Ukraine: amabi y’Uburusiya yatumye ibihugu vya OTAN vyegerana gusumba

Abategetsi ba OTAN bavuga ko Vladimir Putin amaze kwitsinda ibitsindo vyinshi kuva atanguje intambara kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abategetsi ba OTAN bavuga ko Vladimir Putin amaze kwitsinda ibitsindo vyinshi kuva atanguje intambara kuri Ukraine

Umwanditsi ku mugabane wa Bulaya

Ishirahamwe OTAN/NATO ryo kwivunira umwansi hamwe ryumva ko ryishimiye ukubaho kwaryo muri kino gihe.

Ni vyo, iyo uvuganye n’abategetsi i Buruseri (Bruxelles/Brussels) mu Bubirigi, ahari icicaro ca OTAN, nta n’umwe avuga ko anezerejwe n’ingene ibintu bimeze i Bulaya inyuma y’aho Uburusiya butanguriye igitero cabwo kuri Ukraine. Ariko bose bihutira kukubwira ingene batangara kandi bafise n’ishaka, kandi ko iri shirahamwe rishize hamwe “cane".

Bakubwira kandi ukungene amakungu, mu bwitonzi bwinshi, afatanye mu nda mu gufatira ibihano Uburusiya. Ibi siko vyamye na gato.

Umutegetsi wa Amerika i Buruseri yambwiye ati: "Iyo umbaza mu kwa kabiri, canke mu mezi atandatu aheze, sinari gushobora kubona ubumwe dufitaniye muri kino gihe”.

None ni igiki gitumye ibihugu vy’Uburengero bishira hamwe gutya?

Iyumvire amakuru atagira igitigiri twasoma yerekana ko ibihugu vy’Uburengero bishobora gucanamwo kubera iyi ntambara.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Ukuruhishwa na Ukraine" kwaravuzwe mu ci riheze, inyuma y’amezi atanu intambara itanguye.

Inyuma y’ivyo, ubuzima buzimvye n’iduga ry’ibiciro vy’umuyagankuba kubera igitero c’Uburusiya vyaboneka ko bishobora gutuma abategetsi b’Uburengero bagabanya imfashanyo baha Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine).

Mu gihe Uburusiya ari bwo bufise ububiko bunini kw’isi yose bw’ibirwanisho vya nikleyeri, hari abibaza ko ibihugu bimwe bimwe vyari gushima kwitandukanya na Ukraine bitinya ko Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya) ishobora kubikorerako.

Ariko uko siko vyagenze.

Umwe mu bategetsi bakuru ba OTAN atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yambwiye ati: "Icemezo gikomeye tubona ubu co kwifatanya na Ukraine catumwe n’amabi akorwa n’Uburusiya – mu gutera abasivire n’ibigo vya gisivire.

"Ivyaha vyo mu ntambara bikorwa buri musi vyabaye akamenyero, ayo masanamu twama tubona ku mboneshakure umusi ku musi. Ibi biragoye kwiregangiza”.

Uburusiya bwama buhakana ko ata vyaha vyo mu ntambara bukora.

Ibirwanisho rutura OTAN yahaye Ukraine bifise uruhara rukomeye muri ino ntambara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibirwanisho rutura OTAN yahaye Ukraine bifise uruhara rukomeye muri ino ntambara

Abategetsi b’Uburengero bavuga ko ibiharuro vya Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu w’Uburusiya) vyagenze nabi.

"[Moscou] iragerageza gutyoza canke kwifatira mu gahanga ibihugu bishigikiye Ukraine ikoresheje amajambo ngo ‘turashobora kukubabaza’”, nk’uko umutegetsi umwe w’igihugu kinini ca OTAN yambwiye.

"Ariko ivyo vyose nta na kimwe vyashitseko. Kurya nyene Uburusiya bwananiwe no kuzimya ubutwari bw’abanya-Ukraine mu gukorera amabi atavugwa igihugu cabo imisi yose”.

Ivyo Vladimir Putin yama avuga ko icateye iyi ntambara ari uko OTAN iriko itera yiyagurira akarere amaja mu buseruko vyamuhindukiriye.

Suède be na Finland, igihugu kibanyi c’Uburusiya, vyahisemwo kwinjira muri uru runani rwo kwivunira umwansi hamwe, inyuma y’imyaka mirongo vyari bimaze bitegamiye ku ruhande na rumwe, iyi ikaba ari ingaruka y’ibikorwa vya Kremlin.

Abenshi kandi babona ko intambwe itari yitezwe y’igisirikare ca Ukraine yashobotse kubera imfashanyo ikomeye y’Uburengero.

Ibihugu vya OTAN biriko biraraba imwe mu nzira zibiri zo gufasha Ukraine: mu bikorwa no muri poritike.

Inzira y’ibikorwa yerekeye cane cane gukora ku buryo inganda zobandanya zihingura zongera ziha ibirwanisho Ukraine.

Abategetsi ba OTAN bavuga ko imfashanyo ihabwa Ukraine yigwa neza kandi ikaba ari iyo igihe kirekire muri kino gihe gusumba mu ndwi zibiri za mbere z’igitero c’Uburusiya zarangwa n’ubwoba.

Ariko uru runani rurashiraho umurongo hagati y’imfashanyo ya gisirikare ruha abanywayi barwo n’iyo ruha Ukraine, aho ingingo yo gufasha iki gihugu ifatwa n’amareta y’ibihugu biri muri OTAN kandi akaba ari yo nyene yitanga iyi mfashanyo, hako iba OTAN yo nyene iyitanga.

Kremlin ntiyemera iri tandukanirizo, ariko ni ngirakamaro kuri OTAN mu gihe ibandanya ikora uko ishoboye kugira ngo ntihave yinjira mu ntambara amaso mu yandi na Moscou, ivyohava bituma ibintu biyangara gushika aho haba intambara ya nikleyeri n’Uburusiya.

Rero, OTAN yarakomeje ibisata vyo kwivuna abansi mu bihugu vy’ubuseruko vyegeranye n’Uburusiya, gusa uru runani ruvuga ko ata gikorwa gisanzwe giteguye co gukorera muri Ukraine. Nta ngabo za Ukraine ruriko rurigisha canke ngo habe imfashanyo ya gisirikare rwo nk’urunani ruriko ruratanga.

Ukraine yagiriza Uburusiya ivyaha vyo mu ntambara mu gitero bwakoze - harimwo i Bucha, hafi y'umugwa mukuru Kyiv

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ukraine yagiriza Uburusiya ivyaha vyo mu ntambara mu gitero bwakoze - harimwo i Bucha, hafi y'umugwa mukuru Kyiv

Inzira ya poritike mu gushigikira Ukraine ni ikintu gitegerezwa gukorwa biciye mu nama nshingamateka n’abanyagihugu bo mu bihugu vya OTAN.

Abihweza ibintu n’ibindi bavuga ko igiciro c’imfashanyo ihabwa Ukraine ari nto cane rwose ugereranije n’uburyo bwakoreshejwe na Amerika canke ibihugu vya Bulaya nk’Ubufaransa canke Ubwongereza muri Iraki na Afghanistan, ariko ni ukubirabira mu biharuro ngereranyo biherutse mu Budagi, mu Bufaransa no mu Butaliyano.

Ibi biharuro vyerekana ko abanyagihugu bashigikiye ibihano vyafatiwe Uburusiya bigenda bigabanuka (28% gusa mu Bufaransa no mu Budagi hamwe na 26% gusa mu Butaliyano, nk’uko biri mu cigwa cakozwe n’ikigo c’igendereza Morning Consult ) kubera bigira ingaruka mbi ku giciro c’ubuzima.

Hagati aho, abategetsi basa n’abatarota bacika intege mu gufasha Ukraine. Ahubwo ubiravye ubu bashikamye gusumba mu misi ya mbere y’intambara.

Bitandukanye na ca giye c’intambara yo mu Kigobe. Ico gihe, Ubudagi n’Ubufaransa ntivyahigitanije mu kwiyonjorora, bitumwe n’uko abanyagihugu bavyo batari bashigikiye intambara.

Abanyagihugu ba ukraine nta mazi n'umuyagankuba bafise inyuma y'ibitero vya bombe vyakozwe n'Uburusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu ba ukraine nta mazi n'umuyagankuba bafise inyuma y'ibitero vya bombe vyakozwe n'Uburusiya

None ubu ni ibiki biriko biraba?

Birasanzwe: ku mugabane wa Bulaya, igitero c’Uburusiya kuri Ukraine gifatwa nka ca gitero c’iterabwoba co ku wa 11 Nyakanga (9) 2001 kuri Amerika, nk’uko bivugwa na Camille Grand ari mu gisata kijejwe imigenderaire mu Nama nkuru y’Ubumwe bwa Bulaya.

Yambwiye ati: "[Igitero c’Uburusiya] cabaye akamo gakomeye ku vyerekeye umutekano no kwivuna abansi. Igihe gikomeye, cahinduye ibintu, aho intambara yashitse ku mipaka yacu”.

Uko vyogenda kwose muri Ukraine, abona ko ibintu bizoguma bigoye ku mugabane wa Bulaya mu kiringo c’imyaka itari mike iri imbere.

Umutegetsi wa Amerika i Buruseri wewe aragera kure: "Ivyo Uburusiya bwakoze vyatumye haba impinduka kw’isi yose mu migambi ijanye n’umutekano”.

Si OTAN yonyene yabibonye uku, nk’uko abivuga. N’ibindi bihugu nk’Ubuyapani, Nouvelle-Zélande, Korea y’Epfo na Australia na vyo nyene bibona ibikorwa vya Vladimir Putin nk’akaga ku ntwaro rusangi kw’isi.

Bibona ko mu gihe bomureka “agashika ku vyo yipfuza” muri Ukraine, nta n’umwe yoba agitekaniwe.

Gusa si bose babibona uku kw’isi yose.

Uburengero n’incuti zabwo bagirizwa uburyarya na ka mwana wa mama uravye ingene baciye bihutira gufasha Ukraine canke kwiyamiriza Uburusiya ku vyaha vyo mu ntambara bukora, mu gihe ingabo z’Uburengero zagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu n’ivyaha vyo mu ntambara muri Iraki , nk’akarorero.

Hanyuma kandi ingene bakiriye impunzi zo muri Syria zinjiye i Bulaya mu 2015 biratandukanye cane n’ingene bakiriye iza Ukraine muri uno mwaka.

Ariko, dusubiye inyuma mu kwa kabiri kuri OTAN, ubwoba bwatewe n’igitero c’Uburusiya kuri Ukraine – hamwe nimpungenge ku ngaruka zikomeye zoba mu gihe bokwihoza ivyo Kremlin iriko irakora – vyatumye Amerika iva ku ntego yari ifise yo kwibanda ku Bushinwa n’akarere ka Indo-Pacifique.

Yaciye isubiza amaso ku gisata co kwivuna abansi ca Bulaya – n’aho vyaboneka ko bishobora kugira ingaruka mbi kuri Joe Biden mu matora aheruka ( n’aho ivyayavuyemwo bisa n’uko bitamuhungabanije).

Nta gukekeranya ko ingingo ya Amerika, hongeyeko ibikorwa vy’Uburusiya muri Ukraine, yahinduye imbono y’ibintu mu butegetsi bw’Ubufaransa, Ubudagi n’Ubutaliyano - ibihugu vyaboneka ubwa mbere y’uko bitashaka kwiteranya n’Uburusiya.

Berlin (umugwa mukuru w’Ubudagi) na Roma (umugwa mukuru w’Ubutaliyano) vyari bifise imigenderanire ikomeye cane na Moscou mu vyo ubudandaji n’amasoko ntanganguvu. Nayo kuri Perezida Emmanuel Macron, abamunegura babona ko yariko arahendwa n’icaboneka ko ari ubugenzi bwihariye yaboneka ko afitaniye na Vladimir Putin.

Umuvuduko wariyongereye ubu, gushika n’aho Ubudagi bwahora buboneka ko butinya buza mu kibanza ca kane mu bihugu biha imfashanyo Ukraine, n’aho iya Amerika isumba kure n’iyo imfashanyo itangwa n’Ubulaya.

Ubumwe bwa Bulaya ku rwego rw’igihugu no ku rwego rw’urunani bwakoze uko bushobye kwose kugira ngo bureke kwama buzera uburaro n’uburamuko ku Burusiya mu vyerekeye amasoko ntanganguvu, kandi na Macron muri ino misi ntarya umunwa iyo hageze ikibazo ca Moscou.

"Ivyaha vyo mu ntambara bidashobora kugenda gutyo nyene bidahanywe” niko aheruka kuvuga muri ino ndwi ku bitero bibandanya ku basivire no ku bigo vya gisivire. Ibi bitero vyatumye 75% vy’umugwa mukuru Kyiv bibura amazi n’umuyagankuba.

Gute naho ku biyago vya terefone hagati y’umukuru wa reta y’Ubudagi Olaf Scholz na Perezida Macron ku ruhande rumwe, hamwe na Vladimir Putin, kandi bibandanya binegurwa?

"Imirongo ya terefone [ya Amerika] kandi iguma yuguruye hagati ya Washington na Moscou. Si ukugira bavugane kuri kazoza ka Ukraine – iki ni ikibazo c’abanya-Ukraine bo nyene – ahubwo ni ukugira ngo bavugane ibindi bibazo, nk’ikibazo c’ibirwanisho ruhonyanganda vya nikleyeri”.

Jewe ndibaza ico bizozana kuri kazoza. Rimwe na rimwe bisa nk’aho Paris (umugwa mukuru w’Ubufaransa) na Berlin vyibaza ko mu gihe intambara ya Ukraine izoba irangiye bizoshoboka ko ibintu “bibandanya nk’uko vyamye” hagati yavyo n’Uburusiya.

Umutegetsi umwe wa Amerika avuga ko ahafitiye amakenga. Ariko ntiwoba wihenze ubajije nimba bishoboka ko hovugwa kazoza ka Bulaya n’ikibazo c’umutekano ubanje kwigizayo burundu Uburusiya.

Mu gihe Ubulaya butekewe n’ubwoba bwinshi cane ko butera buja mu gihe c’ubukonje bukanye kurenza ko vyari bimeze imbere y’intambara, nta kimenyetso na kimwe cerekana ko hoba hari ibihugu bikomeye vya OTAN vyoba vyiyumvira inzira y’ibiganiro yorangiza intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine.

Ico bahurizako bose ni uko Uburengero bwemera ko bahatiye Ukraine mu biganiro n’Uburusiya bitayereye mu 2014, mu nyuma Moscou ikagaruka mu 2022 irondera ibindi vyinshi.

Abaserukira ibihugu vya OTAN bifasha Ukraine mu vya gisirikare bavuga ko ubu babona uruhara rwabo mu gufasha Kyiv kugira ngo ikore neza gisirikare, mu ntumbero yo kuyifasha guhagarara neza mu gihe vyoshika hakaba ibiganiro n’Uburusiya.

Ariko iki ni ikintu Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko kitari mu mutwe ubu bwa vuba.

Ingabo za Volodymyr Zelensky zigenda zibohoza buke buke ubutaka bwari bwigaruriwe n'Abarusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Volodymyr Zelensky zigenda zibohoza buke buke ubutaka bwari bwigaruriwe n'Abarusiya

Ariko kandi, n’aho woba uriko uravuga ubumwe burangwa muri OTAN, kwoba ari ukwirengagiza ibintu ubibona mu gihe wovuga ko ata bintu bidahuriweko n’incuti za Ukraine.

Ubwongereza bukunzwe kwagirizwa ko bufise umutima “w’ubukoko” kuri Moscou, co kimwe n’ibindi bihugu vya OTAN vyegereye Uburusiya canke bifise kahise kababaje kuri bwo – nk’ibihugu vy’akarere ka Balte hamwe na Pologne.

Ubudagi muri ino misi buvugwa ko ari “umufatanyabikorwa ntirumveko”, atanga agaca yinumira . Amerika ifatwa nk’uko iriko igerageza gukinira hose, hagati mu runani no hanze, kugira ngo yirinde imishamirano ya gisirikare amaso mu yandi na Moscou.

Gusa ubu budasa hagati y’ibi bihugu gufatwa ko ari “utuntu duto cane” muri kino gihe.

Umuhinga mu vyo kwivuna abansi Camille Grand avuga ko ata muti woroshe w’iyi ntambara. Ariko gusa ico bose bipfuza ni kimwe, ko Uburusiya butsindwa.

None ubwo Moscou yovyifatamwo gute? Ikibazo nyamukuru ku bihugu vyose bifise uruhara muri ino ntambara ni ingene yorangira mu buryo bwiza. Uko vyogenda kwose.