Ukraine - Russia: Trump yemeza ko ni yagaruka ku butegetsi azotorera umuti iyi ntambara mu masaha 24

Donald Trump avuga ko aramutse agarutse ku butegetsi azotorera umuti intambara ya Ukraine mu masaha 24 gusa

Ahavuye isanamu, CNN

Insiguro y'isanamu, Donald Trump avuga ko aramutse agarutse ku butegetsi azotorera umuti intambara ya Ukraine mu masaha 24 gusa

Kuva mu mezi make aheze, Donald Trump yahoze arongoye Reta zunze Ubumwe za Amerika, yama avuga ko Uburusiya butari kwigera butera Ukraine iyo aba ari we mukuru w’igihugu kandi ko aramutse agarutse azotorera umuti iyi ntambara mu masaha 24 gusa.

Yaraye asubiyemwo aya majambo nijoro ku wa gatatu, mu kiganiro n’abanyagihugu ku mboneshakure CNN, ibidakunze kuba kuva avuye ku butegetsi.

Ku bibazo yabajijwe, Trump yaranse kuvuga nimba Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya akora ivyaha vyo mu ntambara, akavuga ko iki kibazo “kizoganirwako mu nyuma”.

Ati: "Uvuze ko akora ivyaha vyo mu ntambara, aha vyogorana gushika ku mwumvikano wo kurangiza intambara”.

Kubwa Trump, Perezida Putin yarakoze ikosa rinini mu gutera Ukraine ariko yanse gushikiriza aho ahagaze ku muntu yipfuza ko atsinda intambara.

Ati: "Siniyumvira ivyo gutsinda canke gutsindwa, niyumvira ukungene iyi ntambara yorangira mu mahoro.

"Abantu barapfa, abanya-Ukraine n’Abarusiya. Nshaka ko bahagarika gupfa, kandi nzobikora mu masaha 24.

"Ikosa [rya Putin] ni uko yateye kiriya gihugu. Ntavyo yari gukora iyo mba nari umukuru w’igihugu”.

Ivyigwa vyerekana ko Abarepubulika badashimishijwe n’imfashanyo y’intambara Amerika iha Ukraine babandanya biyongera.

Abari bitabiriye iki kiganiro baguma bakomera amashi menshi cane Trump ku bintu vyose yagenda avuga kuri Ukraine.

Mu gihe bamwe mu bategetsi b’Abarepubulika n’ubutegetsi bwa Biden bashobora kwemera kubandanya bafasha Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, bigenda bigaragara neza ko ikiringo ca kabiri ca Trump nk’umukuru w’igihugu cozana impinduka zikomeye muri poritike ya Amerika.