n'ukungene Uburengero bwananiwe no guhana Assad kw'ikoreshwa ry'ibirwanisho vy'ubumara muri Syria.

"Nibaza kandi ko Putin yatewe intege n'ivyo yabonye muri Afghanistan, aca abona ko Uburengero butari buhagaze neza.

"Yarabonye ariya masanamu ateye ubwoba y'Abanyamerika bariko barahunga muri Afghanistan, Ubwongereza na bwo nyene bukavayo, ibi vyose vyaramuteye intege cane".

Johnson avuga ko, kubona ibihugu vy'Uburengero bitari bifise umurongo ngenderwako utomoye, vyabereye akaga Ukraine. Yongerako ati: "Iyo tuba twari dufise ukuri nyakwo n'intego zitomoye kuri Ukraine, kirya gitero nticari kuba".

Johnson, yigeze kuba ari umushiirangaji ajejwe imigenderanire hanyuma akaza kuba umushikiranganji wa mbere, aremera ko yicuza kubona ata kinini yakoze.

Ati: "Nibaza ko twari dukwiye gukora vyinshi kuruta ivyo twakoze.

"Ikibazo nyamukuru ku bijanye na Ukraine ni uko Putin atarizera, canke atarumvishwa, ko ari nkenerwa cane ku Burengero ko Ukraine iba igihugu cidegemvya kandi cigenga ca Bulaya.

"Igihe cose azoba atarabona ikimenyetso nyaco ko iyi ari yo nshingano yacu, nibaza ko azobandanya yigira utwo yigira.

"Iyi ni yo ngorane turimwo. Ni ukutagira ukwiyemeza nyakuri".