Ukraine: Amerika iremeza ko ivugana na Kremlin

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuhanuzi wa Reta zunze Ubumwe za Amerika mu vyo umutekano Jake Sullivan aremeza ko imihora yo kuyaga hagati ya Washington na Moscou icuguruye, n’aho intambara ya Ukraine ibandanya.
Mw’ijambo yavugiye i New York, Sullivan avuga ko ari “ku nyungu” za Amerika kubandanya ivugana na Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu w’Uburusiya).
Ariko ashimangira ko abategetsi “bama barikanuye kubera uwo bariko baravugana”.
Ibi bibaye mu gihe Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) idashaka guhakana amakuru avuga ko Sullivan arongoye ibiganiro n’Uburusiya mu ntumbero yo kubuza igitero ca nikleyei muri Ukraine.
Ikinyamakuru Wall Street Journal co muri Amerika kivuga ko Sullivan ibiganiro na mugenziwe w’Uburusiya, Nikolai Patrushev, umunyamabanga w’inama yigihugu ijejwe umutekano, hamwe na Yuri Ushakov, umuhanuzi mukuru wa Kremlin mu vyo imigenderanire, kuva mu mezi atari make aheze, yabigize ibanga.
Abategetsi bakuru babwiye iki kinyamakuru ko aba bagabo bavuganye ingene bokwirinda ikoreshwa ry’ibirwanisho vya nikleyeri mu ntambara yo muri Ukraine, ariko ko batigeze baja mu biganiro vy’ingene intambara yohagarara.
Mu kwezi guheze, Sullivan yavuze ikoreshwa iryo ari ryo ryose ry’ibirwanisho vya nikleyeri ryogira “ingaruka mbi cane ku Burusiya”.
Yabwiye ikinyamakuru co muri Amerika NBC ko, mu biganiro vy’ibanga bagiriraniye n’abategetsi b’Uburusiya, abategetsi bakuru “bashikirije” urugero Amerika yoshikako mu kwihora.
Umuvugizi w’inama nkuru y’igihugu ya Amerika, Adrienne Watson, yaranse kwemeza iyi nkuru, abwira iki kinyamakuru ko “abantu bivugira vyinshi”, mu gihe umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov yagiriza ibinyamakuru vy’Uburengero "gutangaza ibinyoma vyinshi".
Ariko umunyamabanga wa Maison Blanche ajejwe kumenyesha amakuru Karin Jean-Pierre yavuze ejo ku wa mbere ko Amerika ifise uburenganzira bwo kugiriranira ibiganiro n’Uburusiya.
Sullivan – uyu akaba azwi ko ari umwe mu bahanuzi bakuru ba Perezida Joe Biden wa Amerika babandanya bahimiriza ibiganiro n’Uburusiya – avuga ko kubandanya bavugana na Moscou ari “ku nyungu z’igihugu ico ari co cose gikorwako n’iyi ntambra”.
Mu ndwi iheze, ikinyamakuru Washington Post catangaje ko abategetsi bakuru ba Amerika bariko basaba Kyiv kwerekana ko ifise ishaka ryo kugiriranira ibiganiro n’Uburusiya.
Basaba kandi Ukraine kutanka kuganira ivyo guhagarika iyi ntambara mu gihe Perezida Vladimir Putin azoba akiri ku butegetsi.
Ariko Sullivan yabwiye ikoraniro ryabereye i New York ko ubutegetsi bwa Biden “butegerezwa kubandanya ico bwiyemeje” kandi ko bwiyemeje gukorana n’incuti mpuzamakungu “kugira ngo abakoze ivyaha vyo mu ntambara bikomeye muri Ukraine barengutswe kugira ngo bishure ivyo bakoze”.
Sullivan ati: "Nari i Kyiv ku wa gatanu kandi nararonse akaryo ko kuvugana na Perezida [Volodymyr] Zelensky na mugenzanje Andriy Yermak, hamwe kandi n’abarongoye igisirikare, ndaronka kandi n’insiguro ku rugero rw’ubwicanyi n’ubwononyi vyatewe n’intambara ya Putin kuri ico gihugu”.
Kuva mu mezi aheze, amakenga yariyongereye ko Uburusiya bushobora kwikora ku birwanisho vya nikleyeri mu kugerageza gukingira intara zine zo mu buseruko n’ubumanuko bwa Ukraine bwihagiye mu buryo buteye kubiri n’amategeko.
Hagati aho, Ukraine yifashishije amategeko yo mu ntambra kugira ngo ifate mu minwe amatungo y’amakompanyi atanu makuru makuru.
Amwe muri ayo makompanyi – harimwo abiri y’amasoko ntanganguvu n’ayandi ahingura amamoteri, amamodoka n’ama transformateurs/transformers – afitaniye ubucuti n’umutunzi ruhebwa Vyacheslav Bohuslayev yahagaritswe yiketswe ko akorana n’Uburusiya.
Perezida Zelensky avuga ko iyi ngingo izofasha igisata ca Ukraine kijejwe kwivuna abansi kuronka vya nkenerwa mu gisirikare ubu kiri mu bikorwa vyo gutuza umwansi mu bumanuko n’ubuseruko bwa Ukraine.













