Igihe ca Bunyoni yamaze imyaka hejuru coba cararangiye mu 2022?

Alain Guillaume Buyoni

Ahavuye isanamu, RTNB

Insiguro y'isanamu, Alain Guillaume Bunyoni afise ipete rya mbere rikuru mu giporisi c'Uburundi (Commissaire de Police General)

Inyuma y'imyaka 17 Alain Guillaume Bunyoni ari umuntu akomeye mu butegetsi bw'Uburundi, inama nshingamateka yemeje uwumusubirira mu kibanza c'umushikiranganji wa mbere.

Kugira ivyo bibe vyagenze uko ni uko umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye atari acishimiye ko babandanya gukorana.

Icatumye Bunyoni akurwa mu mabanga ntikizwi ku mugaragaro. Ntacavuzwe mu nama nshingamateka igihe yariko iremeza uwumusubirira, nta n'itangazo umukuru w'igihugu yasohoye kugira avuge imvo z'uko atari acifuza ko babandanya gukorana.

Kandi ntibwari kuba bubaye ubwa mbere havugwa ico umutetegetsi ahowe mu kubogozwa mu mabanga.

Gusa biragoye kutabiha isano no kuba vyashitse umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaheruka kuvuga ko hari abantu “bigira ibihangange”, mbere ko hari abamukangisha kumukubita coup d’etat.

Uko biri kwose, ikurwa rya Alain Guillaume Bunyoni rishobora kuba rirangije imyaka yiwe myinshi mu bibanza bikomeye vy’ubutegetsi bwa CNDD-FDD kuva uwo mugambwe utanguye kuramutswa igihugu mu 2005.

Iyo ntwazangabo y’ipete rya mbere rihanitse mu gipolisi c’Uburundi yagiye arakuranya ibibanza bitandukanye mu butegetsi bw’inzego z’igihugu.

Mu myaka 15 umuhisi prezida Pierre Nkurunziza yamaze ku butegetsi (2005-2020), Alain Guillaume Buyoni yabaye:

  • umuyobozi mukuru w’igiporisi c’igihugu
  • umushikiranganji w’umutekano
  • umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu
  • yongera kuba umushikiranganji w’umutekano

Kuva prezida Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu 2020 naho aca araduga aba umushikiranganji wa mbere.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imbere y’uko aba n’umushikiranganji wa mbere, Bunyoni yari ageze aho biboneka aho aciye ko atari umushikiranganji nk’abandi.

Yagendera mu rukurikirane rw’imiduga myinshi kurusha abandi bashikiranganji bose.

Yinjiye mw’iduka ibarabara rica imbere yaryo ryarugarwa hepfo no haruguru, abari imbere mw’iduka bakagumayo, abari hanze bakarindira bose gushika ahejeje icari kimujanye akagenda.

Alain-Guillaume Bunyoni bivugwa ko ari mu bantu batunze cane.

Ibimenyetso vy’ubwo butunzi bimwe bimwe ntiyabinyegeza nko mu kugaragaza amafoto agabira imodoka z’agaciro umugore n’abana biwe iyo bagize amasabukuru, canke mu kwifotoza be n’umugore mu nzu zabo bicaye mu ntebe canke bambaye ivyambarwa bigaragara ko ari ivy’agaciro.

Alain-Guillaume w’imyaka 50, yavukiye muri komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura mu 1972, ariko mu nyuma umuryango wiwe wahavuye wimukira mu ntara ya Rutana, aho afise urugo runini.

Yagiye ava kuri kaminuza y’Uburundi aja mu muhari warwana wa CNDD-FDD inyuma y’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye mu 1993.

Uwo muhari wahavuye uhinduka umugambwe utwara igihugu kuva mu 2005, kuva ico gihe Bunyoni akaba yari amaze iyo myaka yose (17) mu bibanza bikomeye vy'ubwo butegetsi.

Ko ikibanza ciwe mu butegetsi bw'igihugu coba kigarukiye ngaho, haracari kare kubimenya.