Gen Bunyoni: Umukobwa wiwe Darlene yabwiye BBC uko umuryango wifashe

Darlene Bunyoni na se Alain-Guillaume

Ahavuye isanamu, Bunyoni Family

Umuryango wa General Alain Guillaume Bunyoni aherutse gufatwa n’inzego z’igiporisi ubu uridegemvya kandi wasubijwe uburyo bwo gutumatumanako inyuma y’imisi uvyatswe kuva urugo rwabo rusatswe ku wa mbere w’indwi iheze.

Ivyo vyemezwa na Darlene Bonyoni, umwe mu bana ba General Bunyoni.

Kuri terefone ari mu mahanga, Darlene yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Ego ubu ndashobora kuvugana n’umuryango, bameze neza.

"Bari bamaze nk’indwi yose amaterefone bayabatse badashobora kwidegemvya, batababwiye n’igituma bagumijwe i muhira.

"Ego [ubu] ndashobora kubaterefona tukavugana ariko nta muntu ashobora kumenya ko bashobora kuvuga bidegemvya… kuko ntawomenya ko ivyo bavugana n’abandi bitariko birumvirizwa."

Darlene avuga ko umunsi isakwa ryaba abo mu muryango batakubaguwe, gusa ngo ntazi ivyo abajejwe umutekano bagiye batwaye ivyo ari vyo.

Yavuze ko haheze nk’iminsi ibiri abo mu muryango basubijwe amaterefone yabo, barekurirwa kandi gukora imirimo ya minsi yose haba kuja kw’ishure canke ku kazi.

'Baridegemvya ariko baracacunzwe'

Kuva kuwa mbere benewabo bari muhira baja kw'ishure, ariko "baherekezwa n’abajejwe umutekano mugabo si abo twahorana muhira", nk'uko Darlene abivuga.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Alain Guillaume Bonyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere yafashwe ku wa gatanu uheze, itariki 21 Ndamukiza, inyuma y’iminsi ine inzego z’igiporisi zigiye kumurondera ku rugo iwe zikamubura.

Darlene avuga ko atazi ivyakozwe canke ivyagiye bitwawe muri iryo sakwa "kubera turiko turavugana n’umuryango ntiwumva ko bavuga bidegemvya kubera izo mpungenge z’uko boba bariko barumvirizwa."

Inyuma yo kubura General Bonyoni mu rugo iwe, umushikirizamanza kizigenza mu Burundi avuga ko inzego z’igiporisi zahavuye zimusanga aho yari yinyegeje mu ntara ya Bujumbura.

"Ubu ari mu minwe y’urwego rw’iperereza" nk’uko vyemejwe na Agnès Bangiricenge umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa kuri uyu wa mbere.

Bangiricenge kandi yavuze ko Bunyoni ivyo akekwako birimwo guhungabanya umutekano n’ubutunzi vy’igihugu, hamwe no kuronka inyungu z’akazi zidaciye mu mategeko.

Ntiharamenyeshwa neza na neza ico yakoze canke igihe yagikoreye mu gihe yavanywe mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere mu kwezi kw'icenda mu 2022, inyuma y'imyaka 17 ari mu bibanza bikomeye vy’inzego z’igihugu.

Umukobwa wiwe Darlene Bunyoni yifuza ko ivyerekeye dosiye ya se vyokorerwa ku mugaragaro ukuri kukaja ahabona.

Ati: "Bogerageza uko bashoboye kwose ari ivyo bamwagiriza bije ku mugaragaro.

"Ntihagume igipfungu cinshi, ivyo vyose ni ibintu bidatanga umutekano, atari kuri jewe gusa, ahubwo no mu bantu mu gihugu."