CAN 2025: Diaz azomara imyaka n'iyindi mu ndoto mbi cane inyuma yo guhusha 'Panenka'

Brahim Diaz wa Maroc yabonetse nk'uwucitse intege inyuma yo guhusha penalty muri final ya CAN 2025

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Brahim Diaz yagomba abe incungu ya Maroc imbere y'uko afata ingingo yamubereye akaga yo kugerageza 'Panenka' kuri penalty ataco yavuyemwo
    • Umwanditsi, Neil Johnston
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC
    • Umwanditsi, Joe Rindl
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC

Brahim Diaz agiye kuba mu mubabaro wa buri gihe mu kiringo c'imyaka itari mike iri imbere.

Uno mukinyi wo ku ruhande w'umurwi nserukiragihugu wa Maroc yari agiye kwandikisha izina mu gihugu inyuma ya penalty (umupira utererwa ku metro 11 uvuye kw'igori, aho aba ahanganye n'umunyegori wenyene) Maroc yahawe ku munota ugira umunani w'iminota y'inyongera mu gice ca kabiri, ariko akaba yahushije aka karyo ko gutsinda, urukino ruca rurangira ari 0-0.

Ni ukuvuga ko aka kari akaryo kadasanzwe, muri uru rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika rwayihuje na Senegal nijoro ku wa Mungu, kagomba gatume Maroc irangiza inyota y'imyaka 50 imaze idakabakavye iki gikombe ca Afurika .

Ariko rero Diaz, n'ibitsindo vyiwe bitanu yinjije muri iri higanwa - ibi bikaba biri mu vyahaye Maroc akaryo ko gushika mu rukino rwa nyuma rw'iri higanwa - yagerageje gutera umupira mu buhinga buzwi nka 'Panenka' aho uwutera umupira agerageza kuroba umunyegori, ariko Edouard Mendy, umunyegori wa Senegal, akaba yarihagazeko arawusama.

Uno mukini yahoze akinira Manchester City yo mu Bwongereza akaba mbere ari we mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi muri iri higanwa, yabonetse nk'uwataye umutwe inyuma yo kubona ko ivyo yakoze vyabaye akaga ku murwi wiwe. Mu nyuma amakamera yagiye kumwibandako cane mu kumwerekana ingene yariko arwana no kuzibira amosozi yariko akoroka.

Imbere y'uko atera iyi penalty, vyabaye ngombwa ko uno musatirizi wa Real Madrid abanza kurindira ikiringo c'iminota yababa 17, inyuma y'uko abakinyi hafi bose ba Senegal, harimwo n'umunyegori Mendy, bavuye mu kibuga mu kwiyamiriza iyi penalty.

Umumenyereza wa Maroc, Walid Regragui, ati: "Vyamutwaye umwanya kugira ngo atere iyi penalty, ibi ni vyo bishobora kuba vyaramutesheje umutwe.

"Ariko ntaco dushobora guhindura ku vyabaye. Uko ni ko yahisemwo mu gutera iyi penalty. Ubu dutegerezwa kuraba imbere".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Inyuma y'uko urukino rurangiye ata murwi n'umwe ushoboye gutsinda, haciye haba ca gihe c'inyongera y'iminota 30.

Ku munota wa kane iki gihe gitanguye, Pape Gueye yahohosheje Diaz n'umurwi nserukiragihugu wose wa Maroc, mu gutera igitsindo cahaye intsinzi Senegal.

Hassan Kachloul yahoze akina hagati mu murwi nserukiragihugu wa Maroc, yabwiye imboneshakure Channel 4 ati: "Nibaza ko Brahim Diaz agiye kumara amajoro atari make mu ndoto mbi cane".

Daniel Amokachi yahoze ari umusatirizi wa Nigeria ati: "Brahim Diaz yapfishije ubusa ibihe vyiwe vyose vy'iteka yagize, mu kwinjiza ibitsindo bitanu muri iri higanwa".

Eka na Jon Obi Mikel yahoze akina hagati muri Nigeria ni ko abibona, aho yavuze ko guhusha iyi penalty "vyishe ibitangaza vyose Brahim Diaz yakoze muri iri higanwa".

Yongerako ati: "Agiye kuba mu mubabaro utagira urugero. Ntibizomworohera na gato mu kiringo c'amayinga atari make, amezi atari make".

Efan Ekoku na we nyene yahoze akinira Nigeria yagize ati: "Iki ni igihe Brahim Diaz atazokwigera yibagira".

Ni ibiki vyabaye?

Urukino rwasa n'urwari rurangiye ari 0-0 imbere y'uko El Hadji Malick Diouf aboneka ko yataye hasi Diaz mu minota ya nyuma y'inyongera mu gice ca kabiri c'urukino.

Vyabaye ngombwa ko umuhagarikizi ava muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo Jean-Jacques Ndala arungikwa kuri videwo iri ku mpande z'ikibuga kugira ngo arabe neza ivyabaye, muri bwa buhinga buzwi nka VAR, aho ku munota wa 98 yerekana ko ari penalty.

N'uburakari bwinshi inyuma y'ingingo yo guhakana igitsindo ca Senegal ku munota wa 93, umumenyereza wa Senegal Pape Thiaw yagerageje gusaba abakinyi biwe kuva mu kibuga, mbere abatari bake barasohoka.

Sadio Mane yahoze ari umusatirizi wa Liverpool yagumye mu kibuga , aguma yinginga bagenziwe kugaruka kugira ngo barangize urukino.

Igihe iyi penalty yaza guterwa ku munota wa 114, umunyegori Mendy ntiyajugumiye kuri iyi Panenka ya Diaz, urukino rurangira ari 0-0.

Ku munota wa kane w'igice ca mbere c'igihe c'inyongera Pape Gueye yinjije igitsindo cahaye intsinzi Senegal. Inyuma y'iminota mike, Diaz yarasubirijwe.

'Panenka' ni iki, abandi bayigerageje ni ba nde?

Igihe Maroc yaherukira gutsindira ihiganwa rya Afrika ni na wo mwaka hatewe penalty ya mbere mu buryo bwa Panenka.

Ico gihe, icahoze citwa Tchécoslovaquie yatsinze icahoze citwa Ubudagi bw'Uburengero mw'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya ryo mu 1976 (Euro 1976), kuri penalty kumbure ishobora kuba ari yo ya mbere nziza cane muri kahise k'umupira w'amaguru.

Mu gihe c'ama-penalties, umukinyi wo hagati Antonin Panenka yabanje kurorera umunyegori abanza kwarara aja i bubamfu bwiwe maze nawe aramuroba atera umupira hagati mw'igori, ata n'inguvu nyinshi ashizemwo.

Kuva ico gihe, ubwo buhinga budasanzwe bw'uno mukinyi bwahavuye bumwitirirwa, 'Panenka', bwagiye busubirwamwo n'abakinyi b'ibihangange batari bake.

Benshi baribuka ingene Zinedine Zidane yinjije igitsindo mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu 2006, arovye umunyegori w'Ubutaliyano Gianluigi Buffon.

Andrea Pirlo na we nyene yarinjije kuri Panenka, arovye umunyegori Joe Hart igihe Ubutaliyano bwatsinda Ubwongereza ku ma-penalties mu rukino rw'igice ca kane gishira ica nyuma ca Euro 2012. Sergio Ramos na we nyene yarinjije igitsindo nk'uko nyene igihe Espagne yakuramwo Portugal mu rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma muri iryo higanwa nyene.

Lionel Messi, Cristiano Ronaldo, Thierry Henry, Neymar na Zlatan Ibrahimovic na bo nyene barinjije ibitsindo kuri ubwo buhinga.

Ariko Diaz si we mukinyi wenyene abigerageje bikanka. Zidane na Pirlo bompi barahushije Panenka mu myaka ya mbere y'umwuga wabo. Sergio Aguero, Raheem Sterling na Peter Crouch bose barabigerageje biranka.

Muri uku kwa mbere, umunyegori wa Brentford Caoimhin Kelleher aherutse gukurayo umupira wa Panenka wa Enzo Le Fee w'umurwi Sunderland mw'ihiganwa ry'Ubwongereza.

Mu 2020, Ademola Lookman wa Fulham yarananiwe biteye ubwoba ku mupira wa nyuma wari utewe mw'igori urukino rukarangira itsinzwe na West Ham 1-0, Panenka yiwe ikaba ifatwa nk'iyiri mu za mbere zimaze guterwa nabi cane muri iyi myaka ya vuba.