Ni bande abagwanyi bacengetera Uburusiya bavuye muri Ukraine?

Ahavuye isanamu, Liberty of Russia Legion
Abagwanya ubutegetsi bw’Uburusiya bwita "abatovyi" bajabutse urubibe bava muri Ukraine binjira mu ntara ya Belgorod bituma Uburusiya bukora igikorwa co "kurwanya iterabwoba".
Inyuma y’iminsi ibiri y’intambara, Uburusiya buvuga ko bwazungurutse abo bagumutsi hanyuma bwica abarenga 70 muri bo, abandi bubasubiza inyuma muri Ukraine.
Uburusiya buvuga ko ari abanya-Ukraine ariko reta ya Ukraine yo ivuga ko bavuye mu migwi ibiri yitwara bwa gisirikare igwanya ubutegetsi bw’Uburusiya.
Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ari Abarusiya bo muri Liberty of Russia Legion na Russian Volunteer Corps (RVC) barondera gushinga "akarere gatekanye" ku banya-Ukraine.
Iyo migwi yompi muri kahise yaravuzwe nk’iyigize ingabo bitumwako mpuzamakungu (légion internationale) ziri mu bafasha kurwanira ubutaka bwa Ukraine.
Andriy Yusov wo mu kigo c’igendereza ca Ukraine avuga ko imigwi yompi ikorera "yigenga ku butaka bw’Uburusiya kandi ko abanya-Ukraine batarimwo mu gihe tereviziyo ya Ukraine yavuze ko ari abantu bitwaje ibigwanisho n’’’abakorerabushake b’Abarusiya".
Russia Volunteer Corps (RVC) batanguye kumenyekana muri Ntwarante (3) mu 2023, bagira uruhara mu bitero vyo hakurya y’urubibe mu ntara ya Bryansk yo mu Burusiya yavuze ko bari bagizwe n’abantu 45.
Inkuru zitarahinyuzwa zo mu Burusiya zavuze ko habaye kurasa, abahaguye n’abakomeretse hamwe n’abagizwe imbohe mu gihe RVC yavuze ko yajabutse urubibe guhamagarira Abarusiya kugarariza reta yabo. Uwo mugwi wavuze ko ata bantu wagize imbohe hanyuma usubira inyuma mu mutekano muri Ukraine.

Ahavuye isanamu, Reuters
Indongozi yawo izwi nka Denis Kapustin canke Denis Nikitin, Umurusiya ashira imbere umurongo ukaze ku nyungu z’igihugu (nationaliste), hamwe n’uwo mugwi, bafise ivyiyumviro vy’Uburusiya bugizwe n’ubwoko bumwe.
Mu 2020, urubuga rwo muri Ukraine rukora amatohoza yimbitse rwavuze ko afise isano n’imigwi y’aba-neo-Nazi kandi Nikitin muri kahise yaravuze ko ari mu mugwi w’abateza akaguma mu mupira w’amaguru (hooligans).
Umugwi wiwe wa RVC wagiriza abasanzwe bazwi ko batavuga rumwe na reta mu Burusiya kurera amaboko ku bijanye n’intambara yo muri Ukraine.
Uwundi wo muri uwo mugwi, yiswe Fatouma, yabwiye ibinyamakuru vyo muri Ukraine mu kwezi kwa Munyonyo (11) guheze ko bashika abantu 120, ati: "Turi akagwi k’abakorerabushake, ntitwatumweko mu ngabo canke ngo tube abagwanyi babifitiye amasezerano nk’abanyagihugu ba Ukraine''.
Liberty of Russia Legion (FRL) ni umugwi utandukanye n’uwo cane uri kumwe n’ingabo za Ukraine mu kugwanya ingabo z’Uburusiya.
Ukoresha ibendera ryera-ubururu-ryera, ribonwa na bamwe mu batavuga rumwe na reta y’Uburusiya nk’ibendera ry'"Uburusiya bwigenga".
Umukuru w’abakorerabushake Denis Nikitin avuga ko mu gihe imigwi yompi irondera gutembagaza ubutegetsi bwa Putin, abo muri uwo mugwi bo bifata nk’abari hagati na hagati [muri poritike].
Ariko ku wa 22 Rusama (5), uwo mugwi wamenyesheje ko "wabohoje" ikigwati ca Kozinka co mu Burusiya hakurya y’urubibe rwa Ukraine mu bumanuko bushira uburengero bwa Belgorod.
Wavuze ko "babandanya kubohora" intara ya Belgorod.
"Ubundi kandi, umugani w’uko Abarusiya batekanye kandi ko Uburusiya bukomeye waraheze," nk’uko wabandanije uvuga.
Waciye ushira ku mbuga hwaniro ibipurizo biriko ibendera ryawo mu kirere ca Moscou.
Ingene uwo mugwi ungana ntibizwi ariko ku bw’urubuga rwawo, uvuga ko ukora "ufashanya vyuzuye n’ingabo za Ukraine ku burongozi bw’abategetsi b’ingabo za Ukraine".
Umwe mu bawurimwo, azwi nka Caesar, ashobora kuba ari umwe mu basirikare bawo bazwi cane, yashimitse avuga ko "ata bantu bahatirwa kwinjira" kandi ko bose ari abasirikare bafitaniye amasezerano n’umugwi bitumwako mpuzamakungu wa Ukraine.
N’ubwo avuga ko igitigiri gito ari basirikare b’Abarusiya bishikanye ku ngabo za Ukraine, babikoze nyene kugira bahindure uruhande [bwarwanira].
Ugira ico uvuze ku kuba Uburusiya bwahisemwo kuwita "umugwi w’iterabwoba", wavuze ko imbere y’aho wari wavuzwe ko utabaho.
Hari amakenga ku kuba iyo migwi ibiri hari ico imaze ku rwego rwa gisirikare. Umusesenguzi w’umunya-Ukraine Volodymyr Fesenko avuga ko hari utugwi twinshi akenshi dusa n’utwimenyekanisha cane kurusha kuba hari ikintu gifadika dukora.
Uwahoze ari umushingamateka mu Burusiya, Ilya Ponomarev, ubu asigaye ari umunya-Ukraine, yavuze kuri Facebook muri Myandagaro (8) mu 2022 ko iyo migwi ibiri n’uwundi wiyita National Republican Army, yateye umukono kw’itangazo yemeranya intego imwe yo kubohora Uburusiya ibukura mu minwe y’Ubutegetsi bwa Vladimir Putin.
Inkuru ya BBC Monitoring.










