Ukraine: Abahinga ba Irani mu vya drone ‘ku rubuga’ muri Crimea – niko US ivuga

Igisigarira ca drone y'ubwiyahuzi ya Irani yakorowe n'ingabo za Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igisigarira ca drone y'ubwiyahuzi ya Irani yakorowe n'ingabo za Ukraine

Na George Wright

George Wright

line

Iran yarungitse abahinga ba gisirikare mu karere ka Crimée/Crimea kari mu minwe y’Uburusiya mu ntumbero yo gufasha kurungika za ndege zitagira abadereva, drones, mu bitero kuri Ukraine, nk’uko bivugwa na Maison Blanche/White House.

Umuvugizi wa Amerika avuga ko aba ari abigisha n’abafasha mu vyo ubuhinga.

Ku wa mbere, umugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, waratewe na drones “z’ubwiyahuzi” zarungitswe n’Uburusiya ariko zizwi ko zikorwa na Irani.

Ubwongereza bwatangaje ibihano ku makompanyi n’abantu bafise uruhara mu gutanga izi drones.

Umuvugizi w’igisata kijejwe umutekano w’igihugu muri Maison Blanche, John Kirby, yabwiye abanyamakuru ati:

"Turabona ko abasirikare ba Irani bari ku rubuga muri Crimée kandi ko bafasha Uburusiya muri ivyo bikorwa".

Avuga ko “igitigiri gito”c’abanya-Irani bafasha mu vyo ubuhinga, Abarusiya nabo bagatwara izi ndege zitagira abadereva muri Ukraine.

Kirby ati: "Tehran ubu ifisemwo uruhara mu kuba iri ku rubuga be no mu gutanga ibirwanisho bigira ingaruka mbi ku basivire no ku bigo vya gisivire muri Ukraine”.

Avuga kandi ko Amerika “izokoresha uburyo bwose” mu “gushira ahabona, kuzibira no guhangana n’ibikorwa vya Irani vyo gutanga ibi birwanisho birwanya abanyagihugu ba Ukraine”.

Ukraine yabonye ko izi drones – canke indege zitagira abadereva (UAVs) – zakoreshejwe ku wa mbere, ko ari ibirwanisho vya Irani vyo mu bwoko bwa Shahed-136.

Zizwi ko ari iz’ “ubwiyahuzi” kuko zisambuka iyo zikoze igitero – zikaba zitiriwe ba badereva b’indege b’Abayapani bakoze ibikorwa vy’ubwiyahuzi mu ntambara ya kabiri y’isi yose.

Uburusiya bwakoresheje izi drones n’ibisasu vya misire mu gutera ibibanza bikomakomeye muri Ukraine mu misi iheze, busambura hafi ica gatatu c’amasoko ntanganguvu kuva ku wa mbere w’indwi iheze.

Ibi vyatumye muri Ukraine, ku ncuro ya mbere, haba amabwirizwa asaba abanyagihugu gukoresha umuyagankuba muke ejo ku wa kane.

Ibitero vya drones z'Uburusiya vyarashitse ku mugwa mukuru Kyiv

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibitero vya drones z'Uburusiya vyarashitse ku mugwa mukuru Kyiv
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubwongereza bwatangaje ibihano ku bajenerali batatu ba Irani hamwe n’uruganda ruhingura ibirwanisho kubera izi drones za Irani zakoreshejwe n’Uburusiya mu gutera Ukraine.

Umunyamabanga w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire James Cleverly yagirije abo bafatiwe ibihano “gukokeza intambara” no kwikika inyuma y’ibitero “vy’agahomerabunwa” vya Moscou.

Muri abo bafatiwe ibihano harimwo umukuru w’igisirikare ca Irani Jenerali-Majoro Mohammad Hossein Bagheri, hamwe kandi n’uruganda ruhingura drone ruzwi nka Shahed Aviation Industries.

Hagati aho, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagirije Moscou gutega ibibombe ku rugomero rukomeye mu bumanuko bwa Ukraine.

Mu gihe urugomero rw’umuyagankuba rwa Kakhovka rwokwononekara cane, ibisagara 80 bishobora guterwa n’imyizurira, mbere n’ikigo ca nikleyeri ca Zaporizhzhia kikabura amazi yo guhoza, nk’uko Zelensky abivuga.

Bishobora kandi gutuma ubumanuko bwose bwa Ukraine, harimwo na Crimea, bubura amazi.

Ku wa gatatu, umurwi w’abahinga wo ku kigo cigisha ibijanye n’intambara, Institute for the Study of War, bavuze ko Moscou ishobora kuba iriko irategura igitero kuri uru rugomero igaca icegeka kuri Ukraine, yizeye ko umwuzurira wokwaduka woha akaryo keza ingabo z’Uburusiya ko kuva mu turere tw’intara ya Kherson ata nkomanzi.

Uru rugomero rupima ibirometero 70 rukaba ruri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kherson.

Uburusiya buriko burahungisha abasivire bubakura mu turere twa Kherson bugenzura, mu gihe bwiteze igitero gikomeye ca Ukraine mu ntumbero yo kwisubiza iki gisagara.