Russia yarakajwe n’uko UN iyisaba gutanga indishi kubera igitero kuri Ukraine

Inyubakwa zabomowe ahitwa Borodyanka muri Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inyubakwa zabomowe ahitwa Borodyanka muri Ukraine

Uburusiya buriyamiriza burakaye cane akamo buterwa n’amakungu ko gutanga indishi y’akababaro ku vyo bwasambuye muri Ukraine.

Ibi bibaye inyuma y’aho Ikoraniro ry’ishirahamwe ONU ryemereje icemezo c’uko Uburusiya bukwiye kwemera inkurikizi z’ivyo buriko burakora, harimwo gutanga indishi y’akababaro.

Ivyemezo vy’ikoraniro rikuru bifise uburemere, ariko nta nguvu rifise zo kubishirisha mu ngiro.

Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) ivuga ko izokora ibishoboka vyose kugira ibuze Uburengero kuyifatira amatungo ifise mu makungu kugira ntakoreshwe nk’indishi.

Umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov yagiriza Uburengero ko buriko bugerageza “kwemeza ubusuma” no guhonyanga amabwirizwa agenga amatungo bwite n’amategeko mpuzamakungu.

Iki cemezo kivuga ko Uburusiya “butegerezwa kwemanga ingaruka ku bikorwa bibi vyose bukorera mu mahanga, harimwo gutanga indishi ku bubabare bwateje, harimwo ivyononekaye ivyo ari vyo vyose, kubera ibikorwa nk’ibi”.

Gisaba kandi ibihugu bihurukiye mw’ishirahamwe ONU gukorana na Ukraine bigashiraho igitabo mpuzamakungu co kwegeranirizamwo ivyemezo n’ibirego ku Burusiya.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yakiranye yompi iki cemezo, akavuga ko indishi y’akababaro izorihwa n’Uburusiya ari “kimwe mu bigize ukuri gushingiye ku mategeko mpuzamakungu”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imbere y’uko iyi ngingo yemezwa, uwuserukira Kyiv muri ONU, Sergiy Kyslytsya, yabwiye abari muri iyo nama ko Uburusiya bwononye ibintu vyose muri ino ntambara, kuva ku mahinguriro gushika no ku mazu atuwemwo n’abantu n’inyubakwa z’ibitaro.

Hampande y’amafaranga akenewe yo gusanura ivyasambutse, avuga ko gukira ibikomere “bitazokwigera birangira hatabayeho ubutungane ku basinzikajwe n’intambara y’Uburusiya”, yongerako ati: “Harageze Uburusiya bwishura ivyo bwakoze”.

Uwuserukira Uburusiya muri ONU Vassily Nebenzia avuga ko iki cemezo “imbere y’amategeko ata na kimwe kivuze”, anagiriza Uburengero “kugerageza kudindiza no kwunyura intambara”.

Iki cemezo cashigikiwe n’ibihugu 94 kuri 193 bigize ishirahamwe ONU, mu gihe 14 – harimwo Uburusiya, Ubushinwa na Iran – vyatoye bigihakana. Ibindi bihugu bisigaye vyose vyanse kwerekana aho bihagaze.

Tugereranije n’ubuheruka, ibihugu 143 vyaremeje icemezo mu kw’icumi co kwiyamiriza ingingo ya Moscou yo kwihagira uturere twa Ukraine mu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Hariho uturorero tw’ibihugu vyategetswe kuriha indishi y’akababaro inyuma y’intambara.

Iyabaye rurangiranwa ni iy’imiriyaridi 269 y’amafaranga y’ama mark (yahoze ari amafaranga y’Ubudagi) ibihugu vyari vyishize hamwe vyategetse Ubudagi kuriha inyuma y’intambara ya mbere y’isi yose - hafi imiriyaridi 300 y’amadorari y’abanyamerika muri kino gihe.

Ubudagi bwatangishijwe amafaranga menshi nk’aya mu ntumbero yo kuraba ko butohava busubira guteza iyindi ntambara vuba.

Ariko vyagiye kurangira bivuyemwo igihushane, kuko abahinga benshi mu vya kahise bavuga ko indishi zabumugaje n’ingingo yo “kwegeka icaha” ku Budagi, vyateje umujinya wagiye kwadukamwo intambara ya kabiri y’isi yose.

Ubudagi n’ibindi bihugu vyari bihurikiye hamwe kandi vyategetswe kuriha indishi inyuma y’iyo ntambara, ariko bashimikira cane ku gusanura ivyasambutse i Bulaya hakwibanda ku guhana Ubudagi ku bikorwa vyabwo.