Abantu barenga 170 biganjemo abana biciwe mu gitero cabaye "giturumbuka" muri Sudani y'Epfo

Ishusho yegereye y'inkoho n'igikono kijamwo amasasu hejuru. Ukuboko gufashe igice kimwe c'iyo nkoho n'amasase menshi ashobora kuboneka, ariko atari cane, inyuma.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abategetsi ba Ruweng bavuga ko abateye baje imbere y'umutwenzi ku musi w'Imana
    • Umwanditsi, Nichola Mandil
    • Yakoze inkuru ari, Juba, South Sudan
    • Umwanditsi, Alfred Lasteck
    • Umwanditsi, Jean Otalor
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abategetsi muri Sudani y'epfo bavuze ko n'imiburiburi abantu 178, harimwo abategetsi, bishwe ku musi w'Imana igihe umugwi w'abantu bataramenyekana wagaba igitero ku karere gaherereye mu buraruko bw'igihugu.

Adondora ico gitero nk'icakozwe n'urwaruka rwitwaje ibirwanisho, umushikiranganji ajejwe ivy'amakuru mu karere ka Ruweng, James Monyluak Mijok, yavuze ko baje bavuye mu ntara yegeranye n'ako gace ya Unity kandi ko bafitaniye isano n'umuhari witwaje ibigwanisho utavuga rumwe n'ubutegetsi SPLA-IO (Sudan People's Liberation Army in Opposition).

Umuhari SPLA-IO wahakanye kugira uruhara urwo ari rwo rwose muri ico gitero, aho wagirije abategetsi ba Unity guha isura ya poritike ayo mahano.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagumye rigabisha ko iki gihugu kiri mu kaga ko gusubira mu ntambara yeruye.

Mijok yavuze ko "mu bapfuye harimwo abana 90, abagore n'abageze mu za bukuru, hamwe n'abajejwe umutekano b'akarere, harimwo abapolisi".

Uwo mutegetsi yongeyeko ko abandi 50 bakomeretse kandi ko benshi muri bo bari bajanywe mu karere ka Abyei aho bariko baravurirwa.

Mijok yabwiye BBC ko abateye binjiye mu karere ka Abiemnom muri Ruweng imbere y'umutwenzi ku musi w'Imana, hafi nk'isaha 10 n'igice, "bubira abantu" igihe bari bakiryamye.

Avuga ko abajejwe umutekano "barengewe... Abo bagizi ba nabi baturiye amazu n'amasoko mu migwano yamaze hagati y'amasaha atatu n'ane". Abategetsi benshi bo muri ako gace harimwo umukomiseri w'akarere n'umuyobozi nshingwabikorwa barishwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mijok avuga ko inzego z'umutekano za reta zashoboye gutuza abo bagizi ba nabi kandi ko ubu ari zo zigenzura ako karere.

Ashimangira ko abategetsi b'intara ya Unity "bategerezwa kuba bari bazi" umugambi wo gutera Ruweng. Abategetsi b'iyo ntara bo ntaco barashikiriza kuri ivyo bagirizwa. Imvo z'ico gitero ntiziratomoka.

Ubutumwa bwa ONU muri Sudani y'epfo (Unmiss) buvuga ko abasivire bababa igihumbi batanguye gusaba ubuhungiro impande y'inyubakwa zabwo. Ubwo butumwa buvuga ko butewe umutima uhagaze n'intureka zarushirije gukara mu masaha 48 aheze.

Anita Kiki Gbeho arongoye Unmiss yavuze ko "intureka nk'izo zishira abasivire mu kaga kandi ko zitegerezwa guhagarara vuba",

"Ubu butumwa bwarongereje inguvu mu bijanye no gukingira abantu, kandi buriko bukorana na reta ya Sudani y'epfo mu gushigikira ibikorwa vyihutirwa vyo kugarukana ituze no gukingira abakozweko", ni ko abandanya avuga.

Abahagarariye amahoro bariko batanga ubuvuzi bwihuta ku bantu 23 bakomerekeye mw'itana mu mitwe.

Ubutumwa UNAMISS busaba impande zose guhagarika ingwano vuba bwango maze buje mu biganiro.

Amakuru ava mu karere hamwe n'ayatangwa n'itororokanirizo AFP avuga ko abishwe muri ico gitero bashinguwe mu kinogo rusangi ku musi w'Imana bitewe n'igitigiri kinini c'abahasize ubuzima n'ihungabana ry'umutekano rikomeje gutera impungenge.

Igitero gisa n'iki mu karere ka Abiemnom cahitanye abantu barenga 42 mu mwaka uheze.

Biturutse ku ntureka zabaye mu kandi gace k'intara ya Jonglei sate, ishirahamwe ry'abaganga batagira imbiye MSF ryavuze ko abakozi baryo 26 baburiwe irengero inyuma y'amayinga y'intureka hagati ya reta n'imihari bitavuga rumwe yitwaje ibirwanisho.

Iryo shirahamwe ryarahagaritse imirimo yo kuvura abantu mu burere bubiri bw'iyo ntara - Lankien and Pieri. Ryongeyeko ko inyubakwa zaryo muri Lankien zakubiswe n'igisasu c'ingabo za reta ku wa 3 ruhuhuma.

"Benshi mu bakozi bacu vyabaye ngombwa ko bahunga intureka n'imiryango yabo. Benshi ubu barataye izabo, bakaba begeranirijwe mu burere bwa kure aho bataronka n'ivyo kurya, amazi canke ibindi vya nkenerwa", ni ko itangazo ribandanya rivuga.

Sudani y'epfo, igihugu ca mbere gito kw'isi, kigeramiwe n'intambara, ubukene n'ibiturire kuva kibayeho muri 2011.

ONU yagabishije ko "intambara yeruye" ishobora gusubira kwaduka kubera amasezerano yo gusabikanya ubutegetsi yashizweko umukono muri 2018 hagati ya Prezida Salva Kiir n'umukeba wiwe w'igihe kirekire, Riek Machar, yasenyutse mu mwaka uheze.