Burundi: Gervais Ndirakobuca yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere

Ahavuye isanamu, RTNB
Inyuma yo kwemezwa n'inzego nshingamategeko kuri uyu wa gatatu mu gitondo, Gervais Ndirakobuca yagenywe n'umukuru w'igihugu, Evariste Ndayishimiye, kuba umushikiranganji wa mbere mushasha w'Uburundi.
Yagenywe n'itegeko ry'umukuru w'igihugu nimero 100/015 ryo kuri uwu wa gatatu itariki 7 z'ukwezi kwa Nyakanga rivuga ko rica rija mu ngiro umunsi ritereweko umukono.
Lieutenant General de Police Gervais Ndirakobuca asubiriye Commissaire de Police General de Police Alain-Guillaume Bunyoni yari muri ayo mabanga kuva prezida Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa Ruheshi (6) mu 2020.
Mu nama idasanzwe y’inama nshingamateka kuri uyu wa gatatu yatumweko ejo ku wa kabiri, Gervais Ndirakobuca yemejwe ijana kw'ijana n’abashingamateka 113 bose bari bitavye iyi nama.
Gervais Ndirakobuca yahora ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umutekano n’itermbere rusangi.
Izina ryiwe ryatanzwe n’umukuru w’igihugu, bikaba bitaramenyekana igituma asubirije Alain-Guillaume Bunyoni kuri ico giti c’umushikiranganji wa mbere.
Hagati aho, ni inyuma y’ibimaze imisi bivugwa ku mbuga hwaniro ko hari ukutumvikana hagati y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye na Alain-Guillaume Bunyoni yari umushikiranganji wa mbere kuva mu 2020 Perezida Ndayishimiye ashikirijwe ubutegetsi.
Mu ndwi iheze, Perezida Ndayishimiye yashikirije ijambo, atawe adomyeko urutoke, ko hari "ibihangange" bishaka gutembagaza ubutegetsi bwiwe.
'Ntihazopfa hasubiye kuba itembagazwa ry’ubutegetsi' - Ndayishimiye
N’uburakari bwinshi, Perezida Evariste Ndayishimiye yarakariye abo avuga ko basoma bibiliya ariko bakigira ba ntakorwako.
Ati: “Uri umuntu usoma bibiliya, ntiwokwigira igihangange kuko umusi umwe Imana irashobora kugukubita [...] abantu bagasigara baribaza igicumuro wacumuye bakakibura”.
“Ibihangange rero, usanga igihugu kiriko kiratoha, aho kwemera akicisha bugufi agaca yigira igihangange... ngo jewe ndakomeye... ubu nta n’umwe akivuga mu gihugu ...jewe jenyene nije ntanga amategeko”.
“Ndakubwire ushaka ico ufyina ntuze ufyine n’igihugu kuko igihugu ugitera akagere mugabo coco kikagutera umugere”.
“Rero abantu bigira ibihangange, shira hasi...shira hasi...ibisaka vy’imbwa vyahiye”.
Yongeyeho kandi ati: “None umujenerali hari umuntu yomukanga ngo agomba agire coup d’Etat ga yemwe? Araza duhangane, kw’izina ry’Imana nzomunesha..."
Ayo majambo yatumye abantu kwibaza cane abo umukuru w'igihugu yashaka kuvuga.
Gervais Ndirakobuca, azwi ko ari somambike na Perezida Ndayishimiye, akaba ari umwe mu ntwazangabo nkuru mu gipolisi c’Uburundi.










