Général Bunyoni: 'Amangetengete, fétiches' mu kugerageza kwica umukuru w'igihugu vyumvirijwe mu mwiherero

General Alain Guillaume Bunyoni

Ahavuye isanamu, Getty Images

Urubanza rwa Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yahora ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi n’abandi bantu batandatu bagirizwa hamwe rwabandanije ku munsi ugira kabiri kuva rutanguye kuburanishwa mu mizi ku wa mbere.

Muri urwo rubanza Bunyoni yagirizwa ivyaha icenda birimwo kugerageza kwica umukuru w’igihugu no gutembagaza inzego z’igihugu.

Intahe yo ku wa kabiri yageze igihe sentare isaba ko ibandaniriza mu mwiherero. Hari hageze ku caha co kugerageza kwica umukuru w’igihugu hakoreshejwe ivyo sentare yise amangetengete (fétiches) - ibintazi mu yandi majambo.

Ku caha co gutunga ibigwanisho adafitiye uruhusha Bunyoni yatanguye kwiregurako ku wa mbere, ku wa kabiri sentare yumvirije ivyabona bibiri, abaporisi bahora bacungera aho Alain Guillaume Bunyoni yaba. Ni mu gihe avuga ko ibigwanisho vyahatowe ari ivyahasizwe n’abo bamucungera.

Humvirijwe aba brigadiye babiri, Wilson Niyongabo yavuze ko yabisikanije na Adalbert Nkunzimana akamushikiriza urutonde rw’ibigwanisho vyose, Nkunzimana nawe avuga ko mu bintu yahasanze hari igisandugu cari muri garage atigeze amenya icarimwo.

Jenerari Bunyoni ahakana ico caha, aho ku wa mbere yavuze ko ibikoho birasa rokete vyahatowe - bishaje bitagira n’igisasu na kimwe nk'uko avuga -vyasizweho n’abo bamucungera.

Mu ntahe yo ku wa kabiri, yongeyeko ko ku rutonde rw'ivyo yasinye ariko arasambishwa yasanze hari ibigwanisho umushikirizamanza yongeyeko, akavuga ko atangazwa n’ingene ivyo vyongeweko ata n’inomero zavyo ziriko.

Bunyoni yireguye kandi ku caha kigira kane co gutuka izina ry’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umushikirizamanza avuga ko mu biganiro bagiraniye na Bob Rugurika -umunyamakuru w’iradiyo RPA ikorera mu mahanga kuva inyuma yo mu 2015 - ngo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye bamwita Vuvuzela, naho mu vyo Bunyoni bandikiranira n’umugore wiwe, ngo umushikiraganji wa mbere Gervais Ndirakubuca bakamwita Impene.

Bunyoni yavuze ko ivya Vuvuzela vyobazwa uwavyanditse kuko ngo atigeze akoresha iryo jambo. Impene naryo ngo ni ijambo bazinanyemwo n’abo bari kumwe ku rugamba na Gervais Ndirakubuca nyene arimwo.

Ku caha co kugerageza kwica umukuru w’igihugu, Bunyoni yagirizwa ko mu buryo yashaka kubishikako harimwo gukoresha ivyo sentare yise amangetengete, canke fétiches mu gifaransa, mu kirundi umuntu yovuga ko ari ibintazi. Aho rero hageze kubivugako, sentare yaciye isaba ko bikorerwa mu mwiherero abaje kwumviriza urubanza bataramuwe [basohowe].

Batanu bari basigaye batarumvirizwa kuri batandatu bagirizwa hamwe na Bunyoni nabo ku wa kabiri barumvirijwe ku caha bose bahurizwako kandi bahakana co kugerageza gutembagaza inzego z’igihugu.

Destin Samuel Bapfumukeko

Destin Samuel Bapfumukeko yakora mw’igendereza ry'igihugu (Service National de Renseignements, SNR). Yagirizwa ko yagiranye inama na Désiré Uwamahoro yari yahawe uburyo bwo kurondera ababafasha uwo mugambi, ko yanamuhayeko ama dorari 400.

Bapfumukeko avuga ko iyo nama ivugwa yari iyo kwiga ingene bokwugurura inzu yo gucuruza imiti, pharmacie. Ahasigaye ngo nta na hamwe yahurira na Bunyoni.

Désiré Uwamahoro - umuporisi yatwara igiporisi co kugwanya imigumuko – we yumvirijwe ku wa mbere.

Yagirizwa ko ari we yahawe na Bunyoni amafaranga yo gukora umugambi bari basangiye. Uwamahoro aremera ko Bunyoni yamuhaye amafaranga incuro zibiri. Hamwe ama dorari 3.600 amuguranye, ahandi 1.600 y’ama dorari nyene amuterereye, ariko ngo yari ayo kurungika umwana wiwe kwiga muri Amerika.

Didace Igiraneza na Isaac Banigwaninzigo

Didace Igiraneza na Isaac Banigwaninzigo bari abashoferi ba Bunyoni. Bagirizwa icaha co kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu gufatanya kwunguruza Bunyoni bamuvana aho yaba mu Gasekebuye bamujana ahitwa Quartier Français, aho Bunyoni afise iyindi nzu.

Abo b'ipete rya caporal bavuga ko bakoze akazi nk’uko bahora.

Côme Niyonsaba

Côme Niyonsaba, umufundi wa Bunyoni, yagirizwa icaha co kugerageza gutembagaza ubutegetsi.

Ngo ni we yavanye Bunyoni muri Quartier Français amujana mu misozi ya Bujumbura, ku Mubone.

Avuga ko Bunyoni yamubwiye ngo amusigeyo atazi ico agiye gukorayo. Ku kibazo c’ingene umuntu akomeye nka Jenerari Bunyoni bitari bisanzwe ko yomutwara mu modoka ntoya nka Carina TI, Niyonsaba yavuze ko butari ubwa mbere Bunyoni agendera mu modoka nk’iyo. Auga ko n'iyo baduze ku mararo yiwe mu Rutana (ku birometero birenga 140 uvuye i Bujumbura), hari igihe yagendera muri bene iyo modoka.

Naho ku gisandugu ntamenwa umushikirizamanza avuga ko casanzwe mu nzu kwa Bunyoni, uwo mufundi wiwe avuga ko atari azi ko kihari kuko inzu yose atari azi ingene yubatse.

Avuga ko yaje ari umufundi agira gatatu aje kumarira ibikorwa vya nyuma gusa.

Melchiade Nduwimana

Umukuru w’umutumba Mubone Melchiade Nduwimana nawe nyene yagirizwa icaha co kugerageza gutembagaza inzego.

We ico yakoze ngo ni uguha indaro no kugemurira Bunyoni. Nduwimana avuga ko Bunyoni na muramuwe (Béatrice) bamusavye kubereka aho umutamakazi w’incuti yabo aba.

Abajijwe igituma atabimenyesheje abamukurira, yisiguye avuga ko we yabona ko baje kuramukanya. Yavuze ko haheze iminsi ine akabona ko Bunyoni ariko araronderwa, uwo mukuru w’umutumba yaciye abibwira abajejwe umutekano.

Ko uwo mukuru w’umutumba yoba yaragemuriye Bunyoni [ivyo kurya], avuga ko ata bintu vyo kugemurira umuntu nka Jenerari Bunyoni yari kuronka.

Mu ntahe ya mbere y'urubanza mu mizi, Jenerari Bunyoni yahakanye ivyo yagirizwa vyo kurondera kwica umukuru w'igihugu, kugira amatungo adasiguritse no gutunga ibigwanisho adafitiye uruhusha.

Urubanza ruzobandanya ku wa gatatu.

Ukeneye kumenya igihe Général Alain Guillaume Bunyoni yafatiwe na kahise k'uwo yamaze imyaka irenga 17 afise ikibanza gikomeye mu nzego z'ubutegetsi, soma izo nkuru ziri aho hasi.