Urubanza rwa Bunyoni: Icaha co kugerageza kwica umukuru w’igihugu n'ubu caburanishijwe mu mwiherero

Alain-Guillaume Bunyoni

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango

Mu rubanza rwatanguye ku wa mbere mw'iyungururizo muri Sentare Ntahinyuzwa ikoraniye kw'ibohero rya Gitega aho apfungiwe, kimwe mu vyaha bikomeye Alain-Guillaume yagirizwa co kugerageza kugandagura umukuru w’igihugu akoresheje amangetengete n’ubu nyene cumvirijwe mu mwiherero.

Abakurikira uru rubanza bavuga ko ico caha hamwe no gutegura gutembagaza ubutegetsi ari vyo uru rubanza ahaniniya rufatiyeko, bakanegura ko bitaburanishirizwa ahabona.

Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere yagirizwa ivyaha indwi birimwo guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, ibiturire, gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha, n’ibindi.

Mu kwa 12 umwaka uheze Bunyoni yaciriwe umunyororo w'ubuzima bwiwe bwose, ariko wewe ahakana ivyaha yagirizwa.

Kw'ibohero rya Gitega ku wa mbere, ingingo z’umutekano zari zakomejwe ahabera urwo rubanza rwa Bunyoni, abinjira mu cumba rwaberamwo babanza gusakwa kugera no mu birato kugira ntihagire ikintu na kimwe binjirana.

Mu micungararo y’ibohero nta wacaruka, n’abagemurira ababo bafunzwe, nta wari avyemerewe mu gihe urubanza rwariko ruraba.

Intahe yari irongowe n’umukuru wa sentare ntahinyuzwa ubwiwe, Emmanuel Gateretse.

Bunyoni yatanguye avuga ko amategeko mu rubanza rw’iyungururizo amwemerera kuburana yidegemvya, ariko sentare ntiyabimwemereye kuko ngo atabishize mu nyandiko.

Ivyaha yagirizwa vyose na vyo arabihakana nk'ubwa mbere, nk'ico kugira amatungo adasobanutse harimwo n'ibiturire, akavuga ko umucamanza wa mbere atigeze yerekana abamuhaye ivyo biturire abo ari bo ngo yongere yerekane ingene vyangana.

Aho yaciye avuga yuko kumunyaga amatungo bafatiye kuri ivyo vyakorotse biva mu kirere.

Kandi ngo ntiyumva ingene bamunyaga n’ibintu yaronse imbere y’umwaka wa 2006, imbere y’uko hajaho itegeko ryo kurwanya ibiturire.

Jenerali Bunyoni yarigeze kuba ari umwe mu bihangange vy'umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jenerali Bunyoni yarigeze kuba ari umwe mu bihangange vy'umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hagati aho yabwiye sentare ko ubu umuryango wiwe biwugora kubaho, kuko amakonte y’iwe n’ay’umugore wiwe yose bayugaye.

Ku bijanye no guhungabanya ubutunzi bw’igihugu no gutunga amafaranga mu nzu, Bunyoni yavuze ko yari afise amafaranga akoresha ivya minsi yose, ariko ayandi akayabika mu mabanki.

Co kimwe n'ubwa mbere, arahakana ko yahaye umugore wiwe isoko ryo gupangisha inzu yiwe yakoreramwo ari umushikiranganji, akavuga ko amasezerano yo kuyipangisha yakozwe n’ubundi bushikiranganji bubiri bwari bubijejwe.

Bunyoni ariyamiriza kandi icaha co gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha, avuga mu rubanza rwa mbere ivyo birwanisho ata nomero zavyo zigeze zerekanwa, ubu agasaba ko bizanwa imbere ya sentare bikerekanwa.

Ku caha co kugerageza gutembagaza inzego z’igihugu naco, avuga ko bitumvikana ko yari kugitegurana n’umuntu nka Désiré Uwamahoro yategeka abapolisi bari ku rushi, mu gihe Bunyoni, nk'uko abivuga, yari afise abajenerali nka we n’abanyepolitike bakomeye, bari gupfundikira hamwe umugambi bene uwo.

N’ubu nyene nk'ubwa mbere, hagezwe ku caha co kugerageza kwica umukuru w’igihugu hakoreshejwe amangetengete, vyakorewe mu mwiherero.

Umushikirizamanza we avuga ko umucamanza wa mbere atashizemwo ihadabu yari yaciye Bunyoni zirenga imiliyaridi 24 z’amafaranga y’amarundi, kandi ngo ivyategerezwa kunyagwa Bunyoni n’ubu ntibirafatwa.

Uwundi yumvirijwe ni Samuel Destin Bapfumukeko na we ahakana ivyo yagirizwa, uyu musi harumvirizwa babiri basigaye mu gihe abandi batatu baciriwe imyaka itatu buri umwe yo gufungwa bo batunguruje.