Artemis II: Imbere mu kigendajuru cashikanye kiremwamuntu mu micungararo ya hafi cane y'Ukwezi ku rugero rutari bwabeho

Ku ncuro ya mbere inyuma y’imyaka irenga 50, kiremwa muntu yasubiye ku kwezi – urugendo rwa mbere rwa kure rutari bwigere rubaho uvuye kw’isi.

Muri ubu butumwa bwuzuye ibitangaza, ariko kandi bushobora kubamwo ivyago vyinsi, abagendajuru bane baherutse gufata urugendo rw’ibirometero birenga ibihumbi 500 kuri uwo mubanyi wo m'ijuru, hanyuma bagaruke.

Ubutumwa Artemis II bwa Nasa buzoduha amashusho y’agatangaza y’Ukwezi be n’ugutahura gushasha ibikikije Ukwezi.

Buzotegura inzira y’ugushika ku Kwezi, bishobora kurangira hubatswe n’ikirindiro co ku Kwezi - intambwe ya mbere yacu mu kwiga ingene twoba ku wundi mubumbe.

Ariko uru rugendo rurimwo ingaruka zikomeye – abari muri rwo bagiye mu kigendajuru kitari bwigere gikoreshwa na kiremwamuntu na rimwe.

Hitezwe kandi n’ingorane z’umuntu ku giti ciwe: abo bagendajuru bazomara imisi 10 barundaniye ahantu ahantu hangana na bisi (bus) ntoya.

None ubu butumwa vyari vyitezwe ko bukora gute?

Kizigenza w'ubu butumwa
"Ni ubutumwa bw'igerageza kandi twiteguriye ikintu cose gishobora gushika...Ni ikintu kizoba gitangaje"
Ifoto y'umutwe wa Kizigenza Reid Wiseman hagati mu kiyago. Ni umuntu asa n’umunonotsi; umuzungu, w'imyaka iri hagati na hagati, afise umushatsi mugufi n’amaso y’ubururu.
Reid Wiseman
Kizigenza w'ubu butumwa

Urugendo rugana ku Kwezi ruratanguye

Abagendajuru batanguriye urugendo rwabo ku kirokete mbarutso ca Nasa (Space Launch System, SLS) kirungikirwako ubutumwa bwo ku Kwezi.

Ni ikirokete ca mbere gikomeye igisata ca Amerika kijejwe ivy'ikirere carungitswe ku kigo Kennedy Space Center kiri Cape Canaveral, Florida.

Missing required parameter : No images defined in vocabs

N’uburebure bwa metero 98 ihagaze, SLS yari imaze kuguruka rimwe gusa - mu 2022, igihe yatangura ubutumwa Artemis I ata bantu barimwo.

Gifise ibirokete mbarutso bibiri binini cane n’amamoteri ane agiha inguvu zo kuva hasi

Igice c'ibara ry'umucungwe ahanini ni itangi rinini cane ry'igitoro - ririmwo amalitiro arenga imiliyoni zitatu y’umuka wa hydrogène y'amazi hamwe n'umwuka wa oxygène y'amazi.

Igikorwa ca SLS ni ukwikorera ikigendajuru Orion — kiri kw’isonga rya ca kirokete kandi kirimwo abagendajuru bagiye mu kirere

Iyo hagize ikigenda nabi mu ntango y’irungikwa ry’iki kigendajuru, ku gasongero k’iki kirokete hari ubuhinga bwa Launch Abort System buca bushiburira aba bahinga b’ikirere mu kibanza c’umutekano.

Irungikwa ry'iki kigendajuru ni kimwe mu bice bigoye cane vy'ubu butumwa - ibintu vyose bitegerezwa kuba ata na kimwe cononekaye.

Aba bagendajuru bose bavuga ko bicarana n'imiryango yabo kugira ngo bavugane ku ngorane zishobora kubamwo.

Umudereva
"Twese tuba dufise umuntu, umuhinga mu vy'ikirere, agumana n’umuryango wacu mu gihe baba bariko bakurikirana irungikwa ry'ikigendajuru, rishobora kuba igitangaza kandi riteye ubwoba icarimwe".
Ifoto y'umutwe wa Victor Glover, umudereva wa Orion. Ni umugabo w’umwirabure w’imyaka igereranye, w'ubuhanza, yafashwe isanamu ariko avuga ubona ko yavyuye umunkanyari mu gihe yariko yishura ikibazo.
Victor Glover
Umudereva

Abagendajuru

Glover ni umwe muri aba bagendajuru bane - Abanyamerika batatu n’Umunya-Canada umwe - bari bamaze igihe kirenga imyaka ibiri bariko baritegurira ubutumwa bwa Artemis II. Bafise uburambe bw’imyaka myinshi, n’aho hari umwe atari bwigere aja mu kirere na rimwe.

Ifoto ya NASA yerekana Reid Wiseman yambaye umwambaro wiwe w’akazi w’irangi ry’umucungwe, imwerekana kuva hejuru y’umukondo. Umuco ukaze cane urasira mu maso ku ruhande rwiwe w’i buryo, mu gihe urundi ruhande ruri mu gitutu, ibi bikamutuma aboneka nk’intwari, ariko kandi biboneka mu maso ko ashaka kumwenyura.

Reid Wiseman  Flag of United States

Uruhara | Umukomanda
Kahise | Umukukuruke mu gisirikare kirwanira mu mazi
Ubumenyi mu vy’ikirere | Imyaka 16
Umwanya yamaze mu kirere | Amezi 6

Reid avuga ko kuva kera akunda kuja mu kirere, ariko ko ari hasi atinywa kwurira hejuru.

Ifoto yemewe ya NASA yerekana Victor Glover yambaye umwambaro wiwe w’akazi w’irangi ry’umucungwe, imwerekana kuva hejuru y’umukondo. Araba neza muri kamera, akaboneka nk’uwutikoma.

Victor Glover Flag of USA

Uruhara | Umudereva
Kahise | Yahoze ari umudereva wo kugerageza indege
Ubumenyi mu vy’ikirere | Imyaka 12
Umwanya yamaze mu kirere | Amezi 6

Igihe yari mu gisirikare, Victor yari azwi kw’izina ry’ubuhizi nka IKE, risigura Nzi vyose (I Know Everything).

Ifoto ya NASA yerekana Christina Koch yambaye umwambaro wiwe w’akazi w’irangi ry’umucungwe, imwerekana kuva hejuru y’umukondo. Umuco ukaze cane umurasirako bikamutuma aboneka nk’intwari. Araba muri kamera nk’uwutangara ariko kandi afise ishaka.

Christina Koch Flag of USA

Uruhara | Umuhinga w’ubu butumwa
Kahise | umuhinga mu vyo umuyagankuba
Ubumenyi mu vy’ikirere | Imyaka 12
Umwanya yamaze mu kirere | Umwaka

Christina yandikishije izina igihe yaja mu kigendajuru cagiyemwo abagore gusa ari ku kigo mpuzamakungu c’ikirere (ISS).

Ifoto ya NASA yerekana Jeremy Hansen yambaye umwambaro wiwe w’akazi w’irangi ry’umucungwe, imwerekana kuva hejuru y’umukondo. Afise umushatsi mugufi, akaboneka nk’umugabo afise igihagararo, ariko kumbure, asa n’uwutishimiye cane gufatwa ifoto.

Jeremy Hansen Flag of Canada

Uruhara | Umuhinga
Kahise | Umudereva w’indege z’intambara
Ubumenyi mu vy’ikirere | Imyaka 16
Umwanya yamaze mu kirere | Nta na rimwe

Uno munyacanada yagiye yitwaje utunyobwa n’udusuguti twa érable mu rugendo rwiwe rwo ku Kwezi.

Ifoto ya NASA yerekana Reid Wiseman yambaye umwambaro wiwe w’akazi w’irangi ry’umucungwe, imwerekana kuva hejuru y’umukondo. Umuco ukaze cane urasira mu maso ku ruhande rwiwe w’i buryo, mu gihe urundi ruhande ruri mu gitutu. Biboneka ko ashaka kumwenura.

Reid avuga ko kuva kera yamye akunda kuja mu kirere, ariko ko ari hasi atinya kwurira ahantu hejuru.

Ifoto yemewe ya NASA yerekana Victor Glover yambaye umwambaro wiwe w’akazi w’irangi ry’umucungwe, imwerekana kuva hejuru y’umukondo. Araba neza muri kamera, akaboneka nk’uwutuje.

Victor Glover Flag of USA

Uruhara | Umudereva
Kahise | Yahoze ari umudereva wo kugerageza indege
Ubumenyi mu vy’ikirere | Imyaka 12
Umwanya yamaze mu kirere | Amezi 6

Igihe yari mu gisirikare, Victor yari azwi ku ritazirano rya IKE, bisigura I Know Everything (ni ukuvuga: Nzi vyose)

Ifoto ya NASA yerekana Christina Koch yambaye umwambaro wiwe w’akazi w’irangi ry’umucungwe, imwerekana kuva hejuru y’umukondo. Umuco ukaze cane umurasirako bikamutuma aboneka nk’intwari. Araba muri kamera nk’uwutangara ariko kandi afise ishaka.

Christina Koch Flag of USA

Uruhara | Umuhinga w’ubu butumwa
Kahise | Umuhinga mu vy’umuyagankuba
Ubumenyi mu vy’ikirere | Imyaka 12
Umwanya yamaze mu kirere | Umwaka

Christina yandikishije izina igihe yaja mu kigendajuru cagiyemwo abagore gusa ari ku kigo mpuzamakungu c’ikirere (ISS).

Ifoto ya NASA yerekana Jeremy Hansen yambaye umwambaro wiwe w’akazi w’irangi ry’umucungwe, imwerekana kuva hejuru y’umukondo. Afise umushatsi mugufi, akaboneka nk’umugabo afise igihagararo, ariko kumbure, asa n’uwutishimiye cane gufatwa ifoto.

Jeremy Hansen Flag of Canada

Uruhara | Umuhinga
Kahise | Umudereva w’ indege y’intambara
Ubumenyi mu vy’ikirere | Imyaka 16
Umwanya yamaze mu kirere | Nta na rimwe

Uyu munya-Canada yagiye muri urwo rugendo atwaye umutobe n'ibisuguti vya érable

Iyo ubabonye bari kumwe, biragaragara neza ingene bazinanye n'ingene bakundana. Umukuru wabo Reid Wiseman avuga ko aba bantu bane bamaze igihe kinini bari kumwe, ubu barahuza muri vyose.

Aba bahinga bane mu vy’ikirere ba Artemis II bambaye impuzu zabo z’ibara ry’umucungwe, bahagaze hamwe mu nzu. Victor Glover na Reid Wiseman bahagaze barabana, hirya yabo haboneka Jeremy Hansen na Christina Koch. Basa n’abariko baragira umwihwezo inyuma y’aho kumbure hari ikitagenze uko bari bavyiteze mu myimenyerezo. Hirya yabo hari abandi bantu bahagaze, baraba ariko batari mu kiyago hagati y’aba bahinga mu vy’ikirere.
Nasa
Arongoye ubu butumwa
“Haragera igihe mutaba mukivugana - muguma mwumviriza gusa ibiriko biraba vyose, uko turi twese bane turarabana kandi tukaraba uko igikorwa kiriko kiragenda, mbere ntidukenera kuvuga — tuba tuzi ivyo gukora”.
Ifoto y’uwurongoye ubu butumwa Reid Wiseman yafashwe ariko aravuga. Ni umugabo anonotse; umuzungu; w’imyaka igereranye, afise imishatsi migufi afise amaso y’ubururu.
Reid Wiseman
Arongoye ubu butumwa

Ubuzima mu kigendajuru Orion

“Aba bahinga mu vy’ikirere bategerezwa kumara imisi 10 bacumbitse imbere mu gikono c’iki kigendajuru Orion - gifise ubwaguke bwa metero nka 5 n'uburebure bwo hejuru bwa metero 3 (15ft x 9ft)”.

“Ifoto yo ku ruhande yerekana abari mu gikono c’ikigendajuru. Kiriburungushuye ariko impera yaco yo hejuru irashashe. Uruhande rwaco rwo hanze rugizwe n’amakaro (carreaux) akozwe mw’ibumba akomeye cane yeragurika, hagati hakaba hari amadirisha abiri mato, azungurutswe n’impome zirabura. Hanze y’aya madirisha hari ayandi madirisha abiri mato cane kurusha. Hariho kandi utudirisha dutoduto tw’amabara yirabura n’ayasa n’umunyota hirya no hino ku ruhande rwaco rwo hanze. Igice co hasi gihese kigizwe n’amakaro manini y’ibara ry’ikivuvu, akingira iki kigendajuru ubushuhe”.

Kugira ngo abo bakozi bamenyere kuba mu kibanza gito nk’iki, bamaze igihe kinini bari kumwe uko bashoboye kwose. Hari n’ibihe bimwe bimwe baraye hamwe mu myimenyerezo ya Artemis.

Umurwi w’aba-injeniyeri ba NASA bambaye imyambaro yo mu kirere y’ibara ry’umucungwe bicaye mu gikono ca Orion cicaramwo abaja mu kirere. Imbere muri iki gikono haboneka ko haga, kuko ibice vyinshi vyuzuye ibikoresho canke imiringoti. Imbere ya bose, umu-injeniyeri yambaye umwambaro wo mu kirere aramwenyura, mu gihe agerageza kuryama canke guhaguruka aho yicaye. Hafi yiwe, hino rwose, hari umugore yambaye agapira k’ubururu n’inkofero y’ubururu nawe nyene aramwenyura araba ingene ahangayika. Hirya haboneka uwundi mugore yambaye agapira k’ubururu n’inkofero y’ubururu afise kamera, agomba afate ifoto. Inyuma yiwe hirya, haboneka uwundi mugore yambaye agapira gatukura yicaye kure yabo n’amaboko ku mavi, amwenyura araba ingene biriko bigenda muri iki gikono.
Nasa
Umuhinga muri ubu butumwa (metero 1.9)
“Ndiko numva ntanguye kugira isoni bukebuke ku bunini bwanje. Ni nk’aho Canada yahawe igikorwa kirenze urugero mu kundungika muri ubu butumwa”.
Ifoto ya Jeremy Hansen afise umushatsi mugufi, yafotowe ariko aravuga, yuguruye umunwa nk’uwuriko atwenga uwundi muntu.
Jeremy Hansen
Umuhinga muri ubu butumwa (metero 1.9)
Missing required parameter : No images defined in vocabs

Iki gikono kirasa n’ivyakoreshejwe mu ngendo z’ibigendajuru vya Apollo mu myaka 50 iheze, ariko imbere haratandukanye.

Muri aka kantu gato barimwo, aba bahinga bane bategerezwa kuhakorera, kuhinonorera, kuhafungurira no kuharyama.

Hariyo ibibanza bine vyari vyateguwe mu kurungika aba bahinga – bamaze gushika mu muzunguruko w’isi (orbit), izi ntebe ntizari zigikenewe, rero zashobora kuzingwa kugira ngo bagukirwe.

Kubera ko mu kirere batagira ibiro, baba bashobora gushika aho ari ho hose muri ico gikono, vyumvikana rero ko igipande gifise ivyuma vyo kugenzura iki gikono gishobora gushirwa no ku ‘gisenge’.

Hari imashini y’amazi irimwo amazi yo kunywa n’ayo gusubiza amazi mu vyo kurya.

Umw’umwe wese muri aba bari muri iki kigendajuru yaritekereye imfungurwa akunda muri uru rugendo.

Musi gato y’iki gifuniko, hari imashini ishobora gukoreshwa no mu kwinonora.

Abagendera mu kigendajuru bakwega umugozi iminota mirongo itatu ku munsi, kugira ngo bakore imyimenyerezo yo gukomeza imitsi no gufasha umutima gukorera neza.

Ariko birashoboka ko igikoresho gihambaye kuruta ibindi vyose kiri munsi y’isaso.

Ni ubwiherero – ikintu abagendajuru ba Apollo batari bafise imyaka mirongo itanu iheze.

Bwakozwe mu buryo budasanzwe kugira ngo vyorohe gukoresha ubwiherero mu kirere.

Ariko nta vyo mw'ibanga cane.

Umuhinga w'ubu butumwa
“Ku kigo mpuzamahanga c’ikirere (ISS), ubwiherero buri ukwabwo gusumba. Ariko ubwiherero bwacu… buri mw’isaso. Twese tuba turi umwo nyene, rero ibiberayo vyose, bose baravyumva. Rero, ni vyo, biratandukanye”.
Ifoto ya Christina Koch ariko aravugira muri micro. Akirije ukuboko kwiwe kw’ibubamfu kandi umuyaga uriko uhuha umushatsi uko avuga.
Christina Koch
Umuhinga w'ubu butumwa

Urugendo

Ishusho yakozwe n’imashini nyabwonko yerekana ikirokete ca SLS kiva ku kibanza kirungikirwako. Ni ishusho isa n’uko uwayifashe yakirabira hejuru kiriko kiza aho turi, inyuma yaco hari umwotsi wera uva mu moteri zayo zikomeye. Ibendera rinini rya Amerika rihometse ku gice co hejuru c’iki kirokete mu gihe cari gitanguye kuva aho hantu kuri iyi shusho.

Ubu butumwa bwo ku Kwezi, kugenda no kugaruka buzomaba imisi cumi .

Ku musi wa mbere vyari bitegekanijwe ko abagendajuru bazoshika mu muzunguruko w’Isi. Bazoba bari hejuru yayo – ku birometero vyababa 70.000. Kugira ngo twumve ko ari ikintu kitoroshe, Ikigo Mpuzamakungu c’Ikirere (ISS) kiri ku birometero 400 hejuru y’uno mubumbe wacu.

Bazotegerezwa kumenyera kuba mu kirere bareremba, kandi kuri Jeremy Hansen, atari bwigere aba mu buzima nk’ubu, bizomusaba ububangutsi mu kwiga kugira amenyere..

"Nibaza ko bizodusaba kubanza kumenyera gato kuri twebwe nitwahagera ... nzotegerezwa kwiga kureremba - no kwikubita ku bintu. Kandi kumbure nzokenera gufashwa gatoyi", - Jeremy Hansen, umuhinga muri ubu butumwa.

Aba bagendajuru bategerezwa kandi gucungera ibintu nyamukuru vy’ubuzima muri iki kigendajuru - kandi ivyo birimwo n’umumusarari.

Ni akaryo kuri aba bagendajuru kugendera muri Orion mu rugendo rwayo rwa mbere rw’igerageza.

Vyari bitegekanijwe ko inyuma y’amasaha atatu urugendo rutanguye, igice co hejuru - kizwi nka Interim Cryogenic Propulsion Stage (ICPS) – categerezwa kwitandukanya na Orion.

Ni ho rero bategerezwa kunyonga Orion bo nyene, begera bongera basubira kure ya ICPS, kugira ngo barabe ingene Orion yifata. Ni akaryo ko kwimenyereza gutura mu butumwa bwa kazoza.

Ishusho yakozwe n’imashini nyabwonko yerekana Orion iri mu muzunguruko w’Isi. Orion iracafatanye na ICPS – igice ca nyuma ca rokete ya SLS. Umuzunguruka w’Isi uboneka inyuma mu gihe Orion nayo isohora ama-panneaux solaires yayo ane ku mpande zayo.

Umurwi wa Artemis utegerezwa gufata ingingo ikomeye.

Mu gihe abagendajuru bazoba bari hafi y’Isi, kugaruka bisa n’ivyoroshe iyo hadutse ikibazo kidashobora gutorerwa umuti.

Rero vyari ngombwa ko abajejwe kugenzura ubu butumwa bategerezwa kuba bazi neza ko ata ngorane n’imwe ihari imbere y’uko batanga uburenganzira bwo gukora igikorwa gihambaye cane c’ubutumwa kizwi nka injection translunaire.

Aha ni igihe Orion yatsa imoteri yayo nkuru kugira ngo ive mu nguvu z'Isi hanyuma ifate inzira yo kwerekeza ku Kwezi.

Igishusho cerekana inzira y’intango y’ubutumwa mu muzunguruko w’isi. Umurongo w’ibara ry’umuyugubwe werekana inzira Orion yategerezwa gucamwo mu gihe izoba yitandukanije na ICPS hanyuma ikava mu muzunguruko w’Isi kugira ngo ifate inzira yerekeza ku Kwezi.

Ni urugendo rw'imisi ine, rungana n'ibirometero vyababa 370.000 uvuye kw'Isi

Abagendajuru bazozunguruka Ukwezi, no ku ruhande rwakwo rutaboneka, amasaha menshi bakazoyamara bakwihweza neza.

Umurongo w’ibara ry’umucungwe werekana ingene Orion izunguruka Ukwezi hanyuma ikagaruka kw’Isi. Iriko yegereza kw’Isi, igikono kijamwo abagendajuru kizokwitandukanya n’igice kijamwo ibikoresho imbere y’uko binjira mu kirere c’Isi imbere y’uko igikono cabo kirekura imitaka izogifasha gukorokera mw’ibahari Pasifike.

Urugendo rwo kugaruka ruzofata imisi ine rurangire igikono gishitse mw'Ibahari Pasifike

Igishusho cerekana inzira y’intango y’ubutumwa mu muzunguruko w’Isi. Umurongo w’ibara ry’umuyugubwe werekana inzira Orion yategerezwa gucamwo mu gihe izoba yitandukanije na ICPS hanyuma ikava mu muzunguruko w’Isi kugira ngo ifate inzira yerekeza ku Kwezi. Umurongo w’ibara ry’umucungwe werekana ingene Orion izunguruka Ukwezi hanyuma ikagaruka kw’Isi. Iriko yegereza kw’Isi, igikono kijamwo abagendajuru kizokwitandukanya n’igice kijamwo ibikoresho imbere y’uko binjira mu kirere c’Isi imbere y’uko igikono cabo kirekura imitaka izogifasha gukorokera mw’ibahari Pasifike.

"Mu gihe bazoba bari mu nzira, kugaruka ntibizoba vyoroshe canke vyihuta – abagendajuru bamaze igihe bitegurira uru rugendo rwabo rurerure mu micungararo y’Ukwezi no kugaruka.

Muri ico gihe, babandanya basuzuma iki kigendajuru, ariko kandi abagendajuru ubwabo bategerezwa gusuzumwa no gukurikiranwa.

Ni akaryo ko gukoresha aba bagendajuru mu bikorwa vy’igerageza – ivyo bariko bacamwo muri uru rugendo bizokwerekana ingaruka bizoba vyagize ku mibiri yabo kure cane mu kirere.

Imishwarara ni ikintu nyamukuru giteye impungenge, kuko Izuba rishobora kurekura uduce twonona umubiri kandi dufise ubushuhe bwo ku rwego hejuru.

Abagendajuru bitwaje akuma kitwa dosimètre kugira ngo babone urugero rw’imishwarara yabashikiriye. Bategerezwa kandi kwimenyereza gukoresha ubwugamo bwo kwikingira imishwarara, buri munsi y’isaso ry’ikigendajuru.

Bategerezwa kumenya ingene bashobora kubwinjiramwo ningoga mu gihe boshikirwa n’igihuhusi c’izuba.

Mu yindi myimenyerezo yo gufasha kwitegurira ivyoshika giturumbuka, harimwo kwinjira mu myambaro yabo y’ibara ry’umucungwe, izwi nka Orion Crew Survival System (OCSS).

Iyi myambaro yambarwa mu gihe c’ugutangura urugendo no mu gihe co kugaruka, kandi ikora nk’uburyo bwo kwikingira mu gihe hoba ikibazo mu gikono cabo".

Isanamu yerekana umwambaro Orion wo mu kirere w’ibara ry’umucungwe, hamwe n’ibimenyetso vyerekana uno mwambaro no kw’izipu ku bwirariro

Uno mwambaro umeze nk'akagendajuru kambarwa, karimwo umwuka kandi n'uburyo bw'ubutabazi mu gihe c'ingorane.

Iyo zipu yakozwe ku buryo budasanzwe kugira ngo uno mwambaro ushobora kwambarwa vuba cane.

Ishusho y’uno mwambaro wo mu kirere wa Orion w'ibara ry'umucungwe, kumwe n'inkofero, udupfukantoke, n’ibikoresho vy'ubutabazi mu rukenyerero n’ibimenyetso vyerekana kuri kimwe kimwe cose.

Mu bindi bikoresho harimwo ikibiriti inkofero ikomeye cane, yoroshe gufatanya n'ibikoresho vyo gutumatumanako.

Ibikoresho vy'ubutabazi bitanga impemu bikongera bigasohora impemu mbi, hanyuma uwambaye utu "dupfukantoke" dushasha ashobora gukoresha ata ngorane ubuhinga bwa none.

Ishusho y'ikigendajuru Orion y'ibara ry'umucungwe ata bimenyetso ifise.

"Mu gihe bazoba bari mu nzira, kugaruka ntibizoba vyoroshe canke vyihuta – abagendajuru bamaze igihe bitegurira uru rugendo rwabo rurerure mu micungararo y’Ukwezi no kugaruka.

Muri ico gihe, babandanya basuzuma iki kigendajuru, ariko kandi abagendajuru ubwabo bategerezwa gusuzumwa no gukurikiranwa.

Ni akaryo ko gukoresha aba bagendajuru mu bikorwa vy’igerageza – ivyo bariko bacamwo muri uru rugendo bizokwerekana ingaruka bizoba vyagize ku mibiri yabo kure cane mu kirere.

Imishwarara ni ikintu nyamukuru giteye impungenge, kuko Izuba rishobora kurekura uduce twonona umubiri kandi dufise ubushuhe bwo ku rwego hejuru.

Abagendajuru bitwaje akuma kitwa dosimètre kugira ngo babone urugero rw’imishwarara yabashikiriye. Bategerezwa kandi kwimenyereza gukoresha ubwugamo bwo kwikingira imishwarara, buri munsi y’isaso ry’ikigendajuru.

Bategerezwa kumenya ingene bashobora kubwinjiramwo ningoga mu gihe boshikirwa n’igihuhusi c’izuba.

Mu yindi myimenyerezo yo gufasha kwitegurira ivyoshika giturumbuka, harimwo kwinjira mu myambaro yabo y’ibara ry’umucungwe, izwi nka Orion Crew Survival System (OCSS).

Iyi myambaro yambarwa mu gihe c’ugutangura urugendo no mu gihe co kugaruka, kandi ikora nk’uburyo bwo kwikingira mu gihe hoba ikibazo mu gikono cabo"". "

Ifoto yerekana neza umwambaro w’ikirere wa Orion w’ibara ry’umucungwe, aho igice nkenerwa cashizweko ikimenyetso. Umwambaro - ukwiye neza buro mugendajuru kandi ufise impwemu mu gihe umwuka wotakara mu kigendajuru. Ingofero – ihwahuste kansi ikomeye, kandi yoroshe guhuza n’ibikoresho vy’itumatumanako. Ibikoresho ndokora buzima – bishobora gutanga impemu kandi bigasohora umwuka wa dioxyde de carbone umuntu ashobora kuba yamize. Udupfukantoke – turakomeye kandi umuntu atwambaye ashobora gukoresha ubuhinga bwa none bw’itumatumanako. Zipu – ituma umwambaro wambarwa vyihuta. Igice co hanze – kirinda umuriro kandi gifise ibara ry’umucungwe kugira ngo vyorohe ku bagendajuru kubona hanze bamaze gushika mw’ibahari.

Mu gihe hokwaduka ingorane bariko baja canke bava ku Kwezi, abo bagendajuru baca bihutira kwambara uno mwambaro – iyi mpuzu yakozwe ku buhinga bwo kubafasha kuguma ari bazima mu kiringo c’imisi ishika kuri itandatu mu gihe baba bariko basubira kw'Isi.

Aba bagendajuru kandi bategerezwa kwitabira ibipimo bigamije kwiga ingene umubiri wabo uhagaze n’inguvu z’imitsi yabo, n’uko udukoko tuba mu mibiri yabo duhindagurika, hamwe n’ubuzima bw’amaso n’ubwonko.

Bategerezwa kandi gufatwa ibipimo vy’amate yashirwa ku mpapuro zidasanzwe, imbere y’urugendo, mu gihe ruriko ruba no mu nyuma yarwo, kugira ngo basuzume uko ubwirinzi bw’umubiri bwabo buhagaze, kuko bushobora kugabanuka bari mu kirere.

Umuhinga w'ubu butumwa
"Ikintu kidasanzwe mu bijanye n’ikirere ni uko gihindura abasirikare b’umubiri wacu, kandi ibi birahambaye cane kuri twebwe no ku ncuti zacu. Benshi muri twebwe twaciye mu bintu nk’ibi igihe twaja kuri ISS, kandi vy'ukuri ivyo tubwirizwa kubitahura neza mu butumwa bw'igihe kirekire."
Ifoto ya Christina Koch ariko aravugira muri micro. Akirije ukuboko kwiwe kw’ibubamfu kandi umuyaga uriko uhuha umushatsi uko avuga.
Christina Koch
Umuhinga w'ubu butumwa

Amaso-mu-yandi n'Ukwezi

"Iki ni igihe isi yari imaze imyaka irenga mirongo itanu irindiriye: kiremwa muntu gusubira ku Kwezi.

Abagendajuru bazokuzunguruka gushika ku ruhande rwo hirya – uruhande tudashobora kubona turi kw’Isi – ku ntera y’ibirometro biri hagati ya 6.500 na 9.500 uvuye ku rusirusi rw’ukwezi.

Orion izohagararira iraba ku Kwezi kugira bakubone neza. Aba bagendajuru bazomara amasaha atatu yose bihweza Ukwezi, bafata amashusho, kandi biga ibijanye na kamere yakwo. Ivyo bizofasha gutegura no kwitegura neza urugendo rwo kuzogwa ku kwezi muri kazoza.

Ishusho nini y’Ukwezi kwonyene yerekana urusirusi rwakwo rufise ibinogonogo vyinshi.
Umuhinga muri ubu butumwa
"Bivanye n'igihe tugiriye, bivanye n'umuco wo ku ruhande rwo hirya rw'Ukwezi... twoshobora kubona ibice vy'Ukwezi bitigeze bibonwa n’amaso y'umuntu imbere y’aha. Kandi uvyemera canke utavyemera, amaso y'umuntu ni kimwe mu bikoresho vyiza cane vya siyansi dufise."
Ifoto ya Christina Koch ariko aravugira muri micro. Akirije ukuboko kwiwe kw’ibubamfu kandi umuyaga uriko uhuha umushatsi uko avuga.
Christina Koch
Umuhinga muri ubu butumwa

"Bari muri ico kibanza kidasanzwe, bazoshobora kubonera hamwe Isi n’Ukwezi barabiye mu madirisha ya Orion, Ukwezi kuri hafi cane, Isi nayo iri inyuma kure.

Buri mugendajuru wese yaremewe kwitwaza ibintu vyiwe bwite muri iki gihe kidasanzwe c’ubu butumwa. Ku bwa Victor Glover, ni Bibiliya be n’ibintu bimwebimwe vy’iragi ry’umuryango; kuri Christina Koch, ni amakete yandikiwe n’abakunzi biwe, na yo kuri Jeremy Hansen ni ibisharizo vy’Ukwezi vyambarwa n’umugore wiwe n’abakobwa babo batatu.

Reid Wiseman yahisemwo ikintu coroshe cane.

"Mfise urupapuro rutanditseko na kimwe hamwe n'ikaramu, kandi mfise igishika co kwandika ivyiyumviro bimwebimwe kuri ibi. Sinzi ico nokwitega, kandi sinshaka kugenda mfise ivyiyumviro bitari vyo", Reid Wiseman arongoye ubu butumwa.

Ishusho yakozwe n’imashini nyabwonko yerekana Orion mu muzunguruko w’Ukwezi. Orion yarekuye ama-panneaux solaires yayo ane kandi iri ku ruhande rw’Ukwezi, umuco w’izuba uva ku ruhande rw’i buryo urasira kuri uku Kwezi hagaca haboneka ibitutu binini mu binogo vyakwo. Uruhande rw’i bubamfu rw’Ukwezi - aho Orion iriko iraja – rwose ruri mu mwijima.

Ariko mu gihe aba bagendajuru bazoba bariko batangarira uku Kwezi igihe bazoba bariko barakuzunguruka, kizoba ari igihe gikomeye cane ku bakurikiranira hagufi ubu butumwa co kimwe n'umuntu wese akurikira ubutumwa muhira.

Igihe aba bagendajuru bazoba bariko bazunguruka Ukwezi, itumatumanako n’abari kw’Isi rizocika mu kiringo kiri hagati y’iminoa 30 na 50.

“Naho tudashobora kuvugana n’abari kw’isi be n’abagenzi bacu bari mu kirere ku kigo mpuzamakungu c’ikirere, noshima mu gihe isi yose, izi miliyaridi umunani z’abantu, boja hamwe maze bakadusengera gusa kugira ngo turonke ico kimenyetso hanyuma tugasubira kugaruka tukabonana n’abantu bose.” - Victor Glover, umudereva.

Igihe ubugenzuzi bw'ubu butumwa buzokwiruhutsa hanyuma itumatumanako rigasubira kugaruka, niho hazoba hageze ko aba bagendajuru batangura batangura urugendo rwabo rwo kugaruka kw’Isi.

Urugendo rwo kugaruka rushobora kubamwo akaga

Urugendo rwo kugaruka ruzofata iyindi misi ine. Ariko iki gice ca nyuma c’ubu butumwa ni kimwe mu bishobora kubamwo akaga kuruta ibindi vyose.

Kuri iki gikorwa ca nyuma, igice c’ingenzi kizotandukana n’ibindi vyose vy’iki kigendajuru, hanyuma iki gikono kizohindukira kugira ikibaho caco gikingira ubushuhe gikore akazi ko kwikorera ubushuhe bwinshi buzova ku rugendo rwo kugaruka, bigatuma abari muri co ata ngorane bagira.

Iki gikono kizokwanzaganya mu kirere c’umubumbe w’Isi ku muvuduko b’ibirometero 40.235 kw’isaha, mu bushuhe bwababa 2700oC – ni ukuvuga hafi inusu c’ubushuhe bwo ku rusirusi rw’Izuba.

Igishushanyo ca Orion iriko isubira mu kirere c’Isi. Igikono kiri hejuru y’ubuso bw’uno mugabane gikikujwe n’umuco uca ibibatsi cane mu gihe kiriko kiramanuka. Umwotsi w’ibara ry’umucungwe uboneka inyuma y’iki gikono.
Nasa

Abahinga baritayeho cane ikibazo c’iki gikoresho kizibira ubushuhe, kuko mu butumwa bwa mbere bwa Artemis butarimwo abantu cari carononekaye cane. Ariko ubu abahinga bari bizeye ko ikibazo gishobora kuba carakemutse.

Mu gihe iki kigendajuru kizoba kimaze gushika mu kirere c’isi ata nkomanzi, imitaka itari mike izorekurwa kugira ngo ntigihuruduke.

Aba bagendajuru bazokwururukira bukebuke mw’Ibahari Pasifike ku nkengera ibahari muri California, aho umugwi w’abatabazi uzoba ubarindiriye.

Iki gikono gishobora kugwa gihagaze, gicuritse canke kikagwira ku ruhande, imipira y’ibara ry’umucungwe azoca yuzuzwa umwuka mu kugifasha guhagarara neza kugira ngo abari muri co bashobore gusohoka ata nkomanzi.

Victor Glover avuga ko kugaruka kw’Isi ari co gice c’ubutumwa akunda cane.

Igikono ca Orion co muri Artemis I cariko gikurwa mw’ibahari n’ingabo za Amerika zirwanira mu mazi. Iki gikono kiriko kirerembeshwa mu mazi n’imipira itanu y’ibara ry’umucungwe ikizungurutse ku gasongero. Igice c’inyuma c’iki gikono gisa n’icahiye kubera ubushuhe igihe cariko gisubira mu kirere c’Isi. Hari ubwato buto bw’umupira burimwo abasirikare batandatu bambaye impuzu z’igisirikare n’inkofero, bureremba i bubamfu bufise umugozi mu mazi. Ubwato bunini bundi, buboneka kure inyuma, bumaze kuboherwa kuri iki gikono n’umugozi. Hari iyindi migozi ibiri iboheye kuri iki gikono imbere. Ntidushobora kubona neza ico iboheyeko ariko bisa nk’aho iriko ikwega buhoro buhoro iki gikono mu mazi.
Nasa
Umudereva
“Ndarindiranye igishika co kubona iyi mitaka itatu myiza cane n’ukungene kizokorokera mw’ibahari Pasifike. Ndazi ko aho ari ho umugore wanje azohumeka neza ubwa mbere, kandi ibi bisigura vyinshi kuri jewe. Ku miryango iki ni ikintu kitoroshe na gato, rero ndazi ko iki kizoba igihe kidasanzwe kuri we, bigatuma nanje kimbera ikidasanzwe”.
Ifoto y’umudereva wa Orion Victor Glover. Ni umugabo w’umwirabura w’imyaka iri hagati na hagati, w’igipara, yafashwe ifoto ariko aravuga yishura ikibazo.
Victor Glover
Umudereva

Igihe ubu butumwa buzoba burangiye, aba bagendajuru bazosubizwa ku butaka. Bizoba ari ubwa mbere bongera gusubira ku butaka bukomeye, biyumvira kuri uru rugendo rwabo rw’akataraboneka.

Bazoba binjiye mu mugwi w’abahinga badasanzwe – abagendajuru 24 bonyene ni bo bazoba bamaze kuzunguruka ukwezi.

Ariko iyi ni intango gusa y’ingendo za Artemis. Amakuru azokwegeranywa bizosuzumwa neza, kuko intambwe ikurikira izoba ikomeye kurushiriza: gusubiza abantu ku buso bw’Ukwezi, ico gihe kuhamara umwanya.

Ibipimo vy'igice c’ishusho na

Thomas Doykinitsas, Ammar Al Yasiri, Zoë Thomas, Fadi Jibara na Beam Immersive