Kubera iki ifaranga sheafra rya EAC ryashituye abantu ku mbuga hwaniro kandi ritabaho?

Ahavuye isanamu, EAC Secretariat/X
- Umwanditsi, Peter Mwai
- Igikorwa, BBC News
Uwutobiraba neza yogirango icifuzo kimaze imyaka c'uko haba ifaranga rimwe ry'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko, EAC, noneho cagiye mu ngiro.
Konte yo kuri X (yahoze ari Twitter), yitwa ''Government of East Africa'' (Reta ya Afrika y'Ubuseruko), hariko mbere n'akamenyetso k'uko iyo konti yemewe, yasohoye isanamu y'ikizoba inoti (specimen) y'ama sheafra atanu, iriko ikimangu n'ikibanza c'ahazoja umukono w'umukuru wa banki.
Izina Sheafra ryavuye mu gufatanya shilingi ya East Africa na franc, amafaranga asanzwe akoreshwa mu bihugu bigize uwo muryango.
Ivyanditswe nyezina kuri X, bimaze indwi irenga, vyarabwe incuro zirenga umuriyoni, bishitura abantu aho bimariye gusubirwamwo n'imbuga zikomeye zitari nke hamwe nibura na kimwe mu binyamakuru vyo ku mbuga hwaniro kirabwa n'abantu benshi muri Kenya. Inkuru yavuga ko habaye ugutanguza iryo faranga.
Mu gihe ukuri kwari kukirindiriwe, iyo nkuru itari yo yariko irarandagata.
Bamwe bihuse gushima ico ciyumviro, abandi batangura guharira kw'izina n'ingene iyo noti isa.
Amaherezo, ishirahamwe EAC -rigizwe n'ibihugu 8- ryahavuye rivuga ko inkuru atari yo.
Umugabo yasohoye icahavuye kimenyekana ko ari inoti itabaho yavuze ko yatangajwe n'ingene inkuru yarandagase n'ingene abantu bayitayeho.
Uwo mugabo w'umunya-Uganda, Haabwa Moses, yabwiye BBC ko yashaka guha umwizero abantu bo mu karere.
Uwo mugabo yihaye we nyene igikorwa co guhagararira ico yita "Federal Republic of East Africa Government" [Reta ya Afrika y'Ubuseruko Ishize hamwe], iyo nayo ikaba itabaho.
Uwo mugabo abuze mike ngo ashikane imyaka 40, ni umuntu asa n'uwo amayobera avuga ko yakoze mu bijanye n'iperereza (igendereza). Ubu afise kompanyi, mu vyo ikora, ivuga ko harimwo amatohoza ku giti cayo.
Yigeze no kuvuga ko yagenywe guserukira duché (intara itwarwa n'umu duc [ni nk'umuganwa]) itazwi y'i Buraya, n'ivyo nyene bikaba ari amayobera kandi bishoboka ko ari ivyo yikuriye mu mutwe.
Muri aya mezi atatu aheze, umugwi wiwe wagiye urasohora uburorero bw'ibizoba inoti (specimen) zitandukanye za sheafra ku mbuga hwaniro.
Akamenyetso ka X
Ivya mbere yashize kuri X nta bantu benshi bavyitayeho, ariko, ku mvo atawuramenya, iyo noti y'ama sheafra atanu yarashituye abantu.
''Ivyo twasohoye [ku wa mungu itariki 03 ukwezi kwa gatatu] vyari ivya nyuma. Nta n'umwe nabwiye ngo yandike ko 'twatanguje' [iryo faranga], ariko ingene imbuga z'amakuru zayisimbiyeko, ntumbaze'', niko yavuze.
Ivyo yanditse kuri X vyasa nk'uko ibindi vyose vyemewe guca kuri urwo rubuga biba bimeze, kuko ''Government of East Africa'' [reta] yiwe yarahawe akamenyetso (grey tick) na X mu kwezi kwa mbere.
Ku bw'iyo kompanyi y'urubuga hwaniro, ivyo bisigura ko ari konte izwi ya reta canke ishirahamwe mpuzamakungu.
BBC yandikiye X kugira ibaze igituma yemeye guha ikimenyetso cayo 'reta' itabaho ariko nta nyishu iraboneka.
Imvo ya kabiri yatumye sheafra ishitura abantu ni uko ifaranga rishasha rusangi muri Afrika y'ubuseruko rimaze igihe kinini ririko ririgwa muri EAC.

Ahavuye isanamu, Moses Haabwa
Ubunyamabanga bwa EAC bwahavuye bwandika kuri X ko ''bwifuza kumenyesha abo bukorana bose ko urugendo rw'ibihugu birigize rwo gushika kw'ifaranga rusangi n'ubu ari igikorwa kikibandanya''.
Mu 2013, ibihugu vya EAC vyari vyihaye ihangiro ko uwu mwaka [2024] vyoba vyashitse kw'ifaranga rusangi bihurirako vyose. Ariko ubu iryo hangiro vyaryigije mu 2031.
Ivyo bihugu umunani birigize - Uburundi, Repuburika ya Demokarasi ya Congo, Kenya, Urwanda, Sudan y'Epfo, Somalia, Tanzania na Uganda - biratandukanye cane mu migenzo, mu butunzi, uko bingana mu bunini no muri poritike.
Mu gihe ifaranga rimwe kuri ivyo bihugu vyose rishobora kuba ryiza mu gutuma urudadazwa ndenga-mbibe ruzimbuka gutyo rigatuma ubutunzi bwongerekana, rishobora kutagirira akunguko ibihugu vyose co kimwe - bamwe bafise ubwoba ko Kenya, igihugu ca mbere giteye imbere kurusha ibindi muri ako karere, cohava ciganza cane.
Haabwa yavuze ko umugambi wiwe watumwe n'uko gucererwa kwa EAC n'uko abanyagihugu bariko baratakaza icizere muri iryo shirahamwe.
Yavuze ko imvo imwe mu kwandika ivyo yashize kuri X kwari ukugira ahe icizere abanyagihugu bo muri Afrika y'Ubuseruko ko ''ibintu bishobora gukorwa''.
''Kwandika ibintu [kuri X] ni inzira imwe yo kumenya ico abanyagihugu biyumvira. Iyo tutavyandika ntituba twaronse ico kiyago,'' nk'uko yabwiye BBC.
Yemera ko umugambi wiwe w'uko EAC yokwiyunga gusumba ari ''impano y'Imana''.
Ubunyamabanga bwa EAC ntibushobora ''guhunga ukuri, abantu bo muri Afrika y'ubuseruko bakeneye ubumwe'', nk'uko abandanya avuga, akongerako ko EAC itegerezwa kunyarutsa igikorwa co gushinga ifaranga rimwe.
Tumubajije ko ivyo akora bihuye n'amategeko, Haabwa yavuze ati: ''Turi mu nzira yo kubishira mu mategeko, intambwe ku yindi. Duhereye mu gihugu turimwo.''










