Gen Bunyoni yajanywe mw'ibohero inyuma y'indwi zibiri mw'iperereza

Alain Guillaume Bunyoni

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, General Alain Guillaume Bunyoni yakuwe mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere mu kwezi kw'icenda mu 2022

Amasoko atandukanye aremeza ko Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yarengutse kuri uyu wa mbere mu gitondo ku biro vy’umushikirizamanza mukuru wa Repuburika i Bujumbura.

Mu bavyemeza harimwo urwego rw’igihugu rushinzwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH.

Ntibiramenyekana icese iyo yaciye ajanwa inyuma y’indwi zirenga zibiri yari amaze mu minwe y’urwego rujejwe iperereza

Irengutswa rya Bunyoni ryabaye mu mutekano wakakijwe cane ku biro vy’umushikirizamanza mukuru bisanzwe vyegeranye n’ibiro vya sentare Ntahinyuzwa.

Abantu bose bari bahegereye babanje kwigizwayo canke gutegekwa kwiyugaranira mu biro kugira ntihagire uwubona icagira kibe.

Abashoboye kuronka aho ijisho rimenera bavuga ko babonye imodoka z’ama ‘pick up’ zizanye umuntu, ajanwa mu biro akanya gato mu nyuma zimusubirana inyuma.

Amasoko atandukanye avuga ko Gen Bunyoni yaciye ajanwa mw'ibohero rikuru rya Ngozi mu buraruko bw'Uburundi.

Gushika ubu urwego rw’umushikirizamanza mukuru rwahora ruvuga ko ari mu minwe y’abajejwe iperereza, ariko ikibanza nyezina nticigeze kimenyekana.

Gen Bunyoni yafashwe itariki 17 ukwezi kane.

Mw’itangazo, umushikirizamanza yavuze ko yafatiwe aho yari yinyegeje mu ntara ya Bujumbura inyuma y’aho inzego zijejwe umutekano zimurondereye zikamubura ku rugo iwe zari zagiye gusaka iminsi ine imbere y’aho.

Amaze gufatwa umuvugizi w’urwego rw’ubucamanza, Agnes Bangiricenga, yatangaje ko Gen Bunyonizi yagirizwa ivyaha bitatu;

  • Guhungabanya umutekano
  • Guhungabanya ubutunzi bw’igihugu
  • Kwuronka inyungu z’akazi zidaciye mu mategeko

Intahe yo kuri uyu wa mbere isanzwe iba mu mwiherero ariko hanze ntawahora abuzwa kuraba ingene uwitavye ashikanywe canke asubijwe inyuma.

Bene iyo ntahe iba ari iyo gusomera uwurengutse -akenshi aba yari amaze iminsi mu minwe y’igiporisi canke y’inzego z’iperereza – ivyaha yagirizwa.

Ubundi aca ava ngaho arekuwe ngo abandanye gukurikiranwa yidegemvya canke naho akajanwa mw’ibohero kugira akurikiranwe apfunzwe.

Ku bisanzwe mu mategeko ntawurenza iminsi 14 apfunzwe n'igiporisi canke n'iperereza.