Vladimir Putin yiyumvira iki agategura iki?

Perezida Putin asa n'uwiyemeje kubandanya asatira n'aho ingabo ziwe ziherutse gutakaza ku rugamba muri Ukraine

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Perezida Putin asa n'uwiyemeje kubandanya asatira n'aho ingabo ziwe ziherutse gutakaza ku rugamba muri Ukraine

Na Steve Rosenberg

Umwanditsi mukuru mu gisata c'Ikirusiya, i Moscow

line

Iki ni ikibazo tumaze igihe kitari gito tubaza, n’imbere y’uko Uburusiya butera Ukraine.

Vladimir Putin yoba yiyumvira iki agategura iki?

Ariko reka mbe ndabibamenyesha. Nta sindagura. Kandi sinavuganye na Putin.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika George W Bush igihe kimwe niho yigeze kuvuga ko yaravye Vladimir Putin mu maso aca abona akari ku mutima wiwe. Raba ingene vyarangiye neza mu migenderanire hagati y’Uburusiya n’Uburengero.

Rero, kwinjira mu mutwe w’uyu mutegetsi wa Kremlin si igikorwa coroshe. Ariko ni vyiza kugerageza. Kumbure iki gihe nico gikomeye co kugerageza gusumba ibindi vyose, dufatiye kw’ikangisha riheruka kugirwa na Moscou ku bigwanisho nikleyeri.

line

Nta gukekeranya cane ko umukuru w’igihugu c’Uburusiya ubu atorohewe. Ico yita “igikorwa ca gisirikare kidasanzwe” muri Ukraine ntikiriko kimugendera neza.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Cari citezwe kumara imisi mike. Ariko ubu turi mu mezi hafi umunani kandi nta kimenyetso ko kigiye kurangira.

Kremlin iremera ko yatakaje “bikomeye”; mu ndwi nkeya za vuba, igisirikare c’Uburusiya cagiye gitakaza ubutaka cari carigaruriye muri Ukraine.

Mu ntumbero yo kwongereza igitigiri c’ingabo, mu kwezi guheze Perezida Putin yateye akamo ko guhamagaza ingabo, ico yahora avuga ashimitse ko atari gukora. Ni mu gihe ibihano bibandanya bigira ingaruka mbi ku butunzi bw’Uburusiya.

Reka tugaruke ku coba kiri mu mutwe wa Putin. Ubwo yoba yibaza ko yihenze cane? Ko ingingo yo gutera Ukraine ryabaye ikosa rikomeye?

Ntuhave uvyemeza gutyo.

Konstantin Remchukov, umwanditsi mukuru akongera akaba nyene ikinyamakuru co mu Burusiya Nezavisimaya Gazeta, avuga ati: "Ivyo Putin yiyumvira ni vyo vyerekana ingene ibintu bimeze muri ino ntambara”.

"Ni umutegetsi atwaza umukazo igihugu rutura ca nikleyeri. Ni umutegetsi atavuguruzwa muri kino gihugu. Arafise ivyiyumviro n’ibintu bikomeye yemera bimusarisha. Yatanguye kwemeza ko ari ku nyungu zo kubaho. Atari kuri we gusa. Ariko kuri kazoza k’Uburusiya”.

Mu gihe ino ntambara yoba ari iyo kurwanira ukubaho kw’igihugu, Putin yoba yiteguye gute kuyitsinda?

Mu mezi ya vuba, abategetsi b’Uburusiya (na Putin we nyene ubwiwe arimwo) bagiye bumvikana mu buryo budatomoye berekana ko uyu mukuru wa Kremlin ashobora kuba yiteguriye gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri muri ino ntambara.

Perezida Joe Biden wa Amerika abwira CNN ati: "Sinibaza ko azohava abikoresha. Ariko nibaza ko kubona avuga ibintu nk’ibi ko ata mutima agira”.

Igifaru casambuwe

Ahavuye isanamu, EPA

Amabombe y’urutavanako yacucagiwe mu gihugu cose mu ndwi iheze yerekana ko nibura Kremlin yiteguye kwunyura ibintu hagati y'Ubususiya na Ukraine.

N'uburengero nyene?

Grigory Yavlinsky, inararibonye muri poritike nk’uwigenga, avuga ati: "Ariko aragerageza kwirinda ko hatoba ugutana mu mitwe amaso mu yandi n’Uburengero, ariko akaba anavyiteguriye”. "Mfise ubwoba ko hohava haduka intambara ya nikleyeri. Hanyuma ubwa kabiri, ntinya intambara itagira iherezo”.

Ariko "intambara itagira iherezo" isaba uburyo butagira iherezo. Iki ni ikintu Uburusiya busa n’ubudafise. Igihuhusi c’ibisasu vya misire vyacucagiwe ku bisagara vya Ukrane ni ukwerekana inguvu zidasanzwe, ariko none Moscou yobibandanya mu gihe kingana iki?

Remchukov ati: "None woshobora kubandanya utera izi misire mu kiringo c’imisi, c’amayinga, c’amezi? Abahinga benshi bafise amakenga ko tutoba dufise misire zikwiye.

"Hanyuma kandi, turavye ku ruhande rwa gisirikare, nta n’umwe gushika ubu arerekana icoba ikimenyetso kirengeye vyose c’intsinzi [y’Uburusiya]? Ni ikihe kimenyetso c’intsinzi? Mu 1945 cabaye ibendera hejuru ya Berlin. None ubu icokwerekana intsinzi ni igiki? [Ibendera] hejuru ya Kyiv? Hejuru ya Kherson? Hejuru ya Kharkiv? Si nzi. Nta n’umwe abizi”.

Nta n’uwuzi nimba na Vladimir Putin we nyene ubwiwe abizi.

Mu kwa kabiri, intumbero ya Kremlin yasa n’ugutsinda Ukraine vuba bwango, hanyuma uyu mubanyi w’Uburusiya agasubira mu muryango w’ibihugu bicuditse na Moscou ata ntambara ndende ihabaye.

Aha yaharuye nabi. Uretse ko atiyumviriye ko igisirikare ca Ukrane n’abanyagihugu bayo bari biyemeje kurwanira igihugu cabo gushika ku ka nyuma, ntiyibaza ko igisirikare cayo cari gifise uburyo bwo guhangana n’Uburusiya.

None ubu yoba yiyumvira iki? Ubwo ubu Vladimir Putin yoba afise integuro yo gutsimbataza igenzura ry’ubutaka bwa Ukraine avuga ko aherutse kwihagira hanyuma agahagarika intambara? Canke ubwo yoba yariyemeje kubandanya asatira gushika Ukraine yose ayigarukanye mu ruhongore rw’ibihugu bigenzurwa na Kremlin?

Mu ndwi iheze, Dmitry Medvedev yahoze arongoye Uburusiya yanditse ati: "Igihugu ca Ukraine, uravye ukungene cubatse ubu...kizokwama ari intambamyi ikomeye ku Burusiya. Mbona ko intego y’ibikorwa vyacu vya kazoza yoba ugusenyura burundu ubutegetsi bwa poritike bwa Ukraine”.

Mu gihe amajambo ya Medvedev ari yo yoba ari mu mutwe wa Putin, aha rero mwitege intambara ndende cane kandi izosesekamwo amaraso menshi.

Igisirikare c'Uburusiya gifise umugambi wo kwinjiza ingabo 300.000 - ariko biboneka ko hari benshi batabishigikiye mu gihugu cose

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igisirikare c'Uburusiya gifise umugambi wo kwinjiza ingabo 300.000 - ariko biboneka ko hari benshi batabishigikiye mu gihugu cose

Ariko, vyanka bikunda, ivyo Putin akora hanze biriko bigira ingaruka mu gihugu. Kuva mu myaka itari mike, Kremlin yarubatse ishusho ya Putin nka "Mr Stability" (ni ukuvuga “Umugabo-buragamo"), ihimiriza Abarusiya kwizera ko igihe cose azoba arongoye igihugu ko bazoba bari mu mutekano utagira agahonzi.

Ubu biragoye kwumvisha abantu ko ari vyo.

Remchukov ati: "Amasezerano yari hagati ya Putin n’abanyagihugu yari ‘Ndagukingira’.

"Mu kiringo c’imyaka itari mike, icivugo nyamukuru cari ‘ukubona kure’. None ukwo kubona kure muri kino gihe ni ukuhe? Ico carataye igihe. Nta kintu na kimwe co kwizera muri kazoza. Uno musi abanyamakuru banje ntibazi nimba badashika muhira basanga urwandiko rubahamagarira kwinjira mu gisirikare”.

Ingingo ya Vladimir Putin yo gutera Ukraine yatangaje benshi. Ariko Yavlinsky ntarimwo.

Yavlinsky ati: "Nibaza ko [Putin] yamaze igihe yitegurira iyo nzira – umwaka ku mwaka yariko yubaka ivyo turimwo ubu”.

"Akarorero, gusambura ibinyamakuru vyingenga. Ivyo yabitanguye mu 2001. Gusambura igisata c’abikorera utwabo. Yabitanguye mu 2003. Hanyuma mu 2014 ivyabaye muri Crimea na Donbas. Umuntu atabibona ni uko yari impumyi.

"Ingorane z’Uburusiya ni intwaro yacu. Intwaro yashinzwe hano ikarema uyu muntu [nka Putin]. Ikibazo c’uruhara rw’Uburengero mu gushinga iyi ntwaro ni ikibazo gikomeye cane.

"Ikibazo ni uko iyi ntwaro itaremye abantu. Hari abantu benshi cane b’intungane mu Burusiya. Ariko mu bantu nta gatima ko guharanira uburenganzira kahari. Nico gituma Uburusiya bunanirwa kwihagararako”.