Ingene kazoza ka Putin gahagaze ku ntambara ya Ukraine

Vladimir Putin arongoye Uburusiya imyaka irenga 20

Ahavuye isanamu, Russian government

Insiguro y'isanamu, Vladimir Putin arongoye Uburusiya imyaka irenga 20
    • Umwanditsi, Steve Rosenberg
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC i Moscou

Nguma niyumvira ikintu numvise ku mboneshakure y’Uburusiya, haraciye imyaka itatu.

Ico gihe, Abarusiya bahamagariwe gushigikira ihindurwa ry’ibwirizwashingiro kugira ngo Vladimir Putin ashobore kuguma ku butegetsi mu yindi myaka 16.

Mu kuvyumvisha abanyagihugu, umunyamakuru yerekanye Perezida Putin nk’umudereva (kapiteni) w’ubwato ariko agendesha ubwato bwiza bw’Uburusiya mu mazi y’imikuba myinshi.

Yabandanije avuga ati: "Uburusiya ni ikibanza c’amaramo, ikivuko c’ituze. Iyo ataba Putin, ubu tuba turi iki”?

Ng’ico rero ikibanza c’amaramo n’ikivuko c’ituze. Ku wa 24 Ruhuhuma 2022, uyu mukapiteni wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) yafashe urugendo mu mikuba myinshi yatanguje we nyene.

Igitero ca Vladimir Putin kuri Ukraine cateje impfu n’akaga ku mubanyi w’Uburusiya. Catumye ingabo ziwe zitari nke zihasiga ubuzima: bamwe bavuga ko abasirikare b’Uburusiya bamaze gupfira mu ntambara baharurwa mu bihumbi mirongo.

Ibihumbi amajana n’amajana vy’Abarusiya barinjijwe mu gisirikare nayo impfungwa (harimwo n’abagiriwe n’ivyaha vy’ubwicanyi) binjizwa mu gisirikare kugira ngo baje kurwana muri Ukraine. Ni mu gihe iyi ntambara yagize ingaruka mbi ku masoko ntanganguvu hamwe n’ibiciro vy’ibifungurwa kw’isi, kandi ikabandanya ibangamiye umutekano w’Ubulaya n’isi yose.

Eka ni amabi gusa.

None ni kuki umukuru w’igihugu c’Uburusiya yatanguje intambara arondera kwigarurira ubutaka?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umuhinga mu vya poritike Ekaterina Schulmann avuga ati: "Imbere hari amatora y’umukuru w’igihugu mu Burusiya.

"Imyaka ibiri imbere y’aya matora [Kremlin] yarashaka ikintu coyiha intsinzi. Mu 2022, niho babona ko bashobora gushika kuri iyi ntumbero. Mu 2023, bari gutangura kwumvisha Abarusiya ingene batomboye kubona bafise umukapiteni w’ubwato nk’uyu, atari uko gusa yari kuba yashoboye kubarenganisha imikuba mibi y’amazi, ahubwo kubona yari kuba yabashikanye ku nkombe nshasha kandi zitunze cane. Hanyuma rero mu 2024, abantu bakabona kumutora. None hari ikindi?”

Kremlin yari yiteze ko “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare” cari kunyaruka nk’umuravyo. Yibaza ko mu mayinga make cane Ukraine yategerezwa kuba yasubiye mu minwe y’Uburusiya. Perezida Putin yarasuzuguye cane ubushobozi bwa Ukraine bwo guhangana nawe, hamwe kandi n’ishaka ry’Uburengero ryo gufasha Kyiv.

Iyi ndongozi y’Uburusiya gushika ubu ntiremera ko yakoze amakosa mu gutera Ukraine. Ikiri mu mutwe iwe ni ukubandanya yunyura ibintu.

Ibi bituma nibaza ibibazo bibiri: none Putin abona ibintu vyifashe gute inyuma y’umwaka hanyuma akaba ategura iki kuri Ukraine?

Muri ino ndwi yaraduhaye ibimenyetso bimwe bimwe.

Ijambo ryiwe yashikirije igihugu ryari ryuzuye amajambo y’urwanko ku burengero. Yabandanije yiyamiriza Amerika na OTAN/NATO ku ntambara yo muri Ukraine, akerekana ko Uburusiya ari intungane. Ingingo yiwe yo kwivumbura mu masezerano amwe rudende ahari yo kugenzura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara hagati ya Amerika n’Uburusiya, New Start, yerekana ko Perezida Putin ata ntumbero afise yo kuvana ingabo muri Ukraine canke yo kurangiza icuka kibi hagati yiwe n’Uburengero.

Umusi wakurikiye, ku kibuga c’umupira w’amaguru i Moscou, Putin yari ahagararanye n’ingabo z’Uburusiya zari zivuye ku rugamba. Muri iryo koraniro ryari rishigikiye Kremlin, Perezida Putin yabwiye abari aho ko “hari intambara zibandanya ubu ku mbibe kama z’Uburusiya” anashimagiza “abarwanyi b’Uburusiya barangwa n’ubutwari”.

Umwanzuro: ntiwitege ko Kremlin ihindura. Umukuru w’iki gihugu ntariko arahindura.

Ku wa kabiri, Perezida Putin yashikirije ijambo ry'umwaka igihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku wa kabiri, Perezida Putin yashikirije ijambo ry'umwaka igihugu

Andrei Illarionov yahoze ari umuhanuzi wa Putin mu vyo ubutunzi avuga ati: "Mu gihe hatogira uwumutangira, yoshika kure hashoboka. Nta yindi nzira ihari yo kumuhagarika atari guhangana nawe gisirikare”.

None ibi navyo bivugwa ku bimodoka ntamenwa vyovyo ni gute? Ubwo ibiganiro vy’amahoro na Putin birashoboka?

Andrei Illarionov abandanya avuga ati: "Birashobora kuganira n’uwo ari we wese, ariko si ubwa mbere haba ibiganiro nawe, mbere haba n’imyumvikano.

"Putin arahonyanga ivyanditswe vyose. Amasezerano yo gushinga umuryango w’ivyahoze bigize URSS/USSR inyuma y’uko vyikukiye, amasezerano y’Uburusiya na Ukraine, amasezerano ku mbibe za Ukraine zizwi ku rwego mpuzamakungu, amasezerano ya ONU, amasezerano ya Helsinki yo mu 1975, amasezerano ya Budapest, eka n’ayandi menshi. Nta masezerano n’amwe atohonyanga”.

Iyo hageze guhonyanga amasezerano, abategetsi b’Uburusiya bafise urutonde rurerure rw’ibintu bituma bagira inzigo y’akazikira ku Burengero. Hejuru ya vyose, hariho ibivugwa na Moscou ko Uburengero bwarenze ku vyo bwiyemeje mu myaka ya 1990 ko butari kwagura akarere ka Otan amaja mu buseruko.

Mu myaka ya mbere y’ubutegetsi bwiwe, Vladimir Putin yasa n’uwufata ko Otan atari ingorane kuri we. Mu 2000, ntiyahakanye ko bishobora gushika igihe kimwe Uburusiya bukinjira muri uru runani. Haciye imyaka ibiri, abajijwe icipfuzo ca Ukraine co kwinjira muri Otan, Perezida Putin yishuye ati: "Ukraine ni igihugu cigenga, rero gifise uburenganzira bwo guhitamwo ingene ciguncera umutekano waco…”

Yashimangiye ko iki kibazo kidashobora guteranya Moscou na Kyiv.

Putin wo mu 2023 ni uwundi muntu. Kubera urwanko afitiye uburengero muri rusangi, yifata nk’umutegetsi arongoye uruhome rugoswe, ahanganye n’abo yita abansi bashaka gusenyura igihugu ciwe. Mu majambo yiwe – aho yigereranya n’abategetsi bakomeye b’Uburusiya bo muri kahise nka Pierre le Grand na Grande Catherine – Putin asa n’uwibaza ko afise intego yo kwubaka ubwami bw'Uburusiya (Empire russe) mu buryo runaka.

Ariko bibi vyosaba uburyo bungana gute? Perezida Putin yarigeze kwamamara nk’uwazanye ituze ku gihugu ciwe. Ibi biriko birahera kubera abasirikare bapfa, umugambi wiwe wo kwinjiza abanyagihugu mu gisirikare hamwe n’ibihano mu vyo ubutunzi. Abarusiya baharurwa mu bihumbi amajana barahunze igihugu kuva intambara itanguye, abenshi muri bo bakaba ari urwaruka, abahinga n’abize: ugutakaza incabwenge kuzogira ingaruka mbi ku butunzu bw’Uburusiya.

Nk’ingaruka y’iyi ntambara, ubwo nyene haciye haba imirwi yitwara gisirikare ifata ijambo, nka wa murwi Wagner wa Yevgeny Prigozhin hamwe n’iyindi y’uturere. Imigenderanire hagati y’iyi mirwi n’igisirikare iracumbagira cane. Icuka kibi hagati y’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi na Wagner ni akarorero k’ukutumvikana kurangwa hagati y’ibihangange.

Umutekano muke ufatanije n’imirwi ya gisirikare yigenga ni uruvangatirane rubi cane.

"Intambara yo hagati mu gihugu ishobora kwiganzira Uburusiya mu myaka cumi iri imbere”, niko Konstantin Remchukov, arongoye ikinyamakuru c’i Moscou, Nezavisimaya Gazeta, abivuga.

Ati: “Hari imirwi myinshi itahura ko mu bihe nk’ibi ari akaryo keza ko gutunganya gushasha ikoreshwa ry’amatungo y’igihugu.

"Amahirwe nyayo kugira ntihaduke intambara ni uko ubwo nyene inyuma ya Putin hoza umutegetsi nyawe. Umuntu yoba afise inguvu ku bihangange kandi yiyemeza gushira ku ruhande aboshaka kwiheka inyuma y’ikibazo kihari”.

Konstantin Remchukov, arongoye ikinyamakuru Nezavisimaya Gazeta, afise ubwoba ko Uburusiya bushobora kwinjira mu ntambara yo hagati mu gihugu
Insiguro y'isanamu, Konstantin Remchukov, arongoye ikinyamakuru Nezavisimaya Gazeta, afise ubwoba ko Uburusiya bushobora kwinjira mu ntambara yo hagati mu gihugu

Nabajije Konstantin nti: "None ibihangange vy’Uburusiya vyoba bivugana ku mugabo canke umugore nyawe?”

Na we ati: "Bukebuke. Bihishije mu gahumbezi. Barabivugana. Hazogera igihe bagira ijambo”.

"None Putin arazi ko ibiganiro nk’ibi bihari?"

"Arabizi. Nibaza ko ata kintu na kimwe atazi."

Muri ino ndwi, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburusiya yavuze ati: "Igihe cose Putin azoba ahari, Uburusiya buzoba buhari"

Ryari ijambo ryo kwerekana ubudahemuka, ariko ntiryari iryo kwerekana ukuri. Uburusiya buzorokoka – bwarabishoboye mu myaka ibinjana. Hagati aho, kazoza ka Vladimir Putin, haduga hamanuka, gashingiye ku kungene intambara yo muri Ukraine izogenda.