Putin yakurikiranye imyimenyerezo ya nikleyeri ya mbere kuva igitero kuri Ukraine gitanguye

Ahavuye isanamu, Kremlin
Paul Kirby
BBC News
Perezida Vladimir Putin yagaharikiye imyimenyerezo ya buri mwaka y’ingabo z’igisata ca nikleyeri mu gisirikare c’Uburusiya, mu gihe icuka kibi kibandanya ciyongera hagati y’iki gihugu n’Uburengero kubera intambara imaze amezi umunani muri Ukraine.
Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) ivuga ko ibisasu vya misire vyarashwe biva muri Arctique bija mu buseruko bw’Uburusiya.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko zamenyeshejwe ivy’iyi myimenyerezo mu rwego rw’amasezerano yo kugabanya ibirwanisho ruhonyanganda azwi nka New Start.
Iyi myimenyerezo yo kurasa ibi bisasu ibaye mu gihe Uburusiya bwagiriza Ukraine, ata vyemezo, ko iriko itegura gukoresha "ibombe y’umwanda".
"Ibombe y’umwanda" ni igisasu giturika kivanze n’ubumara, ariko ibi bivugwa n’Uburusiya bikaba vyiyamirizwa cane n’ibihugu vy’Uburengero bivuga ko ari ikinyoma.
Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) igabisha ko ibi birego vyerekana ko Moscou yo nyene ishobora kuba iriko irategura igitero nk’iki.
Imyimenyerezo ya nikleyeri y’Uburusiya yaheruka yabaye imisi itanu imbere y’uko butera Ukraine.
Imbere y’iyi myimenyerezo y’ubu, abategetsi ba gisirikare i Washington (umugwa mukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika) bavuze ko, mu kumenyesha Amerika, Abarusiya bubahirije inshingano zo kugenzura ibirwanisho.
OTAN/NATO nayo nyene iriko irategura imyimenyerezo yayo ya nikleyeri, yiswe Steadfast Noon, mu buraruko bushira uburengero bwa Bulaya.
Uru runani rw’ukwivunira umwansi hamwe ruhurikiyemwo ibihugu vy’Uburengero, ruvuga ko imyimenyerezo y’indege yari ihurikiyemwo ibihugu 14 yabaye gushika ku wa Mungu mu birere vy’Ububirigi, Ubwongereza n’Inyanja y’Uburaruko (Mer du Nord/North Sea).
Imyimenyerezo y’Uburusiya ibaye mu gihe ibintu bitoroshe mu bumanuko no mu buseruko bwa Ukraine.
Moscou yarungitse ingabo mu gisagara gikomeye ca Kherson kugira ngo zifashe mu kugikingira. Uburusiya bwigaruriye Kherson mu misi ya mbere y’iyi ntambara, ariko mu misi ya vuba bwarasagirijwe bikomeye mu gihe ingabo za Ukraine zigenda zisatira.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu yabonetse ku mboneshakure y’Uburusiya avuga ko iyi myimenyerezo ari iy’ukugira ngo intwazangabo n’abagenzuzi ba gisirikare bimenyereze gukora"igitero kinini ca nikleyeri cokorwa n’ingabo zikoresha ibirwanisho vya nikleyeri mu gihe umwansi yoramuka akoze igitero ca nikleyeri ku Burusiya”.
Igisasu ca misire zo mu bwoko bwa Yars kiraswa kure caterewe mu kibanza kirungikirwako ibigendajuru c’ahitwa Plesetsk, ku birometero hafi 800 mu buraruko bwa Moscou, mu gihe ikindi gisasu co mu bwoko bwa Sineva kiraswa kure caterewe mu Nyanja ya Barents kija ku kigo c’igeragerezo ca Kura kiri mu mitumba ya kure y’intara Kamchatka mu buseruko bw’Uburusiya, nk’uko Kremlin ibivuga.

Ahavuye isanamu, RUSSIAN DEFENCE MINISTRY
Yongerako y’uko misire zose zageze aho zategerezwa gushika.
Perezida Putin yerekanywe ku mboneshakure y’Uburusiya ariko araba videwo y’iyo myimenyerezo yo gutera ibi bisasu.
Hatangajwe kandi amashusho y’ijambo ryiwe yashikirije inama yahuza abajejwe ibisata vy’igendereza hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, aho yasubiye gushimangira ivyo yagiriza Ukraine ko iriko itegura gukoresha ibombe y’umwanda.
Asubiramwo kandi ibindi birego bitagira ishingiro biherutse kuvugwa n’Uburusiya mu mezi aheze kuri Ukraine, harimwo ko Amerika yayigize “urubuga rw’igeragerezo rya gisirikare ry’ibirwanisho vy’ubumara”.
Ejo ku wa gatatu, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Ukraine Oleksiy Reznikov yavuze ati: “Ico nibaza ku gatwe kanje ni uko Putin atazokoresha ibirwanisho vya nikleyeri”.
Ahandi naho, Reznikovyabwiye imboneshakure yo muri Amerika ko igitero co kwivuna umwansi mu bumanuko cazingamitswe n’ikirere c’imvura.
Mw’ijambo yashikirije igihugu mu kw’icenda, Putin yavuze ko igihugu ciwe “gifise ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubwoko butandukanye” kandi ko ashobora “gukoresha uburyo bwose budushobokera”, aca yongerako ati: “Si ndiko ndafyina”.
Inyuma y’ayo majambo, Josep Borrell ajejwe imigenderanire n’amakungu mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya, yabwiye BBC ati: “Iki ni igihe kibi [muri ino ntambara] kubera igisirikare c’Uburusiya kigeze habi, n’inyifato ya Putin – akangisha gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri – ntivyoroshe na gato”.










