Rurangiranwa mu muziki John Frog yahoze ari umugwanyi wa SPLA akiri umwana

Frog yinjiye mu bagwanyi afise imyaka umunani

Ahavuye isanamu, JOHN FROG

Insiguro y'isanamu, Frog yinjiye mu bagwanyi afise imyaka umunani

John Frog n'umwe mu banyamuziki bo muri Sudani y'Epfo afise impano yo kuririmba.

Ariko aramenyekana kw'isi kandi yarakoranye n'abandi baririmvyi bo mu bindi bihugu vya Afrika , harimwo umuganda Eddie Kenzo n'umunya Kenya Bahati.

Indirimbo yiwe aherutse gusohora bayikoranye na Iyanya wo muri Nigeria.

Frog ni ryo zina ryiwe ry'ukuri. Yari yiswe Aguek, bisigura 'igikere' mu kidinka, ururimi rukoreshwa muri Sudani y'Epfo, kubera ko mu kuvuka yari yatanguje amaguru.

Ufatiye ku kuba nyina wiwe yamuvyariye mu kigwati ca kure cane hatagira ibitaro canke umuganga, yagize Imana kuba atapfuye, co kimwe na nyina wiwe.

John Frog yavutse mu gihe c'intambara kandi abavyeyi biwe na bo bari abasirikare mu muhari wa SPLA (the Sudan People’s Liberation Army).

Na we ubwiwe yinjiye mu gisirikare ari umwana afise imyaka yoba ishika umunani.

Avuga ati:"Ntibaciye bahita baduha inkoho ubwo nyene. Nshikanye imyaka 14 ni ho bampa inkoho.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Buri musi, buri indwi, hama intambara, twaguma twituka mw'ishamba, mu mazi, vyari ibintu bikomeye cane kuri jewe."

Aravuga ko atahonyoje ikirenge kw'ishure, akaba yagiye aratoratora icongereza "mw'ibarabara".

Frog avuga ko kuva kera yakunda umuziki kandi ko no mw'ishamba yumviriza umuziki kavukire.

Igihe yaronka akaryo ko kuja ku mugwa mukuru wa Sudani y'Epfo, Juba, agahura n'urundi rwaruka rw'abanyafrika, ni ho yatangura kuririmba indirimbo ziwe bwite.

Agira ati:"Nta bahinyanyuzi b'umuziki bakwiye twari dufise i Juba. Abahinyanyuzi bari ngaha bava mu gihugu ca Kenya na Uganda, rero vyari bigoye kuri bo ubwoko bw'umuziki wa Sudani y'Epfo, nca mpitamwo Afrobeats."

Frog avuga ko abaririmvyi baronse amahera menshi muri Sudani y'Epfo ari abaririmba indirimbo za kavukire.

Agira ati:"Bahayagiza abantu, bahayagiza abategetsi, bahayagiza abantu batunze, bukaba ari bwo buryo bwo kuronka amahera vyihuse ngaha.

"Ariko intumbero yanje n'ugushikira abantu benshi. Haba muri uyu mwaka canke umwaka uza, ntegerezwa kuba muri benewacu baza kw'isonga,"