Ukraine nta mugambi ifise wo kurasa mu Burusiya - Zelensky

Umukuru wa reta y'Ubudagi Scholz (i buryo) yaremereye imfashanyo Perezida Zelensky (i bubamfu) na Ukraine "mu gihe cose bizoba nkenerwa"

Ahavuye isanamu, EFE

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa reta y'Ubudagi Scholz (i buryo) yaremereye imfashanyo Perezida Zelensky (i bubamfu) wa Ukraine "mu gihe cose bizoba nkenerwa"
    • Umwanditsi, Laura Gozzi & Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News

Ukraine nta mugambi ifise wo kurasa mu Burusiya, bivugwa na Perezida Volodymyr Zelensky yari mu rugendo mu Bugadi, aho Kyiv yaronkeye imfashanyo yindi nshasha nini mu vyo kwivuna abansi.

Inyuma y’ibiganiro n’umukuru wa reta y’Ubudagi (Chancelier/Chancellor) Olaf Scholz, Zelensky yavuze ati: "Ntituriko turarasa ubutaka bw’Uburusiya.

"Turiko turategura igitero co kwivuna kugira ngo tubohoze ubutaka bwigaruriwe mu buryo buteye kubiri n’amategeko”.

Chancelier Scholz yiyemeje gushigikira Ukraine "mu gihe cose bizoba nkenerwa", akaba yayemereye imfashanyo y’ibirwanisho bifise agaciro k’imiriyaridi 2.7 z’ama-euro.

Muri ino mfashanyo harimwo vya bimodoka vy’intambara vyo mu bwoko bwa Leopard, hamwe n’ibindi birwanisho vyo gukorora indege mu ntumbero yo gukingira Ukraine ibitero hafi vya buri musi vya za ndege zitagira abadereva (drone) hamwe n’ibisasu vya misire.

Perezida Zelensky avuga ko iyi mfashanyo nshasha ari yo "ya mbere nini kuva iki gitero c’Uburusiya gitangura" mu kwa kabiri 2022.

Uburusiya bwagiriza Ukraine ko yama ikora ibitero ku butaka bw’Uburusiya, harimwo n’igitero ca drone kivugwa ko cakozwe kuri Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) i Moscou mu ntango z’uku kwezi.

Ukraine irahakana ibi birego, ariko ikavuga ko ifise uburenganzira bwo gukoresha inguvu n’ubundi buryo mu kubohoza uturere twose twigaruriwe ubu tukaba tugenzurwa n’Uburusiya.

Muri utu turere harimwo intara zine mu bumanuko n’ubuseruko, hamwe kandi n’akarere ka Crimée/Crimea kihagiwe n’Uburusiya mu 2014.

Ku mugoroba w’ejo ku wa Mungu, Perezida Zelensky yaragendeye igisagara ca Aachen kiri mu burengero kugira yakire agashimwe k’iteka kitiriwe Charlemagne, kahawe uyu mukuru w’igihugu n’abanyagihugu ba Ukraine muri uno mwaka. Aka gashimwe gatangwa mu twigoro two gutsimbataza ubumwe bwa Bulaya.

Mu birori vyo gushikiriza aka gashimwe, umukuru w’Ubumwe bwa Bulaya, Ursula von der Leyen , yavuze ati: "Ukraine ihagarariye ibintu vyose Ubulaya bugenderako: ubutwari mu vyo umuntu yizera, guharanira indangagaciro n’ubwigenge, guhagararira amahoro n’ubumwe".

Mu bandi bigeze gutsindira aka gashimwe harimwo Winston Churchill, Papa Francis na Bill Clinton.

Andi makuru y’ivyabaye ejo ku wa Mungu

  • Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere kivuga ko casambuye amadrone 25 n’ibisasu vya misire bitatu vyarashwe n’Uburusiya mu rundi rukurikirane rw’ibitero
  • Abantu batandatu barishwe abandi 16 barakomereka mu bitero vyakozwe n’Uburusiya mu turere turi mu minwe ya Ukraine mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko, nk’uko bivugwa n’abategetsi b’akarere.
  • Umuntu umwe yarishwe mu gitero ca muzinga c’ejo ku wa Mungu mu ntara ya Kherson iri mu bumanuko
  • Internet ngendanwa yahagaritswe vy’agateganyo mu turere tw’intara ya Luhansk tugenzurwa n’Uburusiya kubera ibitero vya muzinga vy’ingabo za Ukraine

Perezida Zelensky yaragendeye Ubudagi avuye mu Butaliyano mw’ijoro ryo ku wa gatandatu buca ari ku wa Mungu, indege yiwe iherekejwe n’indege z’intambara z’Ubudagi.

I Roma, Perezida Zelensky yabonanye n’umukuru w’igihugu c’Ubutaliyano Sergio Mattarella n’umushikiranganji wa mbere Giorgia Meloni. Yaragiriraniye kandi n’umubonano na Papa Francis i Vaticano.

Papa Francis yavuze ko abandanya asengera amahoro muri Ukraine.

Papa kandi yashimangiye ko hakenewe imfashanyo yihutirwa yo gufasha “abantu ba ntahonikora gusumba abandi, inzirakarengane” zigwa mu mporero y’igitero c’Uburusiya.

Hagati aho, umupfasoni Meloni yaremereye Zelensky ko Roma izobandanya gushigikira Ukraine.

Ku mugoroba w’ejo ku wa Mungu, uyu mukuru w’igihugu ca Ukraine yaragendeye Paris, akaba yashitse ku kirimba ca Élysée c’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, aho yabonaniye na Perezida Emmanuel Macron.