Urwanda na RD Congo mu bihugu ubutegetsi bwa Trump bwahagarikiye visa zo kuja kuba muri Amerika

Perezida Donald Trump hagati ya bagenzi biwe Paul Kagame(ibumoso) na Felix Tshisekedi iburyo

Ahavuye isanamu, White House

U Rwanda na Repubulika ya Demokarasi ya Congo biri mu bihugu bishika 75 Reta Zunze Ubumwe za Amerika zahagarikiye uburenganzira bwo guhabwa ama-visa yo kuja kuba muri Amerika.

Mw'itangazo ryaraye risohowe n'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, abanyagihugu b'ibi bihugu ntibazosubira kuronswa aya ma-visa kuva ku wa 21 Nzero (1) 2026 gushika igihe kitazwi.

Ku rutonde hariko ibihugu 26 vya Afrika, n'ibindi vyo mu karere nka Tanzania, Uganda, Somalia na Sudani y'Epfo, vyose biri mu muryango wa Afrika y'Ubuseruko.

Hagati aho, abasanzwe bafise aya ma-visa ntibakorwako n'iyi ngingo.

Nk'uko ubu bushikiranganji bubivuga, abasaba ama-visa yo kuja kuba muri Amerika bava muri ibi bihugu barashobora kwandika basaba ama-visa kandi bakitaba n'ibibazo, mbere ubu bushikiranganji buzobandanya butanga imibonano kugira ngo babazwe ibibazo, ariko nta ma-visa y'abimukira azohabwa abanyagihugu bo mu bihugu biri kuri uru rutonde muri iki gihe c'ukubangira.

Ubu bushikiranganji buvuga ko ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump bushaka kuzibira abo bose barondera kununuza abanyagihugu ba Amerika.

Kuva ashitse ku butegetsi, Perezida Trump abandanya arondera ingene yozibira abarondera kuja muri Amerika, haba mu nzira y'amategeko canke abaca mu kinywabi, mu gihe yari amaze guhagarika ama-visa y'abarondera kuja kuba muri Amerika bava mu bihugu nka Brezili, Irani, Uburusiya na Somalia.

Tommy Pigott avugira ubushikiranganji bujejwe imigenderanire, avuga ati: "Ubushikiranganji bw'imigenderanire buzokoresha ubu bubasha kugira ngo bwanke kwakira abimukira bashobora kuba umutwaro kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika no kwungukira ku gatima keza k'abanyagihugu ba Amerika".

Iyi ngingo isigura ko ubu bushikiranganji burongowe na Marco Rubio, buzoba burabangiriye mu kwiga amadosiye y'abasaba ama-visa yo muri ubu bwoko mu gihe buzoba buriko busubiramwo uburyo asanzwe atangwa mu ntumbero yo "kuzibira abanyamahanga boza barondera gutwara imfashanyo n'ubuzi bigenewe abanyagihugu ba Amerika".

Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Associated Press, ubu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwategetse ibiro vy'ubuserukizi muri ibi bihugu kutakira amadosiye y'abasaba aya ma-visa y'abarondera kuja kuba muri Amerika. Ariko, iyi ngingo ntizokora ku basaba ama-visa y'igihe gito.

Ibihugu vyo mu karere Amerika yafatiye iyo ngingo. Mu mezi aheze Uburundi bwashizwe ku rutonde Amerika yafatiye ingingo zigabanya ku rugero runaka ingendo z'abashaka kwinjira muri ico gihugu
Insiguro y'isanamu, Ibihugu vyo mu karere Amerika yafatiye iyo ngingo. Mu mezi aheze Uburundi bwashizwe ku rutonde Amerika yafatiye ingingo zigabanya ku rugero runaka ingendo z'abashaka kwinjira muri ico gihugu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Haraciye amezi make ubu bushikiranganji bukomeje amategeko yo kuzibira abarondera kwinjira muri Amerika bava mu bihugu Trump abona ko bashobora kubangamira umutekano w'igihugu, harimwo Uburusiya, Irani, Afghanistani n'ibihugu bitari bike vya Afrika.

Inyuma y'uko umwimukira ava muri Afghanistani yagirijwe kurasa babiri mu bajejwe umutekano i Washington, DC, ubutegetsi bwaciye buzibira canke bugabanya uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu ku banyagihugu bava mu bihugu 19. Muri Kigarama (12) umwaka uheze, uru rutonde rwariyongereye inyuma yo kwongerako ibindi bihugu bitanu hamwe n'abafise impapuro z'inzira zitangwa n'ubutegetsi bwa Palestina.

Uburundi ntiburi kuru uru rutonde rw'abatemerewe guhabwa ama-visa y'ubwimukira, ariko busanzwe buri ku rutonde rw'ibindi bihugu 19 nyene abavyo batemerewe kwinjira muri Amerika ku rugero kanaka.

Amadosiye y'abasaba ubuhungiro, abasaba ubwenegihugu hamwe n'abarondera gusaba uburenganzira bwo kuja kuba no gukorera muri Amerika biciye mu mugambi uzwi nka Green Card, bava muri ivyo bihugu 19 bifatwa n'iyi ngingo, vyose vyarahagaritswe.

Hagati aho, uruhigi ku bafatwa nk'abimukira baba muri Amerika bidaciye mu mategeko rurabandanya mu ntara zitandukanye za Amerika.

Ingabo z'igisata kizwi nka ICE (Immigration and Customs Enforcement) zirabandanya zikiyogoza irya n'ino muri Amerika, aho mu bisagara bimwe bimwe nka Minneapolis harangwa imyiyerekano yo kwiyamiriza izi ngabo.