Ukraine: Kyiv iriyamiriza ivyo yagirizwa na Russia ko igomba gutera ‘ibombe y’umwanda’

Amasoko ntanganguvu ya Ukraine yaratewe arononekara cane mu bitero bikomeye vy'Uburusiya mu ndwi ziheze

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Amasoko ntanganguvu ya Ukraine yaratewe arononekara cane mu bitero bikomeye vy'Uburusiya mu ndwi ziheze

Ukraine iriyamiriza ibivugwa n’Uburusiya ko Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) ishobora gukoresha “ibombe y’umwanda” - ibibombe bisanzwe bivangwa n’ubumara (matières radioactives).

Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko ibi vyerekana ko Uburusiya bwonyene bushobora kuba buriko butegura gukora igitero nk’iki.

Incuti za Ukraine nazo nyene ziriyamiriza ibi bivugwa n’Uburusiya, mbere Amerika ikiyamiriza “icitwazo ico ari co cose cotuma ibintu biyangara”.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya Sergei Shoigu yavuze ivy’amabombe y’umwanda mu gihe yavugana na mugenziwe w’Ubwongereza Ben Wallace kuri terefone.

Yavuze ko afise “amakenga ku gishobora kuba agasotoro ka Kyiv karimwo ikoreshwa ry’ibombe y’umwanda”.

Ku wa Mungu, Shoigu yagiranye kandi ibiganiro n’abashikiranganji bo kwivuna abansi ba Amerika, Ubufaransa na Turukiya, abashikiriza impungenge za Moscou. Nta vyemezo yatanze bishigikira ivyo yagiriza Ukraine.

Mu kwishura kuri ibi, Perezida Zelensky yagiriza Uburusiya ko ari bwo “ntandaro y’ibintu vyose vy’umwanda bishobora kuba muri ino ntambara”.

Avuga ko Uburusiya buriko butera ubwoba isi bukoresheje “akaga k’inguvu z’ubumara” ku kigo ca nikleyeri ca Zaporizhzhia bwigaruriye.

Anavuga kw’iterabwoba rya Moscou ryo kumena urugomero rukomeye rwo mu bumanuko bwa Ukraine. Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) iriyamiriza ibi birego.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukuru wa Ukraine kandi arashimangira ko “amakungu yofata ingingo zose zikomeye zishoboka”.

Hagati aho, Wallace avuga ko yamiriye kure ibivugwa na Shoigu ko "Ukraine iriko itegura imigambi ifashwe mu mugongo n’ibihugu vy’Uburengero, harimwo n’Ubwongereza, yo gutuma ibintu biyangara muri Ukraine”.

Yagabishije kandi ko ibirego nk’ibi "bitoba icitwazo co gukora ikintu cotuma ibintu vyunyuka”.

Amajambo nk’ayo kandi niyo yavuzwe n’umunyamabanga wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Lloyd Austin, igihe yavugana na Shoigu ejo ku wa Mungu, mu kiganiro kigira kabiri nawe kuri terefone mu misi mike cane.

Mw’itangazo rusangi, abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu vy’Ubufaransa, Ubwongereza na Amerika bavuze ko ibihugu vyabo “vyiyamirije amajambo y’ikinyoma ceruye ko Ukraine iriko itegura gukoresha ibombe y’umwanda ku butaka bwayo”, banavuga ko bazobandanya bafata mu mugongo Ukraine "muri ino ntambara y’ubugome ya Perezida Putin".

Abihweza ibintu n’ibindi mu gisirikare bavuga ko ivyo Uburusiya bwagiriza Ukraine bije inyuma y’aho bugize imisi butsindwa ahatari hake, be no mu gihe ingabo za Ukraine zibandanya ibitero vyo kwivuna mu buseruko no mu bumanuko bw’igihugu.

Mu rukurikirane rw’ubutumwa cacishije ku rubuga rwa Twitter, ikigo ca Amerika cigisha ivy’intambara, Institute for the Study of War (ISW), kivuga ko Shoigu "asa n’uwariko arondera guhagarika canke kugabanya umurindi w’imfashanyo za gisirikare Uburengero buha Ukraine, hamwe kandi kumbure no kurondera ingene aca intege urunani rwa OTAN/NATO mu kurutera ubwoba”.

Hagati aho, ISW yongerako iti: "Kremlin ntavyo irimwo vyo gutegura igitero ca vuba ca bombe y’umwanda. Ibivugwa na Shoigu bije gukomeza isekeza ry’akarimi Uburusiya bumazemwo igihe kirekire”.

Mu bindi vyabaye ejo ku wa Mungu:

  • Igisata ca Ukraine kijejwe amasoko ntanganguvu kivuga ko cashoboye kugarukana igice c’umuyagankuba inyuma y’ibitero bikomeye vya misire na za ndege zitagira abadereva biherutse gukorwa n’Uburusiya
  • Ikinyamakuru RT cegamiye reta y’Uburusiya kivuga ko cahagaritse vy’agateganyo umukozi waco mukuru Anton Krasovsky, inyuma y’aho yumvikaniye mu kiganiro ku mboneshakure ariko aravuga ko abana ba Ukraine bakwiye gutabwa mu mazi canke bagaturirwa bagapfa
  • Igisata ca Ukraine kijejwe umutekano SBU cemeza ko Vyacheslav Bohuslayev yahoze arongoye uruganda Motor Sich, yahagaritswe yagirijwe kugurisha imoteri z’indege ku Burusiya mu buryo buteye kubiri n’amategeko