CAN 2025: Ingene Tanzania yanditse izina mu gushika mu gice c'umunani gishira ica nyuma

Abakinyi batatu ba Tanzania bigina igitsindo co kunganya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tanzania, ku ncuro ya kane yitabira ihiganwa ry'igikombe ca Afrika (CAN/AFCON), igiye ishika mu nkino z'igice co gukuranamwo ku ncuro ya mbere

Tanzania yandikishije izina mu mupira w'amaguru muri Afrika, aho mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika ry'uno mwaka, CAN/AFCON 2025, yaraye ishitse mu gice c'umunani gishira ica nyuma, amahirwe yaronse nk'umwe mu mirwi ine myiza iza mu mwanya wa gatatu mu mirwi yarimwo, ikaba yasumbije Angola ku bitsindo.

Ni intambwe ishitseko ata rukino na rumwe irigera itsinda, kandi ifise amanota abiri gusa mu murwi C, inyuma yo kunganya mu nkino zibiri yakinye, igatsindwa rumwe gusa, igihe yakina na Nigeria yayitsinze 2-1.

Yaronse aya mahirwe kubera mu nkino zitatu zose imaze gukina yagiye yinjiza igitsindo kimwe kimwe, aho ubu ifise bitatu yinjije mu nkino zayo na Nigeria, Uganda na Tunisia.

Taifa Stars (umurwi nserukiragihugu wa Tanzania) ibaye iya mbere ishitse mu gice c'umunani gishira ica nyuma mu gikombe ca CAN/AFCON n'amanota abiri gusa, kuva iri higanwa ryaguwe rigashika ku mirwi 24 mu 2019.

Mu rukino rwa nijoro, igitsindo ca Ismael Gharbi wa Aigles du Carthage (umurwi nserukiragihugu wa Tunisia ) yinjije ku munota wa 43 kuri penalty caciye intege abakunzi ba Taifa Stars, ariko abakinyi bo ntibacitse intege, aho igice ca kabiri gitanguye, ku munota wa 48 Feisal Salum yakigomboye, urukino rurangira ari 1-1.

Tunisia yaronse iyi penalty inyuma y'uko umuhagarikizi w'urukino Jean Jacques Ndala Ngambo yitabaje bwa buhinga bwa videwo (VAR) mu kwemeza ko Ibrahim Hamad yakoreye ikosa Hazem Mastouri, mu kumuta hasi yamuboshe kw'izosi n'ukuboko muri ca kibanza ca 'mukore umbone', igihe uno musatirizi wa Tunisia yariko arwanira umupira wa coup-franc yari itewe na Hannibal Mejbri.

Si bwo bwa mbere habaye igihugu gitera intambwe nk'iyi muri ubu buryo muri kahise k'ihiganwa rya Afrika AFCON, aho hari ibihugu vyaciye muri iyi nzira bikaruhira gushika ku bintu bikomeye. Nk'akarorero, Benin yarashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma mu 2019 ariko itigeze itsinda urukino na rumwe mu nkino z'imirwi.

Eka na Côte d'Ivoire ari nayo isanzwe ifise iki gikombe ubu, na yo nyene yaciye mu nzira nk'iyi ya Tanzania, yarangije inkino zo mu mirwi iri mu mwanya wa gatatu, ariko iza gutahukana igikombe ca 2023.

Amri Kiemba, yahoze ari rurangiranwa mu mupira w'amaguru muri Tanzania ubu akaba ari umuhinga yihweza ibintu n'ibindi muri uru rukino, agira ati: "Sinari niteze ko boshika mu gice c'umunani gishira ica nyuma, ni intambwe idasanzwe".

Mu nkino z'igice c'umunani gishira ica nyuma zizotangura ku wa gatandatu itariki 3 Nzero (1), Tunisia i Casablanca izohangana na Mali yahejeje ari iya kabiri mu murwi A, bukeye naho Tanzania nayo ihure na Maroc, igihugu categuye iri higanwa ry'uno mwaka, i Rabat.

Uruhara rw'umumenyereza wa Taifa Stars Miguel Gamondi ni kirumara mu ntambwe Tanzania ishitseko, aho yerekanye ubushobozi bwo gusoma urukino, gukenyura mbere akanarindisha abakinyi biwe iyo baramutse bahura n'umurwi ukomeye.

Kuva uno munya Argentine atanguye kumenyereza umurwi nserukiragihugu wa Tanzania, Taifa Stars yerekanye ko ari umurwi utunganijwe neza, ufise discipline, kandi werekana ishaka ryinshi gushika ku munota wa nyuma.

Imirwi yashitse mu gice c'umunani gishira ica nyuma

  • Maroc
  • Mali
  • Misiri
  • Africa y'Epfo
  • Nigeria
  • Tunisia
  • Tanzania
  • Senegal
  • RD Congo
  • Benin
  • Algeria
  • Burkina Faso
  • Sudan
  • Côte d'Ivoire
  • Cameroun
  • Mozambike