Espagne: Impanuka ya gari ya moshi yahitanye abantu 39
- Umwanditsi, Harry Sekulich
- Igikorwa, BBC News
- Umwanditsi, Guy Hedgecoe
- Igikorwa, Madrid
- Umwanditsi, Rachel Hagan
- Igikorwa, BBC News
Abantu 39 bamaze gupfa mu mpanuka ya gari ya moshi zagonganye mu bumanuko bwa Espagne, mu gihe abandi benshi bakomerekeye muri iyo mpanuka ikomeye kurusha izindi zimaze kuba muri ico gihugu mu myaka irenga cumi iheze, nk'uko vyatangajwe n'abajejwe umutekano muri Espagne.
Gari ya moshi yariko yerekeza i Madrid yaranyereye maze iva munzira yayo, ica ijabuka kugongana n'iyindi gari ya moshi yariko iraza ivuye mu kandi gace ka Adamuz, ku mugoroba wo ku wa Mungu.
Abantu 400, harimwo abari biyunguruje hamwe n'abakozi biyo gari ya moshi, ni bo bari muri izo gari ya moshi zose uko ari zibiri, nk'uko imirwi icungera za gari ya moshi yavuze. Abashinzwe ubutabazi bahaye ubafasha abantu 122, aho 48 harimwo abana batanu, bakiri mu bitaro. Muri abo bantu 11 hari n'umwana umwe bababaye cane.
Umushikiranganji ajejwe ivyo kwiyunguruza muri Espagne, Óscar Puente, yavuze ko igitigiri c'abapfuye "kitaramenyekana cose", mu gihe abategetsi batanguye amatohoza ku mvo z'iyo mpanuka.
Puente yasiguye iyo mpanuka avuga ko "idasanzwe cane". Yabwiye abamenyeshamakuru i Madrid ko inzobere zose mu vya gari ya moshi zaganirijwe na reta "batangajwe cane n'iyo mpanuka".
Ikigo c'igihugu kijejwe imirongo ya gari ya moshi, Adif, cavuze ko iyo mpanuka yabaye isaha imwe z'ijoro n'iminota mirongo ine n'itanu ku masaha yo muri Espagne, hafi isaha imwe inyuma y'uko iyo gari ya moshi yari yavuye i Málaga yerekeza mu buraruko bwa Madrid, aho yanyereye igahusha umurongo hafi y'igisagara ca Córdoba.
Puente yavuze ko ukwo kugongana kwatumye gari ya moshi imwe igwa mu kimanga. Yongeye avuga ko benshi mu bapfuye no mu bakomeretse bari bicaye mu bibanza vy'imbere vy'iyo gari ya moshi, yariko imanuka iva i Madrid yerekeza i Huelva.
Ubwoko bwa gari ya moshi bwagize iyo mpanuka ni Freccia 1000, ishobora kugenda n'umuvuduko uri hejuru w'ibirometero 400 kw'isaha, nk'uko vyatangajwe n'umuvugizi w'ishirahamwe rya gari ya moshi ryitwa Ferrovie dello Stato, abwira ikinyamakuru Reuters.
Imirwi y'abatabazi yavuze ko mu bisigarira vy'izo gari ya moshi, kubera zasambutse cane, vyatumye bigorana gukurayo abantu bose barimwo.
Umukuru w'abazimya umuriro bo mu gace ka Córdoba, Francisco Carmona, yabwiye ikinyamakuru ca leta RTVE ati:
"Hari n'aho twabanje gukurayo umuntu yapfuye kugira dushikire uwukomeye. Ni akazi kagoye cane kandi gasaba kwitonda."

Salvador Jimenez, umumenyeshamakuru akorera RTVE yari mu imwe mu gari ya moshi, yavuze ko igongana ryumvikanye nka nyamugigima.
Jimenez yavuze ati:"Nari nicaye imbere cane. Hari akanya vyumvikanye nk'uko habaye nyamugigima, kandi koko iyo gari ya moshi yari yataye inzira."
Amashusho yafashwe aho vyabereye asa n'ayerekana ko bimwe mu bice vy'izo gari ya mochi bicuritse. Abatabazi babonetse bariko barurira hejuru kuri gari ya moshi kugira bakuremwo abantu baciye ku miryango n'amadirisha bisa n'ivyahomvaguritse.
Umwe mu bari mu gari ya moshi yariko ija i Madrid, yitwa José, yabwiye ikimenyeshamakuru ca leta Canal Sur ati:
"Hari abantu benshi bariko batabaza, bariko bakoma induru basaba abaganga."

Ahavuye isanamu, Reuters
Ingendo zose za gari ya moshi hagati ya Madrid n'Andalusiya zahagaritswe inyuma y'iyo mpanuka, kandi vyitezwe ko ziguma zifunzwe umunsi wose wo ku wa Mbere.
IRYO, ishirahamwe ry'igenga risanzwe ryunguruza abantu ari na ryo nyene iyo gari ya moshi yava i Málaga, ryavuze ko harimwo abantu 300 bari mu gari ya moshi ya mbere ari na yo yataye umurongo wayo, mu gihe iyindi gari ya moshi yo yegukira ishiramwe rya leta Renfe yari irimwo hafi abantu 100.
Imvo nyakuri y'iyo mpanuka ntiramenyekana. Nk'uko vyavuzwe n'umushikiranganji wa mbere , amatohoza ni yo azomenyesha ivyabaye imbere y'ukwezi kumwe.
Umushikiranganji wa mbere wa Espagne, Pedro Sánchez, yavuze ko igihugu kiriko kiraca mu "bubabare bukomeye cane".
Umukuru w'igisagara ca Adamuz, Rafael Moreno, yari mu bantu ba mbere bashitse aho iyo mpanuka yabereye, ayisigura ko ari "agahomerabunwa".
Umwami Felipe VI n'Umwamikazi Letizia bavuze ko bariko barakurikirana amakuru y'iryo sanganya kandi ko bababaye cane.
Urubuga rw'ingoro y'ubwami, biciye kuri X , rwatangaje ruti:
"Turahojeje imiryango yabuze , kandi tunasabira abakomeretse kugira bakire vuba."
Ikigo kijejwe ubutabazi mu gace ka Andalusiya casavye abari barokotse iyo mpanuka kumenyesha imiryango yabo canke kwandika ku mbuga hwaniro babamenyesha ko bakiri bazima.

Ahavuye isanamu, EPA
Imirwi y'abavuzi yarashizweho kugira abantu bavurwe ikibiriraho hanyuma bace barungikwa kwa muganga. Ishirahamwe Adif ryavuze ko ryashizeho ahantu ho kwakirira incuti n'abagenzi b'abahuye n'ivyago ku bibuga vya gariyamoshi vya Atocha, Seville, Córdoba, Málaga na Huelva.
Ishirahamwe rifasha imbabare kw'isi croix rouge ryo muri Espagne ryarungitse abafasha mu bihe vyihutirwa aho vyabereye, uranatanga abumviriza imiryango.
Miguel Ángel Rodríguez wo mu ri Croix rouge yabwiye radiyo RNE ati: «Imiryango iriko ica mu bihe vy' ubwoba bwinshi cane bitewe n'uko ata makuru ahagije ahari. Ibi ni ibihe bibabaje cane."

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron, umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano Giorgia Meloni n'umukuru w'ishirahamwe ry'Ubumbwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen bose basohoye amatangazo yo kuremesha no kwihanganisha ababuze.
Macron yanditse ku mpuga ngurukana bumenyi : «Ivyiyumviro vyanje biri kumwe n'abapfuye, imiryango y'abo n'abanyagihugu bose ba Espagne. Ubufaransa buri kumwe namwe. »
Mu 2013, Espagne yarahuye n'impanuka mbi kurusha izindi zose za gariyamoshi mu karere ka Galicia, mu burengero bwa Espagne, hapfa abantu 80 hakomereka abandi 140.
Urubuga rwa gariyamoshi zihuta cane rwa Espagne ni rwo rwa kabiri runini kw'isi yose, rukurikira urw'Ubushinwa, rukaba ruhuza ibisagra birenga 50 vyo muri ico gihugu. ibiharuro vya Adif vyerekana ko imirongo ya gariyamoshi yo muri Espagne irenga ibilometero 4.000.











