Gen Alain Guillaume Bunyoni ubu aronderwa n'ubushikirizamanza bw'Uburundi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi yemeje ivyari bimaze iminsi ari ibihuha ko Jenerari Alain Guillaume Bunyoni atazwi iyo ari muri iki gihe.
Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere muri reta ya prezida Evariste Ndayishimiye hari haciye iminsi itatu bivugwa ko inzego zijejwe umutekano ku wa mbere zagiye gusaka ku rugo rwiwe mu gisagara ca Bujumbura ariko ntizamusangaho.
Ntivyashotse bimenyekana niba Jenerari Bonyoni ariwe yaronderwa canke niba ari ibindi vyaronderwa mu rugo rwiwe canke vyompi.
Ariko ubu ho umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi, Martin Niteretse, yemeje ko ubushikirizamanza buriko buramurondera.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru yagize ati: ''Ukuri ni uko Parquet General de la Republique hariho ivyo yiketseko kuri uwo mu general de police bashaka kumubaza''.
Yemeje kandi ko basatse urugo rwiwe ati ''ni vyo harabaye fouille-perquisition''.
Gusa ngo ivyo bamuronderako ''ntavyo barambwira kuko ntibashoboye kumubona'' nk'uko uwo mushikiranganji abandanya avuga.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo mutegetsi yemeje kandi ko intwazangabo mu giporisi Desire Uwamahoro arongoye igiporisi co kugwanya imigumuko nawe ariko arasambishwa.
Umushikiranganji Ninteretse ntiyamenyesheje igituma ariko arasambishwa.
Ati ''narumvise ko bariko baramwumviriza. Parquet general sije ndayitwara ntibaca bampa raporo ubwo nyene ataco barashikako [...] ngira tuzomenya ivyo ari vyo ni hagera''.
Ariko ku nkuru zari zimaze iminsi zicanacano ku mbuga hwaniro, isambishwa rya Uwamahoro ryoba rifitinaniye isano n’iburwa rya Jenerari Bunyoni i muhira iwe - mu gihe zimwe muri izo nkuru zivuga ko Bunyoni ashobora kuba yaraburiwe hanyuma agahunga, mbere ko yoba ageze hanze y’igihugu.
Ku vyavugwa kandi yuko yoba yarerekeje mu gihugu ca Tanzania, BBC yabajije abategetsi b'ico gihugu batubwira ko ataco babiziko.
Alain Guillaume yakuwe mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere muri reta ya prezida Ndayishimiye mu kwezi kw'icenda mu 2022, inyuma y'imyaka 17 ari umuntu akomeye mu butegetsi bw'Uburundi.
Mu myaka 15 umuhisi prezida Pierre Nkurunziza yamaze ku butegetsi (2005-2020), Alain Guillaume Buyoni yabaye:
- umuyobozi mukuru w’igiporisi c’igihugu
- umushikiranganji w’umutekano
- umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu
- yongera kuba umushikiranganji w’umutekano
Kuva prezida Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu 2020 naho aca araduga aba umushikiranganji wa mbere.
Icatumye Bunyoni akurwa mu mabanga nticigeze kivugwa ku mugaragaro. Ntacavuzwe mu nama nshingamateka igihe yariko iremeza uwumusubirira, nta n'itangazo umukuru w'igihugu yasohoye kugira avuge imvo z'uko atari acifuza ko babandanya gukorana.
Imvo canke insiguro ziguma ku rwego rw'ibihuha canke ivyo abantu bibaza.
Ariko nyinshi zishingira ku kunyinyana kw'ubugabo, ububasha, ubutegetsi n'inyungu [z'ubutunzi] na poritike hagati y'ibihangange vyo mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD FDD, kuva mu 2005.










