Uburakari ku murimyi w'umuzungu yagirizwa kwica abagore b'abirabure akabagaburira ingurube

Abari mu myiyerekano bafise icapa imbere ya sentare i Polokwane
Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano bafise icapa imbere ya sentare i Polokwane basaba ko yanka ko hatangwa ingwati kugira abagirizwa icaha barekurwe vy'agateganyo
    • Umwanditsi, Nomsa Maseko
    • Igikorwa, BBC News, Polokwane

Ibivugwa ko abagore babiri b'abirabure boba barishwe bakagaburirwa ingurube n'umurimyi w'umuzungu na babiri mu bakozi biwe vyateye uburakari muri Afrika y'Epfo.

Bivugwa ko Maria Makgato w'imyaka 45 na Lucia Ndlovu w'imyaka 34, bariko barahiga utwo barya mu murima wegereye Polokwane mu ntara ya Limpopo iri mu buraruko bwa Afrika y'Epfo mu kwezi kw'umunani, igihe baraswa.

Bivugwa ko ibiziga vyabo vyaciye bigaburirwa ingurube mu kiboneka nko gushaka kunyegeza ibimenyetso.

Sentare ubu iriko irihweza nimba yorekura ku ngwati nyene indimiro Zachariah Johannes Olivier w'imyaka 60, hamwe n'abakozi biwe Adrian de Wet w'imyaka 19 hamwe na William Musora w'imyaka 50 imbere y'uko urwo rubanza bagirizwamwo ubwicanyi rutangura.

Maria Makgato

Ahavuye isanamu, Makgato family

Insiguro y'isanamu, Maria Makgato yari umugore areze wenyene abana bane bari hagati y'imyaka 22 n'itanu

Abo bagabo batatu ntibararengutswa ngo bemere canke bahakane icaha muri sentare, ibizoba igihe urubanza ruzotangura ku rindi sango riri imbere.

Igihe baheruka kwumvirizwa, harabaye imyiyerekano hanze ya sentare basaba ko abakekwako icaha batorekurwa vy'agateganyo.

Musaza wa Makgato, Walter Mathole yabwiye BBC ko ivyashitse vyongereje kandi imishamirano hagati y'abirabure n'abazungu muri Afrika y'Epfo.

Ibi ahanini bigwiriye hagati mu gihugu, n'aho intwaro ya karyanishamiryango imaze imyaka 30 iheze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muri sentare ya Polokwane, abo bagabo batatu bagirizwa kandi kugerageza kwica barashe umugabo wa Ndlovu, yari kumwe n'abo bagore muri iryo tongo - hamwe no kuba batunze ibigwanisho hadakurikijwe amategeko.

Mabutho Ncube yarusimvye ku mugoroba wo ku musi wa gatandatu itariki 17 z'ukwezi kwa Myandagaro (8) - agenda arakuba inda hasi gushika ashobore guhamagara umuganga ngo amufashe.

Avuga ko yavuze ivyashitse ku giporisi hanyuma baca basanga ibiziga vy'umugore wiwe na Makgato mu nzu y'ingurube bitanguye kubora inyuma y'imisi itari mike.

Mathole avuga ko yari kumwe n'abaporisi kandi ko yiboneye ibintu biteye ubwoba mu nzu y'ingurube: ikiziga ca mushikiwe kimaze gutangura kuribwa n'ivyo bikoko.

Bivugwa ko uwo mugwi w'abantu bari bagiye muri iryo tongo kurondera ivyo barya mu bintu vyatawe vyarengeje igihe co kuribwa canke biri mu kurenza ikiringo. Ivyo vyahora rimwe na rimwe bitabwa muri iryo tongo hanyuma bigahabwa ingurube.

Umuryango wa Makgato uvuga ko ubabajwe cane n'iyicwa ryiwe - cane cane abana biwe bane, bafise hagati y'imyaka 22 n'itanu.

N'amarira menshi, mukuru mu bahungu biwe, Ranti Makgato yabwiye BBC ati:"Mawe yapfuye urupfu rubabaje, yari umuvyeyi akundana yadufasha muri vyose. Nta co twigeze tumuburana."

Yongerako ati:"Ndibaza ko nza gusinzira neza mu gihe abakekwa kuba abicanyi bobankira kubarekura hatanzwe ingwati."

Umugambwe utavuga rumwe na reta Economic Freedom Fighters (EFF) uvuga ko iryo yororero ritegerezwa kwugarwa.

"EFF ntishobora kuguma mu gacerere mu gihe ibintu biva muri iryo yororero bibandanya kugurishwa kuko bibangamira ababigura," uko ni ko uwo mugambwe wavuze ibiziga bimaze gutorwa.

Akanama ka Afrika y'Epfo kajejwe agateka ka zina muntu kariyamirije ubwo bwicanyi kanatera akamo ko hoba ibiganiro vyo kugwanya amacakubiri ahagaze ku rukoba hagati y'abo vyega.

Imigwi iserukira abarimyi, abenshi usanga ari abazungu, ivuga ko abakora uwo mwuga bumva ko bageramiwe mu gihugu kirimwo ubwicanyi bwinshi - ariko nta kimenyetso kihari cerekana ko bageramiwe gusumba abandi.

Hari ibindi biherutse bibiri bituma hongerekana imishamirano ishingiye ku rukoba.

Mu ntara yo mu buseruko ya Mpumalanga, umurimyi hamwe n'abamucungerera umutekano barahagaritswe mu kwezi kwa Myandagaro (8) bakekwa kwica abagabo babiri mu murima wa Laersdrift hagufi y'igisagara gito ca Middleburg.

Vyikekwa ko abo bagabo babiri, baturiwe ku buryo batakimenyekana, bagirizwa kwiba intama.

Abo bagirizwa icaha baracari mw'ibohero mu gihe hagikorwa ibipimo vya DNA/ADN kuri uwo munyota.

Ibiherutse kuba vya hagufi ni umutama w'umuzungu w'imyaka 70 akekwa kugonga umwana w'umuhungu w'imyaka itandatu, amuvuna amaguru yose, amuziza kwiba umucungwe mu murima wiwe.

Urubanza rwa Christoffel Stoman w'i Lutzville mu ntara ya Westen Cape rwo gusaba ko yorekurwa atanze ingwati, ruracabandanya.

Sentare yabwiwe ko nyina n'uwo muhungu wiwe baciye iruhande y'uwo murima bariko baraja kw'isoko gusuma.

Bivugwa ko uwo mwana w'umuhungu yahagaze atora umucungwe wari hasi - ni ho nyina yabona n'umubabaro mwinshi uwo murimyi amugonze.

Urwego rw'ubushingwamanza mu gihugu (NPA) ruvuga ko uwo murimyi yagirizwa ivyaha bibiri vyo gushaka kwica no gutwara imodoka nabi.

Umuvugizi wa NPA, Eric Ntabazalila yabwiye BBC ko reta yiyamiriza ko uwo muntu arekurwa ku ngwati.

Imigambwe ibiri - African Transformation Movement na Pan Africanist Congres - ihamagarira kunyaga amatongo ya Stoman kubera ivyo yakoze.